Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 05 Nyakanga 2024

Publié le 6 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   kane  n’igenekerezo  rya    5 Nyakanga ni mu mwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na ….nayo  akaba agizwe n’izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Kur’uno wakane niho hari hategekanijwe ko umumenyshamakuru Sandra Muhoza arenguka imbere ya Sentare nkuru ikukira Mukaza.Ariko nkuko amakuru ava mu begereye iyo sentare uyo mumenyeshamakuru nabandi banyororo barikumwe ngo ntibashoboye kurenguka bivuye kumodoka yari kubunguruza yabuze ibitoro.
  • Umukenyezi w’imyaka 35 aturuka kumutumba Mugeni ni muri komine kayogoro muntara ya Makamba kuva kuruno wa kabiri ari muminwe y’inyamiramabi.Uyo mukenyezi azwi kw’izina rya Gloriose Ntirampeba akaba yagirizwa kuba yatse ubuzima umwana yarahejeje kw’ibaruka.
  • Abarimu bo muntara ya Ngozi baridoga bivuye kuntererano y’amafaranga 5000 bakwa yo mumatora y’imirije kandi atanuburyo bafise.ikindi ngo nuko n’abatari mumugambwe CNDD FDD nabo nyene bayatozwa. Aya nayandi ni mukanya.

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere mugisata c’ubutungane.

Umugore w’imwaka 35 avuka ku musozi Mugeni muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba ari mu minwe y’unyamiramabi kuva kuri uwu wa kabiri. Gloriose Ntirampeba yagirizwa kuba yarishe umwana wiwe yari ahejeje kwibaruka . Abajejwe intwaro n’igipolisi bavugako amatohoza yatanguye kugira hamenyekane icatumye iryo bara riba. Ni inkuru ya  Olivia Gakima…

 Tukiri mugisata c’ubutungane,Umumenyesha makuru Sandra Muhoza apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kuva mukwezi kwa Ndamukiza uno mwaka, kuruno wa kane igenekerezo rya 5 Nyakanga niho yategerezwa kurenguka imbere ya sentare Nkuru ikukira  Mukaza. Amakuru ava ngaho muri sentare ya Mukaza akaba amenyesha ko uyo mumenyesha makuru atashoboye kurenguka nkuko vyari bitegekanijwe. Amakuru ava mubegereye uyo mumenyeshamakuru Sandra Muhoza  akaba  avuga ko iryo renguka ryasibijwe biturutse yuko imodoka yategerezwa kwunguruza abanyororo ibakura kw’ibohero rikuru rya Mpimba  harimwo na Sandra Muhoza yabuze ibitoro bibashikana kuri sentare nkuru ikukira Mukaza. Iyo nsiguro yatanzwe ikaba  itanyuze benshi kuko imodoka zunguruza abanyororo zibatwara kuri sentare nkuru ikukira muha ni ya Ntahangwa zashoboye gushikana abanyororo atankomanzi, Mwokwibuka ko umumenyeshamakuru Sandra Muhoza  akorera ikinyamakuru LA NOVA gikorera kubuhinga ngurukana bumenyi yafashwe kw’igenekerezo rya 13  Ndamukiza muntara ya Ngozi aho yarasanzwe akorera. Sandra Muhoza akaba yafashwe ahejeje kw’itaba  kuri telefone umurwizatunga yaramwemereye kumuha amakuru.  Kuva uyo munsi ntawasubiye kumukubita ijisho .Munyuma umuryango wiwe wahavuye umenya ko apfungiwe mw’iperereza ngaho Ingozi. Yahavuye y’ungururizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba kw’igenekerezo rya 18 Ndamukiza aho gushika uno munsi agipfungiwe. Yagirizwa ivyaha bibiri guhungabanya umtekano w’igihugu nikijanye n’amacakubiri.

 

Naho mugisata kijanye n.agateka ka zina muntu ,Ibitigiri vy’abanyororo bibandanya kwiyongera mumabohero yo mu Burundi. Ibohero ry’intara ya Muramvya ngo rifise ubwinshi budasazwe aho ryari rigenewe kwakira abanyororo 100 gusa ubu ngo ririmwo abanyororo bashika hafi 1000. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe Acat Burundi. Bakavuga ko kubera ubwo bwinshi hari abanyororo basigaye barara hanze mumbeho nyinshi kubera babuze aho baryama. Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amatategeko muri Acat asigura ko iryo bohero rya Muramvya ribandanya kwakira abandi kandi abasohoka ari bake. Bagasaba ababejwe ubutungane k’ubahiriza amategeko  ko borekura vuba bwango abejejwe n’ubutungane cokimwe n’abahejeje umunyororo wabo kugira abanyororo bave mubuzima bubi barimwo. Kurikira

Abantu basengera k’umukobwa yitwa Zebiya Ngendakumana baranse ko bansansumwa muri rusansuma iriko irakorwa mugihgu. Amakuri radio Inzamba ikura muntara ya Bubanza avuga ko abo bantu bava kumisozi ya Masare, Kivyuka, na Muyebe yo muma communes ya Bubanza na musigati. Abantu 21 basengera kwa zebiya baranse ko babansansuma. Amakuru dukura muriyo ntara avuga ko abo bantu basize amazu yabo yugaye baca bagenda ahantu gushikubu nubu hatazwi. Buramatari w’inrara ya Bubanza Cleophas Nizigiyimana asigura ko n’abasengera mw’isengero y’abadibvitiste hamwe naba laics batemera kwisansumisha. Iyo nyifato irigararagza kandi no muntara ya Cibitoke aho abantu basengera mubadiventiste naba laics nabonyene batemera urwo rusansuma. Buramatari w’intara ya Cibitoke Careme Bizoza akavuga ko ari intambamyi idasanzwe kuriyo rusansuma iriko irakorwa.

Imyidogo ni myinshi mu barimu bo mu ntara ya Ngozi. Bavuga ko intererano y’amatora bakwa igera ku 5000 vy’amarundi bakwa ari menshi kuko agashahara kabo ari intica ntikize. Ikindi kibabaje, ngo n’uko n’abatari mu mugambwe uri ku butegetsi bategekwa kuyatanga, bakabona ko ari agahotoro, iyi nkuru tuyibaze Alexandrine Keza

Imbere yo gusozera ano makuru hari umucanwa w’iyadukije kuruno wagatatu igihe c’isaha cumi  na zibiri z’umugoroba mw’isoko rya zone kamenge ni mugisagara ca Bujumbura.Amakuru adushikira avuga ko uwo muriro wazimijwe n’abanyagihugu baba mumicungararo y’iryo soko.  N’imodoka izimya umuriro ngo yahashitse wamaze kuzima. Kunvo z’umutekano umuyangankuba ngo waciye ucibwa gushika isaha zibiri zijoro. Ariko rero icatumye uyo mucanwa waduka nubu ntikiramenyekana. Muntara ya Ruyigi naho nyene kuruno wagatatu hariyadukije umucanwa kumusozi wa mpungwe.Kubera umuyaga mwinshi n’igihe c’ici ngo uyo muriro waranyaruka cane. Naho nyene abanyagihugu bari hafi ngo bakaba barashoboye kuwuzimya.Abajejwe intwaro bakaba bakeza ico gikorwa c’abanyagihugu basaba abajejwe umutekano kurikanura kugira imicanwa nkiyo ntisubire.

 

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya na mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe Jean Baptiste Bireha. Naho butaha.

 

Ibindi bisa n'ibi