Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 24 Nyakanga 2024

Publié le 24 septembre 2024 par Rédaction

Turi kuwa  kabiri  n,igenekerezo  rya 24 Nyakanga umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean  Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Ubwoba ni bw’inshi muri zimwe mundongozi z’imigambwe UPRONA na CNL itavuga rumwe n’uwuri k’ubutegetsi muri komine Giharo ni mu ntara ya Rutana.Bavuga ko bamaze iminsi bagirwako iterabwoba na bamwe mundongozi z’umugambwe uri kubutegetsi bagatinya ko bashobora gupfungwa canke kw’icwa.
  • Mugisata kijanye n’agateka ka zina muntu imyidogo ni myinshi mubakenyezi bapfunganywe n’abana babo mugasho ka parake y’igihugu ikukira intara ya Makamba.Abo bakenyezi bavuga ko babayeho nabi cane kuko aho bapfungiwe hatagira isaganirizo.Ngo hageze kuryama bahana imbu.
  • Abana barenga ibihumbi mirongo ibiri nibo basezereye intebe y’ishule mu ntara ya Muyinga ni mu buraruko bw’igihugu muri uyu mwaka w’ishule.Zimwe munvo nyamukuru akaba ar’ubukene bwugarije imiryango n’abigeme batwara imbanyi. Aya n’ayandi ni mukanya.

 

Ndasubiye kubaramutsa nongera ndanabaha n’ikaze.

Ano makuru tuyahere mugisata c’ubutungane mu ntara ya Muyinga.

Umunyororo wo gupfungwa umwaka, kuriha ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 50, hamwe no guha ibiro bikuru vya Rusansuma k’urwego rw’igihugu indishi y’akababaro ingana n’imiliyoni 3 n’inusu (3,5) y’amafaranga y’amarundi ni co gihano  Sentare nkuru y’igihugu  mu ntara ya Muyinga, yahanishije ejo ku musi wa mbere hahise Jean de Dieu Mbonyumugenzi, umusore yarajejwe gukurikirana abajejwe igikogwa  ça rusansuma rw’abantu, uburaro, uburimyi n’ubworozi  k’umutumba wa Martyazo, Komine Gasorwe y’intara ya  Muyinga. Atarishe Ayo mahera ngo azoca afungwa imyaka 17 y’ umunyororo w’agatsindikiro yongere arihe 4% azinjira mu ikigega ça Reta. Sentare nkuru y’igihugu ikaba yagirije Mbonyumugenzi  kwiba ibikoresho harimwo isakoshi, iterefone nini yagenewe Gushiramwo ibiharuro n’ayandi makuru vya Rusansuma n’a chargeur yayo yari yahawe vyo gukora Rusansuma . Mbonyumugenzi wewe akaba yireguye avuga KO ivyo bikoresho babimwibiye mu nzu Aho yaba  atariho ari, ibitanyuze Sentare n’umushikirizamanza yari yamushengeje.

Tukiri mugisata kijanye n’ubutungane imyidogo ni myinshi mu miryango ifise abakenyezi bapfunganywe n’abana babo mugasho ka parake nkuru y’igihugu ikukira intara ya Makamba.Abo bakenyezi ngo bapfunzwe muburyo bubi cane kuko bari ahantu hatagira isaganirizo kandi nabo ari benshi.Iyo miryango isaba ko ababo bokoroherezwa. Abagirirwa n’ivyaha bito bito bakaburana bidegenvya.N’inkuru ya  Eddy Claude Nininahazwe.

Mumakuru ajanye na politike haravurwa ukutihanganira nira hagati y’imigambwe  muri komine Giharo ni muntara ya Rutana aho indongozi z’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi bo mu migambwe UPRONA na CNL mur’iyo  komine zisaba Gukingirwa . Ivyo babivuga inyuma y’iterabwoba bavuga ko bariko bagirirwa n’abarongoye CNDD-FDD bavugako bamwe mubanywanyi babo batavuga rumwe na leta bashobora gupfungwa canke bakicwa . Ivyo bakabishikiriza bafatiye ku bashika 6 bishwe mu mwaka uheze bahorwa kutavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

Dutandukire igisata kijanye n’indero  aho abana barenga ibihumbi 20 bahevye ishuli mu mwaka w’ishuli w’i 2023 ushira uw’i 2024 mu ntara ya Muyinga. Imvo nyamukuru zatumye abo bana baheba amashuli ngo n’ubukene bwugarije imiryango , abigeme batwara inda z’indaro hamwe n’abanyeshuli batari bake baja kw’ubaka izabo  hataragera. Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.

Dusozere ano makuru mugisata kijanye n’ubutunzi  aho ishirahamwe SOSUMO  risabwa guhagarika itegeko ryafashe ryo kuduza igiciro c’isukari kuva ku 3 300 ikagishira ku 8 000 vy’amafaranga y’amarundi. Ako kamo gaterwa n’umugambwe UPRONA. Olivier Nkurunziza arongoye uwo mugambwe atangazwa n’ingene umukuru w’Igihugu yaneguye iyo ngingo ariko ntibukurikizwe n’itegeko ryo kuyihagarika. Ati ubushikiranganji butegerezwa kugira uruhara mu gushinga ibiciro bitandukanye, bitabaye uko, reta izobairiko iridohora mu rudandazwa rw’ivya nkenerwa bikomakomeye. Kurikira akamo ka Olivier Nkurunziza, yabivugiye kuri radiyo Isanganiro.

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi