Amakuru yo ku munsi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 21 Mukakaro 2024

Publié le 21 juillet 2024 par Rédaction

Turi ku musi w’imana igenekerezo rya 21 Mukakaro umwaka w’i 2024, ndabahaye mwiriwe ncuti  bagenzi mwashimye gukurikira radio inzamba agateka kawe, uwu ni wa mwanya w’amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera , nayo mukaba muyashikirizwa na Josephine Jones Nkunzimana , nkaba ndabahaye ikaze.

Ndasubiye kubaha ikaze muri ano makuru, hari abasirikare batatu  harimwo intwazangabo zibiri n’igisongerezi bamaze imisi bafungiwe mw’ibohero rikuru ry a Mpimba bagirizwa kuba baranyuruje amafaranga yari yatanzwe n’umukuru w’igihugu ca Tchad ku basirikare bacungereye umutekano wiwe aho yaheruka kugira urugendo mu Burundi igihe bwahimbaza imyaka 62 bumaze bwikukiye. Iyo nkuru tiyibaze Bonfils Niyongere.

Urakoze Bonfils Niyongere , mu vyerekeye politike umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’akagwi bakorana , bari bakwiye gutanga imihoho kuko vyabananiye gutora inyishu zibibazo bihanze Uburundi. Ivyo bivugwa n’urunani CNARED ruhurikiyemwo abanyepolitike batavuga rumwe na leta. Ni inyuma y’umwiherero abagize urwo runani bahoramwo. Urwo runani rukabonako Evariste Ndayishimiye nabo bakorana badatanze imihoho , abanyagihugu bazofata ibintu mu minwe. Rukababazwa nuko hari akagwi k’abasirikare gafatiye amaboko imugongo igihugu gakorera  , kagatuma igihugu kiguma gisubira inyuma. Dutegamatwi Onesime Nduwimana umunyamabanga nshingwabikogwa mu runani CNARED.

Tubandanije nano makuru tweabateguriye abakoloni bababirigi baranyegeje amabuye y’agaciro ivyo bita ubutare,  kugirango bagumize Uburundi mu bukene .Ivyo ni ibivugwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye , hari ejo ku wa gatatu muri komine Busoni mu ntara ya Kurundo , ni mu gihe yari ahejeje kugendera ikinogo kirekire , aho yiboneye ubutare bwinshi bwari bunyegejeyo . Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yasavye abarundi bose gukora , bakima  amatwi abanyamahanga badashaka iterambere ry’igihugu .

Urunani CFOR – ARUSHA ruhurikiyemwo abanyepolitique batavuga rumwe na leta , rubonako igikomeye atari ukwidoga bagiriza aba na bariya , igikomeye ahubwo ngo nuko hokorwa ikarata y’Uburundi nshasha ijanye n’ubutare ,  hagashigwaho na politike y’igihugu ijanye no gucukura ubwo butare . Twumvirize Frederic Bamvuginyumvira arongoye urunani  CFOR ARUSHA.

Mu gisata c’amagara y’abantu h, ari ingwara itaramenyekana kandi yandukira imaze gutera mu Burundi aho yatanguye kwibonekeza muri komine Mugamba muntara  ya Bururi ikaba yarahitanye umwana w’imyaka icenda. Mubimenyetso vyayo hakaba harimwo ibihere vyinshi vyaduka kumubiri wose. Amakuru dukura muri komine Nyabiraba muntara ya Bujumbura,  akatumenyesha ko naho nyene iyo ngwara  imaze kuhashika. Abanyagihugu basaba abajejwe igisata c’ubuvuzi gukora ibishoboka vyose kugira ntikwire igihugu cose. N’inkuru tubaza Alexandrine keza

Ibipimo  ngo  vy’imfatikabanza vyakozwe n ;ikigo INSP muriyi misi ,  ngo vyerekana ko ata muntu yishwe n’ikiza c’akaranda kivugwa ko cateye mugihugu. Vyemezwa na Lydwine Baradahana umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa kane. Uyo mushikiranganji akavuga ko hari ibindi bipimo biriko birakoregwa mukigo cabinonosoye  kiri mugihugu ca Ouganda. Ariko naho biruko,  uyo mushikiranganji ahamagarira abarundi kwikingira indwara zivyaduka mugukurikiza neza amabwiriza y’abaganga. Kurikira

Umuntu yafashwe n’ingwara y’ibihara vy’inguge bita Variole de singe , akwiye gufata imiti ari ahantu hawenyene kuko iyo ngwara yandukira cane. Mukuyikinga naho, abajejwe amagara y’abantu bakwiye kwiyumvira urucanco rwa Variole , rwizewe gushika ku bice 90 kw’ijana. Ivyo bivugwa na Come Konakuze n’umuhinga mu vy’indwara z’ivyaduka, tumukurikire.

Ni ngaha rero duciye dusozerera amakuru makuru makuru yavuzwe muri iyi ndwi turiko turasozera kuri radio inzamba agateka kawe , mwakoze mwebwe mwese  mwayakurikiye, Josephine Jones Nkunzimana nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa muvyanyu no mubanyu ,  nahubutaha.

Ibindi bisa n'ibi