Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 29 Myandagaro 2024

Publié le 29 août 2024 par Rédaction

Turi kuwa   kane  n,igenekerezo  rya    29 Myandagaro umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Josephine jones Nkunzimana nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira .

 

  • Imyidogo ni myinshi mubanyagihugu bo muri zone ya Buyenzi mugisagara ca Bujumbura. Invo nyamukuru akaba ari amafaranga 2000 ariko aratozwa n’imbonerakure ngo yo mumatora y’imirije .Umugambwe Sahwanya Frodebu uriyamiriza izo ntererano ziriko zakwa kunguvu abanyagihugu..Usaba ko ivyo bintu vyohagarara kuko biciye kubiri n’amategeko.
  • Naho mugisata kijanye n’ubutungane Ishirahamwe ACAT BURUNDI risaba umunshikiranganji w’ubutungane asanzwe ari umukenyezi co kimwe n’abakenyezi bari munzego zitandukanye gukora ibishoboka vyose kigira umukenyezi Emilienne Sibomana yejejwe n’ubutungane haraciye amezi abiri atararekurwa ashobore kw’idegenvya.Ivyo bivurwa na Anita Gateretse ajejwe imigambi mw’ishirahamwe ACAT BURUNDI.
  • Mugisagara ca Ngozi havurwa iduzwa ry’ibiciro vy’ibidandazwa vyankenerwa risa n’iryimonogoje aho bimwe bimwe vyaduze incuro zirenga zitatu bivuye kugiciro vyahorako  iyo nahonyene bibonetse.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze.

 

Ano makuru tuyahere mugisata ca politike.Abanyagihugu bo muri zone ya Buyenzi iri mugisara ca Bujumbura baridoga ko bariko baratozwa amahera 2000 yo guterera amatora yo mumwaka uza wi 2025. Ayo mahera bakavuga ko bariko bayatozwa n’urwaruka rw’imbonerakure. Ayo mahera bakavuga ko bayatozwa mugihe baba bagiye kurondera isukari. Basaba ko ivyo bintu bihagarara narirya ayo mahera bayatoza n’abanyagihugu batari m’umugambwe CNDD FDD. Kurikira uyu munyagihugu.

Umugambwe Sahwanya Frodebu uriyamiriza izo intererano z’amatora yimirije ziriko zakwa abanyagihugu ku nguvu n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD hirya no hino mu gihugu. Umugambwe Frodebu uvugako izo ntererano ziriko zakwa hadakurikijwe amategeko , ugasaba leta kuzihagarika mu maguru masha amazi atararenga inkombe. Ni inkuru ya janvier Habarugira

Dutandukire igisata kijanye n’ubutungane.Kubona  umukenyezi  Emilienne Sibomana amaze amezi abiri akiri mumunyororo kandi ubutungane bwari bwaramwejeje ni kimwe muvyerekana ko ubutungane bw’uburundi burwaye.Ivyo n’ibishikirizwa na Anita Gateretse ajejwe imigambi mw’ishirahamwe rukirisu ACAT BURUNDI.Kubwiwe ngo hari n’abandi benshi bagipfunzwe muri ubwo buryo batamenyekana.Anita Gateretse asaba umushikiranganji w’ubutungane nawe asanzwe ari umukenyezi co kimwe n’agashingamateka babakenyezi gukora ibishoboka kugira Emilienne Sibomana ashobore kw’idegenvya kuko ariko azira ubusa.Tega Amatwi Anita Gateretse.

Imbere yo gusozera ano makuru dutandukire igisata kijanye n’ubutunzi.Ibiciro vy’ibidandazwa biguma biduga mu gisagara ca Ngozi no mu micungararo yaco. Mu kiringo c’indwi zitatu, bimwe vyaduze hafi incuro zitatu. Aba nyagihugu bavuga ko  bimwe bimwe bisa nk’ivyabuze burundu ariko kuri magendo bikaboneka, aho  bakavuga nk’isukari n’igitoro. Muri kino gihe amashure buca atangura, barafise impungenge ko n’ibikoresho vyo mu mashure bizohava biduga, iyi nkuru tuyibaze  Jean Marie Ndabashinze.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe Josephine Jones Nkunzimana Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi