Turi kuwa gatatu n’igenekerezo rya 4 Nyakanga ni mu mwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na Jean Marie Ndabashinzenayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Uwurongoye umurwi ujejwe amatora muri komine Makamba Gerard karenzo aridogerwa n’abanyagihu bo muri iyo komine. kuruyu wambere yari yahagaritswe n’igipolisi yagirizwa gutunganya nabi amatungo y’ishengero ryabaporoti arongoye ariko munyuma yaciye arekurwa.Basaba ko yokurwa muri uyo murwi CNI no mumabanga yo kuwurongora muri iyo komine.
- Abarongoye umugambwe CNL muri komine Giharo bavuga ko atabutungane buhari kubanywanyi buwo mugambwe Ninyuma yaho kuruyu wagantandatu uheze abanywanyi buwo mugambwe bakubiswe barashaya bo ngera batwarwa udufaranga bari bafise n’abamwe mubarongoye umugambwe CNDD FDD kumutumba Butezi wa komine Giharo.Abajejwe intwaro ngo ntaco bigeze bakora kugira bashengeze abo babisha. .
- Ikibazo ca mazi kiraraje ishinga abanyagihugu baba kumitumba ya Gihobogo na Mwarangabo ni muri komine Mugina muntara ya Cibitoke.Kugira bashike aho bavoma bagira urugendo rw’ibilometero cumi. Ikiza kuvyunyura akaba aruko banasabwa kuvomera amazi abasirikare bakorera muri iyo micungararo.Abatabikoze bacibwa ihadabu riri hagati y’5000 ni 10000. Aya nayandi ni mukanya kwari guca kumasonga.
Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze .
Ano makuru tuyahere muntara ya Rutana Ngo ntabutungane ku banywanyi b’umugambwe CNL muri komine Giharo mu ntara ya Rutana. Ivyo vyidogerwa n’abarongoye umugambwe CNL inyuma y’aho abanywanyi b’uwo mugambwe 4 bakubaguriwe bakanasahurwa udufaranga n’abarongoye CNDD-FDD ku mutumba Butezi ku munsi wa gatandatu uheruka izuba riva. Nk’uko bivugwa n’abarongoye umugambwe CNL mur’iyo komine, n’aho bituye abajejwe intwaro hakaba kugeza ubu ata kirakorwa. Reka iyo nkuru tuyibaze Janvier Habarugira.
Tuve mu Rutana dukubitire muntara ya Makamba.Abanyagihugu bo muri komine Makamba iri mu ntara ya Makamba nyene bariyamiriza inyifato mbi z’umukuru w’umugwi CECI ujejwe amatora muri iyo komine Gerard Karenzo. Ni inyuma yaho kuri uwu wa mbere uwo Gerard Karenzo ahagarikiwe n’igipolisi ariko munyuma ararekugwa. Akaba yagirizwa gutunganya nabi amatungo y’ishengera ry’abaporoti Mountain Of Salvation Ministry Church asanzwe ariwe ariserukira imbere y’amategeko. Kubera ivyo , abo banyagihugu basaba ko yokugwa mumabanga afise muri uwo mugwi , mbere agakugwa no muri uwo mugwi. Ni inkuru tubaza Tubaza Pierre Gahungu….
Dutandukire igisata c’ubutungane. Uwuburanira Émilienne Sibomana, amaze amezi arenga abiri apfungiwe mw’ibohero rya Gitega kandi yarejejwe n’ubutungane, asaba umushikirizamanza kizigenza wa Républika, gutegeka irekurwa ryiwe. Émilienne Sibomana, yahoze ari umunyamabanga kw’ishure ry’imyuga rya Christ Roi ku Mushasha mu ntara ya Gitega, yarejwe n’ubutungane ariko abandanya apfunzwe. Uwumuburanira umushingwamanza Edgard Muhirwe, aributsako n’isamburwa ry’urubanza bitabuzako urubanza rwaciwe rushirwa mu ngiro. Kurikira.
Umushingwamanza Edgard Muhirwe yabivugiye kuri radio Bonesha FM. Tubibutseko Emilienne Sibomana yagirijwe kuba yatanze amakuru y’ibinyoma inyuma yaho ashiriye ahabona amabi yo gushurashuza abana babigeme bikozwe n’umuyobozi w’iryo shure Laurent Ntakarutimana.
Tubandanirize ano makuru muntara ya Cibitoke aho Imyidogo ari myinshi mu banyagihugu baba ku mitumba ya Gihobogo na Mwarangabo muri komine ya Mugina mu ntara ya Cibitoke. Bavuga ko bafise ikibazo c’amazi kuko kugira ngo bayaronke bategerezwa kugira ibilometero bishika 10. Ikivyunyura ngo n’uko basabwa kuvomera abasirikare bo mu micungararo yaho. Abatabavomeye, ngo batangishwa amande n’abajejwe intwaro ari hagati y’5 000 n’10 000. Basaba abajejwe intwaro gukemura ikibazo c’amazi kugira ngo ingorane bari mwo zigabanuke. iyi nkuru tuyibaze Olivia Gakima
Ano makuru tuyasozerere mugisata kijanye n’ihindagurika ry’ibihe .Integekanya gihe yiki kiringo c’agatasi itegekanijwe mumice itatu, aho igice cambere ari naco kinini c’igihugu hategekanijwe ko hazorwa invura iri hejuru gato y’urugero yari isanzwe irwako.Ivyo bimenyeshwa na Deogratias Habonwanayo umuyobozi ajejwe amazi ihindagurika ry’ibihe hamwe n’ibidukikije mukigo IGEBU. Uyo muyobozi avuga ko igice ca kabiri kigizwe n’intara kama ya Bugesera kizoronka invura iri munsi gata y’iyahora irwa mugatasi nayo igice ca Kumoso kikazorwamwo invura iri kurugero rukwiye ariko ngo ivyo bishobora kuzogenda bihindagurika. Kurikira.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe Jean Marie Ndabashinze Mugire aho muba mwubahwe. Naho ubutaha.