Turi kuwa k uwa gatandatu n,igenekerezo rya 28 Nyakanga umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean Baptiste Bireha nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Umukenyezi azwi kw’izina rya Beyatirisi Yamuremye aturuka kumutumba Gahise ni muri komine Butaganzwa mu ntara ya kayanza kuva kuruno w’agatatu ari muminwe y’inyamiramabi.Akekwa ko yagandaguye uwo bubakanye mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira kuwagatatu.Urwo Rugo nkuko abajejwe intwaro ngaho muri komine Butaganzwa babimenyesha ngo rwarangwa n’umwunvikano muke.
- Amezi atatu ararumanye umukenyezi Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishule ry’isumbuye christ Roi kumushasha yejejwe n’ubutungane muntara yaGitega ariko gushika uyu munsi akaba atararekurwa.Eularie Nibizi yahoze ar’icegera c’uwurongoye Sendika y’Abakozi m’Uburundi COSYBU asaba ubutungane kwikubita agashi bukarekura iyo nzirakarengane.
- Mukiganiro kw’isoko c’uno munsi naho tuza kuvuga ibijanye n’umugera mushasha w’ibonekeje mugihugu kibanyi c’urwanda w’itwa Marburg murano makuru turababwira ibimenyetso vyawo.Aya n’ayandi ni mukanya.Sangwa ikaze.
Ndasubiye kubaramutsa.
Hari umukenyezi wo ku musozi Gahise , komine Butaganzwa n’intara ya Kayanza abarizwa mu minwe y’inyamiramabi kuva ku musi wa gatatu w’iyi ndwi. Béatrice Yamuremye , yikekwa ko ari we yishe umugabo wiwe Visenti Ntirampeba mw’ijoro ryo ku wa kabiri rishira ku gatatu. Abajejwe intwaro aho muri Butaganzwa bakamenyesha ko urwo rugo rwahora rurangwamwo umwumvikano muke. Bagahamagarira abubatse kutihanira igihe cose harico batumvikanyeko ahubwo nyabuna ko boza baritura inzego zibijejwe kugira babatunganinize. Ido n’ido na Franck Kaze…
Tukiri mugisata c’ubutungane amezi atatu neza na neza ararumanye umupfasoni Emilienne Sibomana yahoze ari umunyamabanga kw’ishule christ Roi igitega akaba no muri komite ya sindika y’abigisha yejejwe n’ubutungane hari kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi uyu uyu mwaka. Eularie Nibizi yahoze ari icegera ca sindika ya bakozi ba Leta Cosybu arababazwa no kubona uyo mukenyezi akivundiye mumunyororo biturutse yuko umushikiriza manza mukuru wa senyare i Gitega yanse kumurekura.Eularie Nibizi asaba ubutungane bw’Uburundi kw’ikubita agashi bukarekura iyo nzir’akarengane.Kurikira Eularie Nibizi.
N’umwanya w’ikiganiro Kw’isoko. Mu kiganiro c’uno munsi Umugera mushasha wibonekeje mu gihugu c’urwanda, umugera wa Marburg. Mbega ibimenyetso vy’uyo mugera n’ibihe, nizihe ngingo zikenewe mukwirinda uyo mugera?« Kw’isoko » mugishikirizwa na Pierre Gahungu.
Imbere yo gusozera ano makuru dukurikire ivyanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’Uburundi mukaba mubishikirizwa na Jean George Kibogora.Kurikira
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.