Turi kuwa gatatu n’igenekerezo rya 24 Mukakaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi, nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Kuruno wagatatu mugitondo hatowe inyandiko zitagira umukono nuri zone kinama ziyamiriza ubutegetsi bwa Evaritse ndayishimiye. Izo nyandiko zikavuga ko ubutegetsi buguma bushinyaguriza abanyagihugu ko babayeho neza kandi bari mumaganya n’ubukene butagira izina.
- Ubwoba ni bwinshi mumiratango yabafise ababo bapfungiwe mw,ibohero rikuru ryo Muruyigi.Bavuga ko ababo bashobora kw,itaba imana umwanya n,umwanya kuko bamaze iminsi itatu bafungurirwa ibiharage vyonyene.
- Muntara ya Muyinga naho havurwa abana bakora ibikorwa biruhisha batarakwiza imyaka,Iruhande yabakoreshwa mu mazu hari abandi birirwa barayerera mugisagara co kumurwa mukuru w’intara batembereza ibidandazwa bito bito bagataha amasaha yitereye..
Ndasubiye kubaramutsa no ngera ndabaha n,ikaze.
Inyandiko zitagira umukono zasubiye kwibonekeza. Mu gitondo co kur’uno wa gatatu zatowe muri zone Kinama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura. Kur’izo nyandiko Abarundi bakaba bahamagarirwa kwikura ubutegetsi bubi bubazingamitse mu magorwa atari bwa boneke. Izo nyandiko zikiyamiriza inyifato y’abategetsi yo kwama bariko barashinyaguriza abanyagihugu ko igihugu gihagaze neza kandi Abarundi bari mu bukene nta ngere. Ido n’ido ry’ibiri mur’izo nyandiko na Evelyne Mukeshimana…
Abaryango babanyororo bapfungiwe mw’ibohero rya Ruyigi, baratabariza ababo ko bashobora kwicwa na kigoyi hamwe atagikozwe. Ayo makuru yemezako abanyororo bamaze imisi itanu baronswa igifungurwa c’ibiharage conyene kuko ifu itakiboneka. Impande y’ivyo bibazo hakiyongerako ibibazo vy’isuku kuko iryo bohero ryugarijwe n’ubwinshi bw’abanyororo. Ido n’ido na Bonfils Niyongere.
Dutandukire igisata kijanye n,agateka k,abana haraciye igihe hibonekeza ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, abana batarakwiza imyaka yo gukora akazi, bakora ibikorwa biruhisha cane. Bamwe muri abo bana, ubasanga mu mabarabara batembereza ibiyoba, ivyamwa, amagi n’ibindi. Bakaba birigwa baragenda bakaryama amasaha agiye. Uwundi mugwi w’abo bana ni abakozi bo mu nzu nabo nyene batorohewe mu bikogwa bakora. Bose bakaba muri rusangi bari munsi y’imyaka 16. Inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe.
Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata kijanye n’amagara y’abantu aho ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwahagaritse gutanga impusha vyabifuza gukorera mugisata c’amagara y’abantu harimwo kwugurura ibitaro vyabikorera utwabo. Imvo ngo akaba aruko ubushikiranganji bwifuza gukingira igisata c’ubuvuzi na cane cane mukuronsa abanyagihugu ubuvuzi butagira akanenge. Côme Konakuze umwe mubahinga bakurikiranira hafi ibijanye n’igisata c’ubuvuzi mu Burundi avuga ko uburundi bwarenze kw’itegeko ry’ishirahamwe mpuzamakugu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS risaba ko igisata c’ubuvuzi co kwagurwa hisunzwe ibibazo bitandukanye bifatiye kungorane z’abanyagihugu aho baherereye. Tumukurikire.
Come konakuze abona nyabuna ko izo mpusha zari zikwiye gutangwa hisunzwe ibibazo bitandukanye abanyagihugu bafise mubijanye n’igisata c’amagara y’abantu. N’ubu nyene tumutege yompi.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi n,ahubutaha. Ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe Pierre Gahungu