Turi kuwa kane n’igenekerezo rya 10 Gitugutu ni mu mwaka 2024. Ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mu kirundi mukaba muyashikirizwa na jewe Jean Baptiste Bireha.Ano makuru akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Kw’igenekerezo rya cumi Gitugutu buri mwaka amakungu arahimbaza umunsi w’ahariwe gukuraho igihano co gupfa .Ishirahamwe SOS Torture rikababazwa no kubona m’uburundi abantu babandanya bicwa abandi bakanyuruzwa kandi uburundi bwarakuyeho ico gihano co kwica. Sos Torture isaba Leta gushira mungiro ivyo yiyemeje.
- Ishirahamwe PARCEM riratangazwa no kubona inyuma y’imyaka cumi irenga ariho haba isuzumwa ry’inama rukokoma yo mugisata c’ubutungane yabaye mumwaka 2013.Faustin Ndikumana akavuga ko ico gihe ari kirekire cane akanatangazwa kandi yuko inyuma y’iyo myaka yose atacigeze gihinduka mugisata c’ubutungane n’ubu bukiri mukwaha kw’ubutegetsi.
- Inkurikizi zijanye n’ikena ry’igitoro z’ibandanya kw’ibonekeza k’ubwinshi mugisagara ca Bujumbura cane cane mubakozi ba leta harimwo n’abarimu aho bavuga ko basigaye batonda kumirimo n’amaguru bagashika barushe.Ivyo navyo ngo bigaca bigira ingaruka mbi kumwimbu.
Ndasubiye kubaramutsa no ngera ndabaha ikaze murano makuru.
Ikiringo c’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu onu ijejwe gukurikirana ibijanye n’ agateka ka zina muntu m’U burundi congerejwe.Ivyo vyavuye munama yabereye i geneve mubu suisse kuruno wa kane kubijanye n’agateka ka zina muntu aho ibihugu 22 vyatoye ko ico kiringo congerezwa .
Ano makuru tuyabandanirize muburaruko bw’igihugu mugisagara ca Ngozi aho Abana batatu bakubiswe n’inkuba umwe aritaba imana babiri nabo barakomereka.Ivyo vyabaye kumuhingamo wo kuruyu wa gatatu igihe abo bana babanyeshule bo kw’ishule shingiro rya Ngozi bariko bagira imyimenyerezo y’urukino rw’umupira w’amaguru kukibuga c’inkino ca Muremera mugisagara ca Ngozi. Iyo nkuru ikaba yemezwa n’ababa hafi y’ico kibuga co kimwe na Musitanteri wa komine Ngozi.
Kw’igenekerezo rya cumi gitugutu , amakungu yama ahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe gukuraho igihano c’urupfu. Ishirahamwe SOS TORTURE BURUNDI rirababazwa nuko mu Burundi abantu baguma bicwa ivyagashinyaguro, abandi bagatogwa ibiziga inyuma yo kunyuruzwa kandi ico gihano Uburundi bwaragikuyeho mu mwaka w’i 2009. Iryo shirahamwe rigasaba leta y’Uburundi gukora ibishoboka igashira mu bikogwa ivyo yiyemeje, na cane cane igahasha ababirengako bakaja muri ubwo bwicanyi. Dukurikire Denis Ndayishemeza ajejwe kumenyeshamakuru mw’ishirahamwe SOS TORTURE BURUNDI.
Mw’ishirahamwe CAVIB bavuga ko igihano co gupfa kikiri mumpapuro gusa mu Burundi kuko hariho ibitarashikwako kugira ico gihano kive mugihugu burundu. Felix Niyonkuru ajejwe imigambi mw’ishirahamwe CAVIB asigura ko ibijanye n’ugukuraho igihano co gupfa mu Burundi bikiri imfatakibanza kuko hari itegeko Uburundi butaretarako igikumu kugirango ico gihano kiveho. Kurikira
Uyu n’umwanya wo gukurikira akamo k’umuhari inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano muBurundi
Dutandukire igisata c’ubutungane.Umwana w’imyaka 13 ari muminwe y’inyamiramabi kuva kuruyu wa gatatu kumuhingamo kumurwa mukuru w’intara ya Bururi.Ciza Bosco yafashwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwo k’umutumba Nyavyamo mugacimbiri ka Taba.Amakuru ava mugipolisi akavuga ko yafashwe mugihe be na bagenzi we batatu bariko babomora inva ziri mw’itongo ry’abapfuye ryo kw’itaba kubirometero 5 vyo kumurwa mukuru w’intara ya Bururi.Uyo mwana ngo yafashwe munvura ariko asambura intatemwa kugira atware ivyuma biyubatse.Abo barikumwe batatu bakaba barasize abajejwe umutekano ariko bakavuga ko bariko barabarondera kuko bashoboye kubamenya.Mwomenya ko iryo tongo ry’abapfuye ryo kw’itaba hari haciye indwi zibiri rihiye biturutse kumuriro wadutse.
Tukiri muri ico gisata nyene mugihe haheruka kuba isuzuma ry’ivyavuye munama rukokoma y’ubutungane yabaye mumwaka 2013 i Gitega aho ishirahamwe Parcem ryari ryatumiwe muri uyo mw’ihwezo,Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe avuga ko bitunvikana na gato ko hasuzumwa ivyavuye muri iyo nama ikomeye ko vyagiye mungiro inyuma y’imyaka cumi irenga.Faustin Ndikumana abivuze inyuma yiryo suzumwa ryabaye kw’italiki 30 Nyakanga uno mwaka.Faustin Ndikumana avuga ko ico gihe ari kirekire cane kandi igitangaje nuko mugisata c’ubutungane atacigeze gihinduka ahubwo ibintu vyarunyutse aho ico gisata cacitse igikoresho c’ubutegetsi.Kurikira Faustin Ndikumana.
Faustin Ndikumana avuga ko gushika ubu Leta idashaka kwunva canke kwemera ku ubutungane ari ubundi butegetsi nkuko ibwirizwa shingiro ribivuga.Ariko leta gushika ubu iguma ibwivangamwo.N’ubu nyene Faustin Ndikumana,
Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata kijanye n’ubutunzi Inkurikizi z’ibura ry’igitoro ziguma zibonekeza, aho abakozi ba leta basigaye bacererwa ku buzi kubera kubura ama busi abunguruza. Bamwe mur’abo bakozi ba leta n’ abigisha bavuga ko bacererwa, bakanashika ku kazi barushe kuko bagenda n’amaguru bakavuga ko mbere n’umwimbu w’abanyeshure udashobora kuba mwiza ufatiye ku kungene akazi gakorwa. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona.
Ni no ngaha duciye dusozera ano makuru twabateguriye nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ano makuru mukaba mwayashikirijwe na jewe jean Baptiste Bireha mugire aho muba mwubahwe n’agahwane .