Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 14 Nyakanga 2024

Publié le 14 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatandatu  n’igenekerezo  rya    14 Nyakanga ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mu kirundi mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha.Ano makuru akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.

  • Umuhari uharanira agateka ka zina muntu Iteka uratewe umutima uhagaze n’ingene muganga Christophe Sahabo yahoze arongoye i bitaro Kira yakuwe aho yararwariye asubizwa mw’ibohero rya Ruyigi kandi arenvye.Umuhari iteka uvuga ko ico caha kibi kizobazwa umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye.
  • Imyidogo ni yose mu badandaza bibinyobwa vya Brarudi mugisagara ca Rumonge.Bavuga ko batakironka ivyo binyobwa ngo kuko bihabwa abafise amahoteri akomakomeye.Basaba abajejwe intwaro gutorera umuti ico kibazo.
  • Nayo mukiganiro kw’isoko c’uno munsi tugaruka ku bikorwa vy’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi mugihe ikiringo c’iyo ntumwa c’umwaka giherana na kuno kwezi kw’icenda.Aya nayandi  ni

Ndasubiye kubaramutsa no ngera ndabaha n’ikaze.

Ano makururu tuyahere mugisata c’ubutungane.Amabi ariko akorerwa umuganga Christophe Sahabo impera n’imperuka azobazwa umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye. Iryo n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ligue Iteka.Iryo shirahamwe rikaba ritewe impungenge n’ingene Christophe Sahabo yasubijwe mu munyororo i Ruyigi kandi yariko aravurwa aremvye. Anschaire Nikoyagize arongoye uwo muhari agasaba ko agateka k’iwe kubahiruzwa. Tumukurikire.

Mugisata kijanye n’ubutunzi dukubitire mugisagara ca Rumonge aho hibonekeza ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi. Bamwe mu bahora babidandaza bemeza ko batakibihabwa, bigahabwa amahoteri n’ubunywero bukomakomeye. Abavyihereza baranegura iyo ngendo kuko ibiciro bica biduga. Bagasaba intwaro na Brarudi guhindura ibiriko biraba. Ido n’ido na Josephine jones Nkunzimana

N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi tugaruka ku bikorwa vy’intumwa idasanzwe ya ONU k’Uburundi mu gihe ikiringo c’umwaka gihera muri uku kwezi kw’icenda. « Kw’isoko » mugishikirizwa na Bonfils Niyongere.

Imbere yo gusozera ano makuru mukurikire ivyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye ku Burundi mukaba mubishikirizwa na mugenzi wacu Audace Nimbona.

Ni no kuri aya makuru y’anditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi  duciye dusozera ano makuru yacu,nkaba nshimiye bagenzanje banfashije kuyatororokanya,ngashimira kandi  na mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha mugire umugoroba mwiza na Week end Nziza Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi