Amakuru

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 29 Nyakanga 2024

Publié le 29 septembre 2024 par Rédaction

Turi kw’igenekerezo rya 29 ukwezi kw’9 mu mwaka w’2024, uwu ni wa mwanya w’amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, mukaba muyashikirizwa na jewe nyene Audace Nimbona

Ndasubiye kubaha ikaze

Intumwa idasanzwe ya ONU ku Burundi yaratanze icegeranyo ciwe ca gatatu ku musi wa mbere w’iyi ndwi turiko turasozera imbere y’Inama ijejwe agateka ka zina muntu. Fortuné Gaëtan Zongo akaba yavuze ko agateka ka zina muntu kacifashe nabi cane. Ati kur’ivyo hakaba hiyongera ko ubuzima busigaye buzimvye cane aho bibangamira bidasanzwe abanyagihugu.

 

Mur’ico cegeranyo, Gaëtan Zongo avuga ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bitokunda ko haba amatora atunganye. Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU igafatira ku bibazo Abarundi bahura na vyo mu buzima bwa misi yose, be n’ukutihanganirana muri politike. Dusubire tumwumvirize.

 

Tukiri mu bijanye n’agateka ka zina muntu. Imyidogo ni myinshi mu miryango ifise abakenyezi bapfunganywe n’abana babo mugasho ka parake nkuru y’igihugu ikukira intara ya Makamba.Abo bakenyezi ngo bapfunzwe muburyo bubi cane kuko bari ahantu hatagira isaganirizo kandi nabo ari benshi.Iyo miryango isaba ko ababo bokoroherezwa. Abagirirwa n’ivyaha bito bito bakaburana bidegenvya.N’inkuru ya  Eddy Claude Nininahazwe

 

Urakoze Eddy Claude Nininahazwe. Tuve mu vy’agateka ka zina muntu tuje mu bijanye n’indero. Abana barenga ibihumbi 20 barahevye ishuli mu mwaka w’ishuli w’i 2023 ushira uw’i 2024 mu ntara ya Muyinga. Imvo nyamukuru zatumye abo bana baheba amashuli ngo n’ubukene bwugarije imiryango , abigeme batwara inda z’indaro hamwe n’abanyeshuli batari bake baja gushing izabo hataragera. Iyo nkuru tuyibaze Jean Georges Kibogora.

 

Ishirahamwe ACAT Burundi riratewe umutima uhagaze n’agateka kabanyororo bo kw’ibohero rikuru rya Muranvya kabandanya gatituka biturutse kubw’inshi bwabo.IVyo biri mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe aho rivuga ko iryo bohero ricubakwa ryari ryagenewe kwakira abanyoro 100 gusa none ubu ririmwo abarenga 1100.Jean claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT avuga ko   muri iki gihe c’invura n’ivyahuha bizohuhuka kuko baca banyagirwa kukubura aho bugama.Kurikira,

 

Jean Claude Ntiburumunsi asaba ubushikiranganji bw’ubutungane gufata ingingo zihuta kugira ngo hagabanywe abanyororo bari mur’iryo bohero rya Muranvya.Asaba kandi abo mubushikiranganji bw’ubutungane kutama bashira imbere gupfunga ahubwo bobanza bakaraba neza uburemere bw’icaha.N’ubu nyene tumukurikire.

 

Tugaruke mu ntara ya Muyinga aho hibonekeza   inyifato itabereye ku abantu bamwe bamwe banywesha igitoro co mu bwoko bwa essence  hanyuma bakakigurisha mu gihugu kibanyi ça Tanzaniya baciye mu nzira zo mu kinywabi. nkuko amakuru yo kwizera radio Inzamba yaronse avyemeza, Abashora ico gitoro ngo bakigurisha amafaranga ari hagati  y’i 5000 n’ayarenga gato y’amarundi. Buramatari w’intara ya Muyinga ,J Claude Barutwanayo, aranegura iyo nyifato, agasaba inzego zitandukanye bé n’abanyagihugu kugwanya izo nkozi z’ikibi . Ido n’ido na Frank Kaze

 

Tugukengurukire na wewe Franck Kaze. Indongozi z’igihugu zirahamagarigwa gukora ibikorwa bifitiye akamaro abanyagihugu bose muri rusangi kugira baze bashike kw’iterambere igihugu cipfuza. Ako n’akamo katewe ku musi wa kane muntara ya Makamba n’umukuru w’igihugu mu nama yo gukundisha igihugu yariko aragirisha indongozi zo muntara ya nshasha ya Burunga ziherereye mu bumanuko bw’igihugu. Evaritse Ndayishimiye akidoga avuga ko indongozi arongoye mu gihugu zishira imbere inyungu zabo bwite gusa.  Tumukurikire

 

Kubona umukuru w’igihugu aguma yidoga yagiriza abategetsi bamwe bamwe ko badakorera inyungu z’abanyagihugu, vyerekana ko ataco ashoboye , ko hariho abantu bamusumvya inguvu adashobora gukomakoma . Ivyo bivugwa na Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani CFOR ARUSHA ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta y’Uburundi , asigur ako umukuru w’igihugu atidoga , ahubwoko afata ingingo akabogoza abadashoboye amabanga bashinzwe. Dutegamatwi Ferederiko Bamvuginyumvira .

 

Ferederiko Bamvuginyumvira yibazako umukuru w’igihugu aguma yidoga ashira amakosa ku bandi ku mvo z’amatora yimirije kugirango areshe abanyagihugu. Asaba abanyagihugu kuhagabira .

 

Ni no kur’iyo nkuru dusozereye amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, nkaba ndabashimiyemwebwe mwese mwayakurikiye, nongera ndabifuriza kuroranirwa mu vyanyu no mubanyu, n’aho kuw’Imana uza kuri radio Inzamba Agateka Kawe.

Ibindi bisa n'ibi