Amakuru yaranze indwi

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 08 Nyakanga 2024

Publié le 8 septembre 2024 par Rédaction

Ndabaramukije nongera ndabaha ikaze kuri radiyo Inzamba Agateka Kawe. Iri n’isango ry’amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi yo ku wa 2 kugeza ku wa 8 Nyakanga.

Tuyahere kur’ino nkuru icagaguye. Umumenyeshamakuru Sandra Muhoza apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku musi wa kane ni ho yategerezwa kurenguka imbere ya sentare Nkuru ikukira  Mukaza. Ariko rero amakuru ava mur’iyo sentare yamenyesheje ko uyo mumenyeshamakuru atashoboye kurenguka nk’uko vyari bitegekanijwe. Imvo ngo n’uko imodoka yategerezwa kwunguruza abanyororo harimwo na Sandra yabuze ibitoro. Ariko iyo nsiguro yatanzwe ikaba  itanyuze benshi, kuko imodoka zunguruza abandi abanyororo zabajana kuri sentare nkuru zikukira Muha na Ntahangwa zabashikanye yo ata nkomanzi. Mwokwibuka ko umumenyeshamakuru Sandra Muhoza  akorera ikinyamakuru LA NOVA gikorera ku buhinga ngurukana bumenyi yafashwe kw’igenekerezo rya 13  Ndamukiza mu ntara ya Ngozi aho yar’asanzwe akorera. Akaba yafashwe ahejeje kw’itaba kuri telefone umurwizatunga yari amwemereye kumuha amakuru.  Yagirizwa ivyaha bibiri vyo guhungabanya umtekano w’igihugu n’ukubiba amacakubiri.

Tugume mu gisata c’ubutungane. Uwuburanira Émilienne Sibomana, amaze amezi arenga abiri apfungiwe mw’ibohero rya Gitega kandi yarejejwe n’ubutungane, asaba umushikirizamanza kizigenza wa Républika, gutegeka irekurwa ryiwe. Émilienne Sibomana, yahoze ari umunyamabanga kw’ishure ry’imyuga rya Christ Roi ku Mushasha mu ntara ya Gitega, yarejwe n’ubutungane ariko abandanya apfunzwe. Umwe mu bamuburanira, umushingwamanza Edgard Muhirwe, aributsako n’isamburwa ry’urubanza bitabuzako urubanza rwaciwe rushirwa mu ngiro. Kurikira.

Abarundi bagera 205 baba I Rusaka kumurwa mukuru w’igihugu ca Zambiya kuruno wagatatu igenekerezo rya kane nyakanga barafashwe n’igipolisi ca Zambiya.Ivyo bikaba vyabaye igihe c’isaha c’umi n’imwe zo mugitondo mugikorwa co kurondera abantu baba muri ico gihugu hadakurikijwe amategeko bise clean up operation. Frederic Banvuginyunvira arongoye urunani CFOR Arusha avuga ko bibabaje cane kubona abanyagihugu bafatwa nabi nigihugu kibanyi. Uyo munyepolitike akavuga ko amategeko ariho ariko ko yategerezwa kuvuganwako n’ivyo bihugu uko ari bibiri na cane cane ko umukuru w’igihugu c’uburundi yari yagiyeyo kugira abereke umutima kivandimwe mukubashikiriza infashanyo yahavuye ihinduka ikibazo ku barundi baba muri ico gihugu. Kurikira Frederic Banvuginyunvira.

Tubandanirize ano makuru makuru makuru ku myidogo myinshi iri mu barimu bo mu ntara ya Ngozi. Bavuga ko intererano ivugwa ko ar’iy’amatora bakwa n’umugambwe CNDD-FDD igera ku mafaranga 5000 vy’amarundi ari menshi, kuko agashahara ka bo ari intica ntikize. Ikindi kibababaje, ngo n’uko n’abatari mu mu gambwe uri ku butegetsi bategekwa kuyatanga, bakabona ko ari agahotoro. Iyi nkuru tuyibaze Alexandrine Keza.

Alexandrine Keza, urakenuye. Mur’ico gisata nyene c’indero, abavyeyi bafise abana biga guhera mu mwaka w’indwi gushika mu mwaka wanyuma w’amashure yisumbuye mu ntara ya Muyinga, baridogera ingingo iherutse gufatwa n’umuyobozi w’indero mu ntara ibategeka kuzorungika abana ba bo kw’ishure bambaye bose ibirato vyugaye hamwe n’amashesheti. Abo bavyeyi bakavuga Ko iyo ngingo ije kubaremera mu gihe bugarijwe n’ubukene butavugwa, hakiyongera n’izimba ry’ibikoresho vy’ishure hamwe n’umwambaro w’ishure. Abo bavyeyi basaba uwo muyobozi kubangira kur’iyo ngingo umwana wese akaja kw’ishure yisuganije mu buryo abavyeyi bahambije. Inkuru ya Audace Nimnona.

Aha ni ho hagarukiye amakuru makuru makuru y’ino ndwi turiko turasoza. Nkaba ndabashimiye mwebwe mwese mwayakurikiranye. Irindi sango ni ku musi w’Imana uza. Ndabipfurije kuroranirwa mu banyu no mu vyanyu.

Ibindi bisa n'ibi