Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wagatanu igenekerezo rya 6 Nyakanga umwaka wi 2024. Ayo twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira
- Barasaba ko amasezerano y’amashirahamwe y’abakenyezi yo muri Afrika yokwemezwa mu ntumbero yo guhasha ubutakigaruka amabi akoregwa abankenyezi. Ivyo bisabwa n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme Inamahoro ni mugihe bari munama y’abakenyezi ziriko ziraba kubijanye no kugwanya ayo mabi. Uyo muhari ubona ko abarundikazi bazohungikira mugihe ayo masezerano yoshigwa mungiro.
- Abarundi nabo bagera 200 baba I Rusaka kumurwa mukuru w’igihugu ca Zambiya barafashwe n’igipolisi kuruno wagatatu. Ivyo ngo bikaba vyabaye mugikorwa co kurondera abantu baba muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko. Abo barundi bakavuga ko bariko bazira imfashanyo yatanzwe n’umukuru w’igihugu Varisto Ndayishimiye aho ngo bavuga ko yarimwo uburozi bwo kwica abanyagihugu ba zambiya. Kaze mwese mw’ido n’ido mukanya
Ndasubiye kubaramutsa
Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano INAMAHORO usaba ko amasezerano y’amashirahamwe y’abakenyezi yo muri Afrika yokwemezwa mu ntumbero yo guhasha ubutakigaruka amabi akoregwa abakenyezi n’abigeme. Marie Louise Baricako arongoye umuhari INAMAHORO akaba abivuze mu gihe hariho inama z’ayo mashirahamwe ziriko ziraba muntumbero yo kugwanya amabi akoregwa abakenyezi n’abigeme. Marie Louise Baricako abona ko ayo masezerano azofasha mu bijanye na politike, umutekano n’ubucamanza ku bakenyezi kuko mu bihugu vyinshi muri afrika hibonekeza amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme, tumwumvirize
Umuhari INAMAHORO uremeza ko Abarundikazi bazohungukira mu gihe ayo masezerano yasinywa kuko azogondoza leta kuva mu majambo ikabona ko ari ibiterasoni kuko iryo hohoterwa rituma haba agahombo ku gihugu, n’ubu tumwumvirize
Tubandanye mugisata c’indero
Abavyeyi bafise abana biga guhera mu mwaka w’indwi gushika mu mwaka wa nyuma w’amashure yisumbuye mu ntara ya Muyinga, baridogera ingingo iherutse gufatwa n’umuyobozi w’indero mu ntara ibategeka kuzorungika abana babo kw’ishure bambaye bose ibirato vyugaye hamwe n’amashesheti. Abo bavyeyi bakavuga Ko iyo ngingo ije kubaremera mu gihe bugarijwe n’ubukene butavugwa hakiyongera n’izimba ry’ibikoresho vy’ishure hamwe n’umwambaro w’ishure. Abo bavyeyi basaba uwo muyobozi kubangira kur’iyo ngingo umwana wese akaja kw’ishure yisuganije m’uburyo abavyeyi bahambije. Inkuru ya Audace Nimbona
Imbere yo gusozera aya makuru tubabwire amakuru avugwa mugihugu ca ZAMBIYA
Abarundi bagera 200 baba I Rusaka kumurwa mukuru w’igihugu ca Zambiya kuruno wagatatu igenekerezo rya kane nyakanga barafashwe n’igipolisi ca Zambiya. Ivyo bikaba vyabaye igihe c’isaha c’umi n’imwe zo mugitondo mugikorwa co kurondera abantu baba muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko bise clean up operation.Abarundi baba ngaho muri ico gihugu bakavuga ko ari agatotezo kuko bagirizwa yuko imfashanyo iheruka gutangwa n,umukuru w’igihugu yarimwo uburozi.N’inkuru ya Jean Baptiste Bireha.
Arakenuye Jean Batistpte Bireha, ni ngaha duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Eddy claude Nininahazzwe nayabashikirije ndabipfurije kuroranigwa mubanyu no muvyanyu. Naho ubutaha