Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 28 Myandagaro 2024

Publié le 28 août 2024 par Rédaction

Turi ku munsi wa gatatu, n’igenekerezo rya 28 Myandagaro umwaka w’2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye. Iri ni rya sango ry’amakuru mu kirundi twabateguriye, nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Imyaka 24 irarumanye hateweko igikumu ku masezerano y’i Arusha y’amahoro no kunywanisha abarundi hari kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro umwaka w’2000. Amasezerano abarundi bari bitezeko vyinshi. Kubwa Frederic Bnvuginyunvira arongoye urunani CFOR Arusha rwiyemeje guhabuza ayo masezerano abarundi bashitseko bigoranye, ngo birababaje kubona ubutegetsi bwa CNDD FDD bwateye umukono kuri ayo masezerano uno munsi bwarayahamvye.
  • Amezi abiri araheze Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishule Christ Roi ryo ku Mushasha yejejwe n’ubutungane ariko n’ubu akaba atararekurwa ngo yidegenvye. Umushingwamanza Janvier Bigirimana aratera ivyatsi iyo nyifato mbi y’ubutungane aho avuga ko igumizwa mu munyororo rya Emilienne Sibomana riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.
  • Abantu cumi n’icenda bakora mu gisata co gucukra ubutare n’ibo bapfuye baguweko n’ibihomoka kuva mu kwezi kw’icumi umwaka w’i 2023 gushika mu kwezi kwa gatatu kw’uno mwaka. Ivyo biri mucegeranyo cakozwe n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka aho usaba Leta ko ico gisata cotunganywa neza mukurinda impanuka zikunda kwibonekeza.
  • Aya n’ayandi ni mukanya

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere mu gisata ca politike. Imyaka 24 irarumanye hateweko igikumu ku masezerano ya Arusha yo kw’igenekerezo rya 28 z’ukwezi kwa 8 mu mwaka w’ 2000.Ayo masezerano nta yindi ntumbero yari afise atari ugufasha Abarundi kuva mu ndyane zifatiye kuri politike no ku moko ziri zihanze Abarundi. Ico gihe, inzirakarengane zaricirwa ku mabarabara, mu mazu canke ku kazi kabo bazira imvo za politike canke ubwoko bwabo. Inzira y’ibiganiro akaba ari yo yari isigaye kugira ngo Abarundi bave mu Ndyane bari mwo. Janvier Habarugira yabiduteguriye

Kubwa Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR ARUSHA rwiyemeje guhabuza ayo masezerano ngo ico gihe ayo masezerano aterwako igikumu abarundi bariruhukije kandi ngo hakozwe vyinshi harimwo nuko imirwi yari yafashe ibirwanisho yabishize hasi irahagarika intambara. Ariko umugambwe CNDD FDD washitse kubutegetsi biciye muri ayo masezerano nticabujije ko uyahamba. Kurikira Frederic Banvuginyunvira.

Frederic Banvuginyunvira avuga ko kugira abarundi bave muri ako kaga bategerezwa ubwa mbere kumvako aribo bene igihugu botinyuka, bakubahuka umunsi boza kubasaba amajwi bakavuga bati ntitubakeneye. Nubu nyene Frederic Banvuginyunvira.

 

Tubandanirize ano makuru mugisata c’ubutungane. Emilienne Sibomana, yahoze ari umunyamabanga kw’ishure ry’imyuga rya Christ roi ku Mushasha mu ntara ya Gitega, arakwije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Myandagaro iminsi 60 apfungiwe mw’ibohero rya Gitega, inyuma yaho yejejwe na sentare haraheze amezi abiri. Iryo pfungwa rinyuranye n’amategeko rirahagaritse umutima abize ibijanye n’amategeko. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, amenyeshako ipfungwa ryiwe rihonyanga amategeko uhereye kw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Asaba umushikiranganji w’ubutungane gusaba atagisabwe irekurwa rya Emilienne Sibomana. Kurikira.

Tubibutseko Emilienne Sibomana yahowe kuba yarashize ahabona amabi ajanye no gushurashuza abana babigeme kw’ishure ry’imyuga Christ Roi ku Mushasha, amabi bivugwa ko yakorwa n’umuyobozi w’iryo shure Laurent Ntakarutimana.

Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu.  Ishirahamwe Iteka rirarajwe ishinga n’abantu baguma babura ubuzima bwabo mu bikorwa vyo gucukura ubutare hirya no hino mu gihugu. Mu matohoza ryagize, iryo shirahamwe ryasanze kuva mu kwezi kw’icumi umwaka w’i 2023 gushika mu kwezi kwa gatatu kwuwu mwaka w’i 2024, ryasanze abantu 19 barapfuye baguweko n’ibihomoka mu gihe bariko baracukura ubwo butare. Iryo shirahamwe rikabonako ivyo biba kubera ico gisata kidatunganijwe neza, rigasaba leta kwikubitra agashi mw’itunganywa ryico gisata, mu ntumbero yo kugabanya amasanganya, no gutezimbere ubutunzi bw’igihugu. Dutegamatwi Egide Havugiyaremye umuvugizi w’ishirahamwe Ligue Iteka.

Ni no kuri iyi nkuru ijanye n’agateka ka zina muntu duciye dusozerako ano makuru, nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi, ano makuru mwayashikirijwe na jewe Pierre Gahungu, naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi