Turi kuwa Kane n’igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean Baptiste Bireha….nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Abategetsi b’uburundi ntibabona kimwe ingingo iherutse gufatwa n’ishirahamzwe rihingura isukari SOSUMO yo kuduza igiciro c’isukari .Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aranegura iyo ngingo yafashwe na SOSUMO yo kuduza igiciro c’isukari ngo iciye kubiri ni neza y’abanyagihugu .
- Abunguruza abantu mu ma bus mugisagara ca Bujumbura ishavu riraniga bakavuga ko hari amafaranga bariko barakwa angana ibihumbi mirongo itandatu yo gushira ikimenyetso kumodoka cerekana karitiye bakoreramwo :Bavuga ko ayo mafaranga ari umurengera bakanagira n’amakenga ko ashobora kunyuruzwa ;
- Hari abana babarundi bagera kuri 40 kuruno wa ka biri birukanywe n’igihugu ca Tanzaniya inyuma y’iminsi mike bari bamaze bapfungiwe muri ico gihugu ;Ngo bari batwawe muri Tanzaniya nabakora urudandazwa rwabantu :Aya n’ayandi ni mukanya
Ndasubiye kubaramutsa no ngera ndanabaha n’ikaze .
Haribonekeza igihushane muri Leta kubijanye n’ingingo iherutse gufatwa yo kuduza igiciro c’isukari ihingurwa n’ishirahamwe SOSUMO aho abarongoye iryo shirahamwe bashinze ko ikiro c’isukari kivuye kumafaranga 3500 kija kumafaranga 800O .Umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye mukiganiro co gukundisha igihugu yagize kuruno wa kane muntara nshasha ya Buhumuza yaneguye iyo ngingo yafashwe na SOSUMO ngo kuko idashira imbere ineza y’abanyagihugu ahubwo ishira imbere inyungu z’aryo nabarirongoye .Kurikira :
Imyidogo ni myinshi mu bunguruza abantu mu ma bus bo mu gisagara ca Bujumbura, biyamiriza ingingo ibasaba gutanga amafaranga angana ibihumbi 60 vy’amarundi , agenewe gushira ikimenyetso cerekana karitiye bus yose ibwirizwa gukoreramwo. Abo bashoferi bavugako , uretseko ayo mafaranga basabwa ari umurengera , ngo bafise amakenga yuko ayo mafaranga ashobora gukoreshwa nabi . Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.
Abana 40 b’Abarundi bakiri bato barirukanywe n’igihugu ca Tanzaniya ku musi wa kabiri, inyuma y’imisi mike bari bamaze bapfungiwe mur’ico gihugu. Bivugwa ko bari batwawe n’abantu bakora urudandazwa rw’abantu. Abo bana bakaba bakuwe mu ntara zitandukanye z’igihugu c’uBurundi. Vyinshi kur’iyi nkuru tubibaze Audace Nimbona
Abantu 29 harimwo abana 16 baraye bashikanywe n’igipolisi ca Tanzaniya mw’ijoro ryo kuruyu wa gatatu ku mupaka wa Mugina muri commune Mabanda intara ya Makamba. Mugipolisi gicungera uruja n’uruza ngaho kurubibe bavugako bashikanywe amasaha yitereye kandi bashonje kandi kitagira aho kibaraza. Ido n’ido na josephine Jones Nkunzimana
Mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu abatera akamo kugira umuganga Christophe Sahabo ahabwe uburenganzira bwo kuvurwa babandanya kwibonekeza. Uno musi ni Amnesty International yashimye kwandikira ikete umushikiranganji w’Ubutungane Domine Banyankimbona ngo atange itegeko uwo yahoze arongoye Kira hospital ashobore kuvurwa. Amesty Nternational ivuga ko izi neza ko Christophe Sahabo aremvye kubera hari abaganga batumwe n’iryo shirahamwe bize neza dosiye yiwe yivurizako bakaba basanz amagara yize abangamiwe . Reka tubaze Franck Kaze ibiri mur’iryo kete.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.