Inkuru nshasha

Amakuru yo kuwa 12 Nyakanga 2024

Publié le 12 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   kane  n’igenekerezo  rya    12 Nyakanga ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mu kirundi mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha.Ano makuru agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Umugambwe Sahwanya Frodebu urababajwe n’iburabuzwa ry’ibikorwa vy’uyo mugambwe rimaze iminsi ry’ibonekeza cane cane muntara ya Bubanza aho ingoro zuwo mugambwe zimaze iminsi zisamburwa  aho hamaze no kw’ibwa amadarapo yuwo mugambwe agera kuri15 mukiringo kitarenze amezi atatu.Sylvestre Bikorindagara umuvugizi wa Frodebu avuga ko bagiye gutaka ubutungane .
  • Urunani rw’amashirahamwe aharanira impinduka mugihugu Tournons la page rusaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu n’ubwubutungane guhagarika igikorwa co gutoza amafaranga yamatora yo mumwaka 2025 kiriko gikorwa n’umugambwe CNDD FDD hadakurikijwe amategeko.Ivyo biri mw’itangazo ry’asohowe nurwo runani muraza kuvyunva .
  • Umwaka w’ishule wi 2024 ushira uwi 2025 Ugiye gutangura mugihe abavyeyi benshi bari mubukene butagira izina .Ivyo bikaza vyunyurwa n’ibiciro vy’ibikoresho vyaduze kuburyo budasanwe nkuko bamwe mubavyeyi bo mugisagara ca Bujumbura babitumenyesheje.Eka no muntara ya Kayanza nahone nuko nyene abavyeyi bavuga ko bitoroshe kuzorungika abana kumashule cane cane muri rino kena ry’ibitoro ry’atumye ni ticket yo kz’iyunguruza iduga cane.Saya gusa kwari guca ku mayange.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere muri politike .Umugambwe Sahwanya Frodebu umenyesha ko udashobora kw’ihanganira abariko barajuragiza ibikorwa vyuyo mugambwe aho iruhande y’ingoro z’imaze gusamburwa muntara ya Bubanza amadarapo y’uyo mugambwe agera kuri 15 yaribwe muri aya mezi atatu aheze. Uyo mugambwe umenyesha ko ugiye kw’itura ubutungane Ivyo bishikirizwa  na honorable sylvestre Bikorindagara umuvugizi w’umugambwe Sahwanya Frodebu aho asaba ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu ari nabwo bujejwe imigambwe gukurikiranira hafi  ico kibazo. Kurikira Sylvestre Bikorindagara akaba yavugiye kuri Radiyo Isanganiro :

Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu n’ubw’Ubutungani buhamagarirwa guhagarika itozwa ry’amafaranga ririko rikorwa n’umugambwe CNDD-FDD mu gihugu. Ako kamo kari mw’itangazo ryasohowe n’urunani rw’amashirahamwe ruharanira impinduka mu gihugu Tournons la page Burundi. Bella Gloria Kintore, umuvugizi w’urwo runani, avuga ko iyo ngendo y’umugambwe uri ku butegetsi ihonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu, kandi ihushanye n’ivyo umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yiyemeje ko ata mafaranga azokwigera atozwa mur’ubwo buryo. Tega amatwi Bella Gloria Kintore.

Tuve muri politike tuje mugisata kijanye n’ubutungane .Muganga Christophe Sahabo yaramaze imisi ibiri ariko avurigwa mubitaro vy’umwami Khaled mugisagara ca Bujumbura yakuwe kunguvu kuruyu wakane aho yararembeye asubizwa mw’ibohero rya Ruyigi. Akaba yari yajanyweyo k’umusi wa kabiri inyuma yo kuremba mugihe yari yamanukanywe kwitaba sentare nkuru ya Muha mugisagara ca Bujumbura. Mw’ishirahamwe ACAT baratera ivyatsi ingendo y’ubutegetsi bw’ibujumbura yo guhungabanya agateka k’uwahoze ari umuyobozi mukuru w’ibitaro  Kira Hospital yarasanzwe ari kumusego.  Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri Acat akavuga ko ivyo bintu biriko birakogwa ari amabi adasanzwe yo guhangabanya agateka kazina muntu kuko umupfungwa afise uburenganzira bwo kuvugwa mugihe akitswe n’amagara. Kurikira

Acat Burundi ihamagarira umugwi w’igihugu ujejwe agateka kazina muntu kuva mugacerere ukerekana vy’ukuri ko ubaho ukavugira Muganga Sahabo agasubizwa muminwe y’abaganga kugira barokore ubuzima bwiwe. Acat igatera akamo leta ya Varisto Ndayishimiye guhagarika amabi ariko arakoregwa Sahabo kuko nabo bitebe bitebuke bazobibazwa. N’ubunyene Jean claude Ntiburumusi

Dutandukire igisata kijanye n’indero  aho umwaka w’ishure w’2024 ushira uw’2025 ugiye gutangura mu bihe bidasanzwe kubera ubukene abanyagihugu bari mwo. Bishikirizwa na bamwe mu bavyeyi b’abana bo mu gisagara ca Bujumbura. Mu gihe hasigaye imisi itatu ngo abana basubire ku mashure, bazohava batonda ata vya ngombwa bafise kuko ibikoresho vyo mu mashure vyaduze hafi incuro 3 ugereranije no mu myaka iheze. Basaba leta gukemura ibibazo vy’ibura ry’igitoro n’amafaranga mvamakungu kuko i     ari vyo ntandaro ya vyose, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Tukiri mugisata kijanye n’indero tuve mugisagara ca Bujumbura dukubitire muburaruko bw’igihugu muntara ya kayanza aho  abavyeyi batari bake bo muri iyo ntara  bavugako bitazoborohera kurungika abana babo ku mashuli kubera ibiciro vy’ibikoresho vyo kw’ishuli vyaduze cane. Bagasaba leta kugira ico ikoze kugirango ivyo biciro bigabanuke. Jean-Georges Kibogora

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya na mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha mugire umugoroba mwiza Nahubutaha.

 

Ibindi bisa n'ibi