Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wambere igenekerezo rya 2 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira.
- Abantu barenga 10 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, abandi batandatu baranyuruzwa. Ayo namabi yakozwe mukwezi kumunani guheze mu Burundi. Nkuko biri mucegeranyo cashizwe ahabona kuruyu wambere n’ishirahamwe Acat Burundi. Iryo shirahamwe rikavuga ko abakora ubwo bubisha ahanini ari imbonerakure n’urwego rw’iperereza.
- Umugambwe CNL uriyamiriza intererano z’amatora yimirije ziriko ziratozwa ku nguvu n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD hirya no hino mu gihugu. Uyo mugambwe ukababazwa n’iterabwoba rikoreshwa mugutangisha izo ntererano. Bagasaba ko iyo ngendo yohagarara bakayatangisha abo mumugambwe wabo gusa.
- Akazi ntikakozwe kuruno wa mbere mw’ishirahamwe ryo kurima no guhingura icayi OTB ryo muri commune Mugamba y’intara ya Bururi. Imvo ya vyose nuko ivyuma bakoresha vyabuze igitoro kubera ikena ryaco rimaze igihe. Abakozi biryo hinguriro basaba Leta gutorera umuti ico kibazo c’ibitoro gituma haba uruhombo runini kuriryo hinguriro. Kaz mwese
Ndasubiye kubaramutsa. Duhere mubijanye n’umutekano muke
Abantu bashika 17 barishwe, abantu batandatu nabo baranyuruzwa, abandi icenda barahagaritswe bidakurikije amategeko. Ivyo biri mucegeranyo c’ukwezi k’umunani guheze cashowe kuruyu musi wambere n’ishirahamwe Acat Burundi. Murico cegeranyo Acat Burundi ikaba itewe umutima uhagaze n’ibitigiri vy’abantu banyuruzwa vyasubiye kuba umurengera mugihugu. Anitha Gateretse umuhuza bikorwa muri Acat akavuga ko ahanini amabi akorwa n’urwaruka rw’imbonerakure rufadikanije n’abakozi b’iperereza. Basagasaba abategetsi b’uburundi kuva mugacerere bagahana abo bose bakora ayo mabi. Kurikira
Tubandanye mugisata ca politike
Umugambwe CNL uriyamiriza intererano z’amatora yimirije ziriko ziratozwa ku nguvu n’abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD hirya no hino mu gihugu. Uwo mugambwe uvugako ubabazwa n’iterabwoba rikorerwa uwuba adashaka gutanga izo ntererano , ugasaba ko intererano nkizo zotanga uwushaka kandi zigatorezwa mu biro vy’imigambwe. Dutegamatwi Terence Manirambona umuvugizi w’umugambwe CNL akaba yabivugiye kuri radio Bonesha kuri uno wa mbere.
Turabandanye amakuru twabateguriye
Akazi kahagaze kuruno wa mbere mw’ihinguriro ryo kurima no guhingura icayi OTB ryo muri commune Mugamba y’intara ya Bururi. Imvo akaba aruko imodoka ziryo shirahamwe zose zahagaze biturutse kw’ibura ry’ibitoro ryatanguye kw’ibonekeza kuva kuruno wa gatanu. Uno munsi igikorwa co gutora amababi y’icayi mubarimyi bico giterwa kikaba kitabaye. Abakozi biryo hinguriro basaba Leta gutorera umuti ico kibazo c’ibitoro gituma haba uruhombo runini kuriryo hinguriro. N’inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe
Arakenuye Eddy Claude Nininahazwe
Tubandanye mugisata c’amagara y’abantu
Umurindi wo kwandura ikiza c’indwara y’ibihara vy’ingunge uri hejuru kubera abanyagihugu, eka mbere n’abakozi bo mu bisata bitandukanye vya reta badakurikiza impanuro zo kwikingira. Ivyo vyaneguwe kur’uno wa mbere n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Liduine Baradahana mu nama yahuje abagize reta n’abayifasha mu gisata c’amagara y’abantu. Akaba yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye bwashizeho umugambi w’amezi atandatu y’ibikorwa vyo kurwanya ico kiza. Kurikira
Imbere yo gusozera aya makuru tuje
Mu makuru y’inkino, umurwi w’Urunani waraye utahukanye ihiganwa rya Basket ball mu Burundi kuncuro igira gatatu wikurikiranya. Mu mupira w’amaguru naho, umurwi nserukiragihugu waraye ufashe indege ugana mu gihugu ca Malawi aho ugiye gukina inkino zo kurondera uburenganzira bwo gushika mu nkino zanyuma z’igikombe ca Afrka co ku mwaka uza, kizobera mugiguhu ca Maroc. Turagaruka no kungene inkino z’ihiganwa ry’igihugu zagenze ku ndwi igira kabiri y’ihiganwa. Inkuru tubaza Alexandre Niyungeko.
Arakenuye Alexandre Niyungeko. Ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Bonfils Niyongere nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha