Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 15 Gitugutu 2024

Publié le 15 octobre 2024 par Rédaction

Turi kuwa  kabiri    n,igenekerezo  rya    15 Gitugutu umwaka 2024 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe  canke mwaramutse bivanye naho muherereye . iri ni rya sango ryamakuru mukirundi mushikirizwa na jewe jean  Baptiste Bireha nayo  akaba agizwe n,izi ngingo nkuru  nkuru zikurikira

  • Hari umukenyezi w’umucuruzi  wo mugisagara ca Rumonge yaraye y’itavye imana muri iri joro ryakeye akaba yasandavye ageze kwa muganga.Uyo mukenyezi yari yafashwe n’igipolisi afise ibitenge vyinjiye mugihugu bidaciye mumuco.
  • Umurwi CENI ujejwe amatora kuruno wa kabiri washize ahabona ikirangaminsi camatora.Ayabashingamateka azoba kw’igenekerezo rya 5 zukwagatandatu 2025 co kimwe nabagize inama mpanuzwajambo.Ayabakenguzamateka akazoba kw’igenekerezo rya 23 zukw’indwi nayo ayabakuru bimitumba akazoba kwigenekerezo rya 25 zukumunani.Umukuru wa Ceni asaba abashaka kwitoza kwiyandikisha hakiri kare.
  • Urunani ruhurikiye mwo amashirahamwe aharanira agateka kimpunzi CBDH VICAR nayo asaba ibihugu bigize akarere ka Afrika yubuseruko kwubahiriza agateka kimunzi mukuzorohereza gutanga ubuhungiro.Aya nayandi ni mukanya,

Ndasubiye kubaramutsa ndabaha n’ikaze.

Umukenyezi w’umucuruzi yaritavye imana muriri joro ryakeye, inyuma yukujanwa kwa muganga abanje gufatanwa n’igipolisi ibitenge vyinjiye bidaciye mu muco. Uwo mudandaza yarazwi kw’izina rya Belyse akaba yitavye Imana ku bitaro vya Rumonge igihe c’isaha cumi z’ubuca, inyuma y’amasaha make ahashikanywe kwa muganga. Abamwegereye bamenyesheje ko yahagaritswe igihe c’isaha zitatu n’igice z’ijoro yinjiye mu gisagara ca Bujumbura. Commissaire w’igipolisi mu ntara ya Rumonge, colonel Jean Baptiste Bigirumuremyi, aremeza ayo makuru. Amenyeshako igipolisi camenye amakuru yurupfu rwiwe inyuma yaho ashikaniwe kwa muganga. Kubwiwe, uwo mudandaza yoba yarasanganywe ibibazo vy’umutima arivyo vyoba vyabaye intandaro yurwo rupfu. Umuryango wa Belyse, ukaba usaba umuco hakaba amatohoza y’ukuri kugira icahitanye uwabo kimenyekane.

Abantu babiri bapfuye abandi babiri nyene barakomereka bituritse kw’isanganya ryo mw’ibarabara Kayanza – Cibitoke kuri uwu wa kabiri.  Iryo sanganya ryabereye hafi y’ikirimba c’aho umuganwa Baranyanka yabaye ,  nk’isaha indwi n’igice z’umutaga , aho benshi bita kwa Jeanette . Ababonye mu gihe iryo sanganya ryaba , bamenyesheje ko haje ipikipiki iriko abantu babiri , umwana na se binjira  mw’ikaburimbi bavuye mu kandi kabarabara . Niho baca basekana n’imidoka yo mu bwoko bwa probox yari yunguruje abantu izananye mu ntara ya Cibitoke yerekereza mu gisagara ca Kayanza. Ubwo nyene uwo mwana na se baciye bitaba Imana babanje kuvirirana amaraso mu mutwe , babiri mu bari muri iyo modoka na bo bakaba bakomeretse kuko iyo modoka n’iyo pikipiki vyose vyononekaye. Tubamenyeshe ko haciye amezi atari make , abunguruza  abantu ku mapikipiki mu ntara ya Kayanza yose bashobora gupakira abantu bashika  bane  kandi ata n’umwe yambaye vya bikofero vy’ukwikingira impanuka bita casque . Ivyo vyose bigatangaza abatari bake kuko bikorwa abapolisi barorera ariko ntihagire ico bakora.

Dutandukire igisata ca politike  Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora kuri uno wa kabiri washize ahabona ikirangamisi c’amatora yo mu 2025. Kw’igenekerezo rya 5 ukwezi kwa gatandatu hazoba amatora y’abashingamateka nayabagize inama mpanuzwajambo y’amakomine. Amatora y’abakenguzamateka azoba kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kw’indwi, ay’abakuru b’imitumba nayo abe kw’igenekerezo 25 ukwezi kw’umunani. Abarundi bakwije ivyangobwa basabwa kuja kwiyandikisha kugirango bazoshobore gutora kandi bitoze. Ikiringo co kwiyandikisha n’uku kwezi turimwo kw’icumi kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika 31 zuku kwezi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi CENI asaba abantu gusidukana niyonka baze kwiyandikisha, agatera akamo abarongoye imigambwe guhimiriza abanywanyi babo kuri ivyo bihe vyimirije. Tumukurikire.

Tukiri muri politike Ibwirizwa shingiro kubijanye n’indimi zikoreshwa n’inama nshingamateka iyo hariko harirwa amategeko rirahonyangwa n’inama nshingamateka.  .Ivyo vyemezwa n’umwe mubashingamateka Terence Manirambona aho avuga ko amategeko aza munama nshingamateka yategerezwa kw’irwa mu k’irundi ariko hariho ayaza ari mururimi rw’igifaransa ivyo navyo bikaba biteye kubiri n’ibwirizwa shingiro ry’uburundi.Asaba ko ivyo bintu vyohagarara ibwirizwa shingiro rikubahirizwa n’abatora amategeko.Kurikira Terence Manirambona akaba yabivugiye kuri Radiyo Bonesha Fm

 

Abagabo 3 n’imisore 2 bacuruza ubunywero k’umugwa mukuru W’intara ya Muyinga burimwo ibinyobwa bihingugwa n’ishirahamwe BRARUDI , nibo Sentare nkuru y’igihugu yo mur’iyo  ntara yaciriye  m’urubanza rw’ikibiriraho rwabaye ku musi w’ ejo igihe c’umuhingamo  Igihano co kuriha ihadabu ry’amafaranga angana ni 350.000 umwe umwe bé no kugarigwa ubunywero bwabo ikiringo c’amezi 3, nkuko amakuru ava mur’iyo Sentare abimenyesha. Sentare yafashe kandi ingingo yo kubaka ibinyobwa Bari bafise bigahabwa abandi badandaza basanzwe bakora ako kazi kugira ntivyononekare.  Abo bagabo uko 5: Schadrack Ndayizeye, Uwizeyimana Claude, Jérémie Ndayisenga, Oswald Ndikumasabo  n’a Emmanuel Ngendakuriyo bakaba bagiriwe n’icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu mukuduza igiciro cashinzwe n’a Reta ku  ‘ibinyobwa  bihingugwa n’ishirahamwe Brarudi. Amstel ya cl65 bakaba bayigurisha 5000 kandi igiciro kizwi ari 3500.Naho Primus cl 72 bakayigurisha 4000 kandi bategerezwa kuyidandaza ku amafaranga 2500. Ukwo ari 5 ngo bakazoteranira kuriha amagarama y’urubanza.

Imbere yo gusozera ano makuru tuje mugisata kijanye n’impunzi.Ibihugu bigize umuryango w’akarere ka Africa y’ubuseruko bikwiye kubahiriza amategeko y’ishirahamwe HCR muguha ubuhingiro abarundi bavyitura kuko Uburundi bukiri mungorane z’umutekano muke. Ako n’akamo katewe n’urunani CBDH VICAR rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziri mumakambi. Mw’itangazo ryashowe kuruyu wakabiri nurwo runani bamenyesha ko ibihugu vy’akarere bimaze igihe vyima ubuhungiro impunzi z’abarundi mukuvuga ko amahoro yagarutse mu Burundi. Léopold Sharangabo aserukira urwo runani agasaba ishirahamwe HCR gufasha kugira abarundi baronke ubuhungiro mukarere canke baronderegwe ibindi bihugu bishobora kubaha ubuhungiro. Tumukurikire

 

Ni no  ngaha duciye dusozera ano makuru,nkaba nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi  ano makuru mw’ayashikirijwe na jewe  jean Baptiste Bireha Mugire aho muba mwubahwe muvyanyu no mubanyu n’agahwane.

 

Ibindi bisa n'ibi