Turi kuwa gatandatu n,igenekerezo rya 2 ni mukwezi kw’icumi umwaka wi 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha nayo akaba agizwe n,izi ngingo nkuru nkuru zikurikira
- Abigisha bo muri zone Rubirizi muri komine Mutimbuzi ngo ntibagishoboye kw’igisha abana biturutse kubibazo vy’inshi vyugarije amashule,nk’ibikoresho,ubwinshi bwa banyeshule n’ubukene bw’amazi.Ivyo babishikirije kuruno wambere munama bagiranye n’abvyeyi.
- Leta ikwiye gushira imbere intwaro ibereye no gutanga ubuzi n’amabanga kubantu babishoboye nimba y’ifuza ko igihugu gishika kw’iterambere rirama.Ivyo vyashikirijwe kuruno wa gatatu na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe Olucome mukiganiro yahaye abamenyesha makuru.Muraza kuvyunva.
- Umushikiranganji w’amagara y’abantu ahamagarira abanyagihugu kw’ikingira ingwara y’umugera wa Marburg imaze kw’ibonekeza mugihugu kibanyi c’urwanda mugukurikiza amabwirizwa y’isuku naho iyo ngwara itarashika m’Uburundi.Aya n’ayandi ni mukanya.Kwari guca kumayange.
Ndasubiye kubaramutsa.Ano makuru tuyahere mugisata c’indero
Abigisha ngo ntibagishoboye kwigisha abana kubera ibibazo vyinshi amashuri shingiro bigisha mwo afise. Aho ni muri zone Rubirizi, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Mur’izo ngorane hari mwo ubwinshi bw’abanyeshure, ubukene bw’amazi n’ukutagira utuzu twa surw’umwe. Abigisha babishikirije ku musi wa mbere aho ubuyobozi bw’ayo mashuri bwari bwakoranije abavyeyi b’abana kugira bigire hamwe uko ivyo bibazo Vyotorerwa inyishu. Ido n’ido ry’iyo nkuru na Franck Kaze.
Tubandanirize ano makuru mugisata c’ubutunzi n’intwaro ibereye.Leta y’Uburundi ngo yabwirizwa gushira mu ngiro intwaro ibereye mu bisata vyose kandi igashira imbere ubushobozi mu gutanga akazi n’amabanga, ahandiho Uburundi ngo ntibuzigera bushika kw’iterambere rirama. Uwo n’umwihwezo w’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagugwa ry’amatungo ya leta. Mu kiganiro uwurongoye iryo shirahamwe Gabriel Rufyiri yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu, yamenyeshejeko ivyo arivyo vyabuze kugirango umugambi w’igihugu ujejwe iterambere PND ntushike kuco wishinze . Tumetegamatwi.
Tuve mugisata c’ubutunzi dutandukire igisata c’amagara y’abantu.Mu gihe ingwara y’umugera wa Marburg iza yaribonekeje mu gihugu kibanyu c’u Rwanda, abarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, baragabisha. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Lidwine Baradahana, amenyeshako iyo ngwara ikaze cane. Ngo naho itaratorwa mu Burundi, abanyagihugu bakwiye kubandanya bayikingira mu kwisunga amabwirizwa ajanye n’isuku. Kurikira.
Impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Kyakatu mu gihugu ca UGANDA zirasaba ko umutekano wazo wokwubahirizwa. Babisavye inyuma y’aho umwe muri zo agandaguririwe n’abantu batashoboye kumenyekana hari ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 z’ukwezi guheze.Bamaze kumuca umutwe, abo bagizi ba nabi baciye bamutwara amafaranga agera ku miliyoni 13 z’amashilingi ya uganda. Uwo mugabo yishwe, yahavuye ashingurwa kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya mbere z’uku kwezi kw’10 . Umukenyezi wiwe na we akaba apfungiwe mu gipolisi ku mvo z’amatohoza. Vyinshi kur’iyi nkuru tubibaze mugenzi wacu Audace Nimbona
Tukiri mugisata kijanye n’amakuru yerekeye impunzi tuve mu gihugu c’ubuganda tuje muri Tanzaniya aho Ubwoba ari bw’inshi mu mpunzi z’abarundi baba mw’ikambi y’induta mugihugu ca Tanzaniya.invo akaba aruko umukozi w’iperereza ry’uburundi hari haciye igihe ataboneka yagarutse ngaho mw’ikambi.Uyo mukozi azwi k’umatazirano ya Joris akaba yaragize uruhara rukomeye mw’inyuruzwa n’ipfungwa ry’impunzi.N’inkuru ya Eddy Claude Nininahazwe
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe Jean Baptsite Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.