Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 16 Gitugutu 2024

Publié le 16 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa   gatatu n,igenekerezo  rya    16  Gitugutu umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean  Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Hari umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’ine  aturuka kumutumba Caga ni muri komine Busiga muntara ya Ngozi yagirizwa kuba yarafashe kunguvu utwana dutatu harimwo n’agahungu.Ariko akaba yaciye arekurwa .Amashirahamwe aharanira agateka kabana ariyamiriza iryo rekurwa ryuyo muyabaga ngo kuko yategerezwa gukosorwa naho ari umwana.
  • Uburundi bwaraye bufashe iyambere mubihugu  20 kw’isi vyishwe na Kigoyi .Ivyo n’ivyashizwe ahabona n’ikigo Global Hunger Index hari kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu .Kubwa Frederic Banvuginyunvira ngo ivyo vyose biva kubutugetsi bubi  atakazoza butegurira abarundi ahubwo bushira imbere inyungu zabo zo kununuza na ntaryo abanyagihugu basanzwe bari mubukene butagira izina .
  • Mugisata c’agateka ka zina muntu abantu bagera kw’icenda nibo bishwe kuva kw’igenekerezo ry’indwi za kuno kwezi gushka kurya13 murabo babiri barabuzwe irengero abandi batatu nabo biciwe ivyagashinaguro mugasho kiperereza muntara ya cibitoke.Ivyo biri mucegeranyo cakozwe n’umuhari iteka co mundwi yo kuva kw’italiki indwi gushika kuri 13 Gitugutu Muraza kuvyunva murano makuru yacu .

Ndasubiye kubaramutsa ndanabaha n’ikaze .

Ano makuru tuyahere mugisata c’ubutungane.Hari umwana w’umuhungu w’imyaka 14 wo ku musozi Caga ni  muri komine Busiga n’intara ya Ngozi bivugwa ko aheruka gufatwa arapfungwa yagirizwa gufata ku nguvu utwana dutatu harimwo n’agahungu, ariko ngo akaba atatevye mu minwe y’inyamiramabi kuko yaciye arekurwa. Amashirahamwe aharanira agateka k’abana mu ntara ya Ngozi bakaba biyamiriza irekurwa ry’uwo muyabaga ngo kuko n’ubwo akiri umwana ariko akaba yagirizwa ikosa, amategeko ategekanya izindi ngingo afatirwa mu ntumbero y’ukumugorora. Tubibaze Evlyne Mukeshimana.

Hari uwahoze mugisirikare ca kera ariko arasinzikarira mw’ibohero rya mpimba kubera gukikwa n’amagara.  Gorodiyano Nkurunziza agwaye ingwaro y’uruhago bita prostate isaba ko abagwa ariko amaze amezi arenga 3 arimwo ibikoresho bimufasha gusohora umwanda muto bita sondes. Akaba yasohowe ibitaro Roi khaled n’ubuyobozi bujejwe amabohero atavuwe. Abiwabo basaba ko aronswa uburenganzira bwo kuvurwa. Ido n’ido na…

 

Abantu icenda barishwe babiri  muribo  batorwa ibiziga,abandi batatu nabo biciwe   mugasho kiperereza kari muntara ya Cibitoke  bimwe bita ubwicanyi ndengera butungane.Ivyo biri mucegeranyo gisohoka buri indwi c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu iteka co kuva kw’igenekerezo ry’indwi za kuno kwezi gushika kw’igenekerezo rya 13 ico cegeranyo kiragaruka kandi kubijanye n’ubutungane n’intwaro n’umutekano.kurikira Egide Havugiyaremye ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mumuhari Iteka.

Uburundi bwaraye bufashe ikibanza ca mbere mu bihugu 20 kw’isi vyishwe na kigoyi. Icegeranyo cashizwe ahabona kw’igenekerezo rya 14 za kuno kwezi kw’10 n’ikigo Global Hunger Index. Ico kigo kikavuga ko ibihugu vy’uBurundi na Soudani y’epfo biza imbere y’ibindi bi 5 bibangamiwe gusumba ibindi vyose bishika 20 na vyone bitorohewe. Iyi nkuru tuyibaze mugenzi wacu Audace Nimbona

Ku bwa Ferederiko Bamvuginyumvira arongoye urunani rw’abnyapolitike batavuga rumwe na Leta CFOR Arusha, ngo nta kindi gituma uBurundi buguma buba mu kibanza ca mbere mu bihugu vyugarijwen’inzara kw’isi atari uko Abarundi batihaye umwanya ukwiye wo gutegura imitima imbere yo kwinjira mu ntwaro y’imigambwe myinshi, hamwe n’indongozi zishira imbere inyungu zabo aho kuronderera ineza igihugu, umvirize Ferederiko Bamvuginyumvira

Igikenewwe ngo n’uko Abarundi bokwicarana bakarabira hamwe ibihanze igihugu, umugambwe na wo uri ku butegetsi ukemera ko mu myaka 20 umaze utwaro uBurundi vyawunaniye aho kuguma winanata ngo wigumize ku butegetsi n’ubu tumwumvirize

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

Ibindi bisa n'ibi