Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Mukakaro 2024

Publié le 22 juillet 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 22 Mukakaro 2024. Ayo twabateguriye tuyahere kungingo nkuru nkuru zikurikira.

 

  • Hari abantu bane baraye bishwe muri commune Gisuru y’intara ya Ruyigi. Imvo ya vyose n’impari zadutse hagati y’abasore babiri mwijoro ryo kuruyu wa mungu. Ubwo bwvanyi bukaba bwakweze icuka kibi hagati y’abanyagihugu bi Gisuru nabo muntara ya Bubanza. Muraza kubikurikira

 

  • Hari umugabo nawe yaraye yishe umugore wiwe nawe aca ariyica munyuma. Ivyo navyo vyabereye muri commune Tangara y’intara ya Ngozi biturutse kundyane zari murugwo rugo. Abashinzwe intwaro bagahamagarira abubakanye kwitura inzego zibijejwe mugutora inyishu y’ibibazo.

 

  • Kur’iri genekerezo rya 22 Mukakaro naryo ritwibutsa imyaka umunani irumanye umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru IWACU anyurujwe akaburwa irengero. Gushika nuno musi akaba atawuramenya ivyashikiye uwo mumenyeshamakuru. Mu runani rw’abamenyeshamakuru UBJ n’ubu rusaba ubutungane kuva mugacerere kuvyashikiye uwo mumenyeshamakuru. Kaze mwese

 

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke

 

Abantu bane baraye bishwe biturutse ku mpari zadutse hagati y’abasore babiri mw’ijoro ry’uyu wa mungu ku mutumba Kigamba, commune Gisuru, mu ntara ya Ruyigi.  Ubwo bwicanyi bukaba bwaciye buzana icuka kibi hagati yabanya Gisuru nabanya Bubanza. Mu gipolisi bakamenyeshako abantu babiri bagirizwa kwihanira bamaze gufatwa, urundi rwaruka rukaba rwatanguye guhunga kugutinya guhagarikwa. Ido n’ido na Evelyne Mukeshimana.

Abantu babiri nabo bubakanye barapfuye kuri uwu w’Imana biturutse ku bwicanyi. Umugabo yarishe umugore umugabo nawe ariyica munyuma.  Vyabereye ku mutumba Rushoka wo muri komine Tangara n’intara ya Ngozi. Inkuru ziva mu babanyi zikemezwa n’abajejwe intwaro aho muri komine Tangara, zikamenyesha ko ubwo bwicanyi bwaturutse ku ndyane zo mu muryango. Abajejwe intwaro muri iyo komine bagasaba abubakanye kwama bitura inzego zibijejwe mu gihe cose hari ikibazo hagati yabo cohava kiba intandaro y’ubwicanyi, bakirinda nyabuna ingeso y’ukwihanira. Inkuru ya Pierre Gahungu

Imyaka 28 yarirangiye kuruyu wamungu igenekerezo rya 21 Mukakaro habaye igitero c’abahoze mumugwi ugwana FDD  kigahitana abarundi bo mubwoko b’abatutsi abarenga 600 muri site y’abateshejwe izabo yo muri commune Bugendana y’intara ya Gitega. Mw’ishirahamwe AC Genocide Cirimoso rigwanya ibikorwa vy’ihonyabwoko bavuga ko abakoze ubwo bwicanyi aribo bari k’ubutegetsi muri kino gihe kandi nubu ubutungane ataco burakora kugira bahanigwe ivyo bakoze. Docteur Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga wa Ac genocide igisata ca Canada avuga iyi myaka iheze kandi hakiri imvugo y’amacakubiri ikihari mugihugu kandi idahanwa. Mw’itanganzo ryashizwe ahabona na AC Genocide bagasaba ishirahamwe ONU gushira mungiro ibijanye na Sentare mpanavyaha yerekeye ubwicanyi bwakozwe mu Burundi kugira ababukoze bahanwe benshi bahurikiye mumugambwe CNDD FDD. Kurikira

Uno musi naho igenekerezo rya 22 Mukakaro umwaka w’i 2024 , imyaka umunani irarumanye umumenyeshamakuru Jean Bigirimana yakorera ikinyamakuru IWACU anyurujwe akaburwa irengero. Gushika nuno musi akaba atawuramenya ukuri kw’inyuruzwa ryiwe. Urunani rw’abamenyeshamakuru bo mu Burundi UBJ rurasaba rishimitse ubutungane na leta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugirango ukuri kumenyekane kuvyabaye , abakoze iryo bara bahanwe kuri uwo mumenyeshamakuru,  co kimwe no ku bandi barundi banyurujwe muri ubwo buryo . Dutegamatwi Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru UBJ.

Abategetsi bahamagarirwa kutiyobagiza amagorwa y’abanyagihugu. Akamo ka patiri Viateur Ntarataze mu nkuka y’imisa yo ku musi w’Imana kuri cathédrale Régina Mundi i Bujumbura kerekana uko umwungere mwiza yigenza. Akaba yatanze akarorero k’aho mu Burundi abanyagihugu birirwa baraboroga ariko bamwe mu ndongozi bakaguma babashinyaguriza bavuga ko ibintu vyose bimeze neza. Ati bafise amahirwe ko ari intama zitekereje. Reka tumukurikire

 

Mugusozera, mumakuru y’inkino muri basket-ball, ihiganwa kurwego rw’igihugu rirabandanya. Gushika ubu, umurwi w’Urunani ukaba ariwo utaratsindwa na rimwe. Nayo ikibugu c’inkino za basket-ball gisakaye ngo kizoba cabonetse mukwambere kw’umwaka uza. Inkuru ya Alexandre Niyungeko.

 

Arakenuye Alexandre Niyungeko, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha

Ibindi bisa n'ibi