Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 17 Gitugutu 2024

Publié le 17 octobre 2024 par Rédaction

Mwiriwe ncuti namwe bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe kaze mumakuru yo kuruyu musi wakane igenekerezo rya 17 Gitugutu umwaka wi 2024. Amakuru twabateguriye tuyahera kungingo nkuru nkuru zikurikira

  • Hari umunyagihugu yaraye arashwe n’uwujejwe umutekano muri zone Rugari ya commune Muyinga mugihe igipolisi ngo cari kigiye gusaka inziga zitemewe mubwunywero bwo muriyo zone. Abanyagihugu bakaba baciye bihanira uyo mu polisi akaba yahavuye nawenyene acika kuruyu wakane.
  • Mubijanye na politike naho, Imigambwe Sahwanya Frodebu na Codebu bariyamiriza ikirangamisi c’amatora giherutse gushigwa ahabona n’umugwi wiggenga ujejwe amatora. Uwurongoye uyo mugambwe Codebu akanegura ko mukiringo cashizwe ahabona n’umurwi CENI bidashoboka ko habaho inani kuko umwanya ari muto cane.
  • Umudandaza wese w’ibinyobwa wo muntara ya Muyinga azofatwa yadugije ibiciro azofatwa nk’umusuma ace akubitwa intahe mu gahanga, acibwe urubanza rw’ikibiriraho. Iyo n’ingingo yafashwe na buramatari w’intara Muyinga. Ariko abazi ivy’amategeko baranegura iyo ngingo kuko idakuriije amategeko ahana ivyaha. Kaze mwese mw’ido n’ido ni mukanya

Ndasubiye kubaramutsa duhere mubijanye n’umutekano muke

Umuntu umwe yaritavye imana uwundi nawe arakomereka  kuruwu wa gatatu mugihe ipikipiki zibiri zariko zunguruza abantu mu gisagara ca Ngozi zagongana. Uwundi na we nyene yariko anyonga ikinga avuye mu gisagara hagati mu gihe yagire akatire aho bita ku Muremera na we nyene yaciye agongwa n’ipikipiki  na we nyene yaciye yitaba Imana. Aba n’abandi bakavuga ko hari  amasanganya aterwa n’umuvuduko munini canke ugusamara kw’abadereva. Ivyo navyo ngo bikava kuba hari abakoresha ivyuma bagenda ata mpusha z’ukunyonga bafise n’abandi n’ubwo boba bazifise ziba ari izo baguze batarinze kuzica. Bakabona ko gipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara cari gikwiye kwiga ico kibazo hanyuma kigahana bene abo bantu.

 

Hari umunyagihugu nawe wo k’umutumba Gatongati ya 1, zone Rugari, commune n’intara ya Muyinga, yishwe kuruyu wagatatu ahitanywe n’urusoro rurashwe n’umupolisi mu bunywero bw’uwitwa Gérard Rwasa, aho uwo mupolisi na bagenziwe 2 bari baje gufata inzoga ya Kanyanga yariko idandarizwa mu bunywero bw’uwitwa Gérard Rwasa. Uwo mupolise akaba yaciye yakwa inkoho n’abanyagihugu baraho baca baramukubita arasinzikara nayo bagenziwe 2 barikumwe baca batungwa n’ayo bameze nkuko amakuru ava mu ntwaro kur’uwo mutumba avyemeza. Iyi nkuru tuyibaze Audace Nimbona

 

PIED : Tubamenyeshe ko amakuru twahavuye tumenya avuga ko uyo mu polisi nawe yacikanye kumugoroba wo kuruyu musi wakane inyuma yo gukibitwa n’ambanyagihugu.

 

Tubandanye mugisata ca politike

 

Ikirangaminsi  giherutse gushirwa ahabona n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora yo 2025  kirimwo utunenge. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe  kuruno wa kane n’imigambwe Sahwanya Frodebu n’umugambwe Codebu aho bavuga ko ibwirizwa shingiro riha uburenganzira imigambwe canke  abo bose bashaka kwitoza kugira inani. Keffa Nibizi arongoye umugambwe COdebu akavuga ko mukiringo cashizwe ahabona n’umurwi CENI bidashoboka ko habaho inani kuko umwanya ari muto cane . Iyo migambwe isaba ko umurwi CENI wotanga umwanya ukwiye kugirango imigambwe y’ifuza kugira inani ironke umwanya co kimwe n’abarondera vyangombwa bifuza kw’itoza .Kurikira .

Radio Inzamba tubandanye amakuru mugisata c’ubudandanji

Igiciro c’ikilo c’isukari y’hinguriro SOSUMO cashizwe ku mahera ibihumbi bitandatu 6000 vy’amahera y’amarundi. Vyamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji mw’itangazo bwasohoye kuruyu wa kane.  Ubwo bushikiranganji bumenyesha ko naho ivya nkenerwa mugukora isukari bidasiba kuduga ibiciro kw’isoko yo mugihugu na mpuzamakungu, leta y’uburundi yamaze gufata ingingo yo kugabanya amahera y’ama taxi atangishwa kubintu vyose vyinjizwa vya nkenerwa muguhingura isukari. Ubushikranganji bw’ubudandaji bugamagarira abejejwe intwaro hamwe n’abaguzi b’isukari kuvuga uwo wese azogurisha isukari mukinywabi n’abatubahiriza ibiciro vyashinzwe. Tubibutse ko ico giciro c’isukari gihinduwe inyuma yaho abatari bake biyamirije iduzwa ry’ikilo c’isukari cari cashizwe kumahera 8000 vy’amarundi. Umukuru w’igihugu akaba yari yategetse ubushikiranganji bw’ubudandaji gusubiramwo ibijanye n’igiciro c’isukari.

Tukiri murico gisata

Bulamatari w’intara ya Muyinga Jean Claude Barutwanayo aragabisha abadandanza b’ibinyobwa vya Brarudi bakorera muri iyo ntara baduzibiciro uko bishakiye. Kuvubu umudandaza azofatwa yadugije ibiciro azofatwa nk’umusuma ace akubitwa intahe mu gahanga,  acibwe urubanza rw’ikibiriraho. Bulamatari Barutwanayo asigurako ari mu ntumbero yo guhasha abadandaza nkabo bikika mu kiza . Jean Georges Kibogora.

Ingingo yafashwe na bulamatari w’intara ya Muyinga, ngo ni ingingo yafashwe hatubahirijwe amategeko. Ivyo bivugwa na’umushingwamanza Janvier Bigirimana yanonosoye ivy’amategeko .Asigurako urubanza rw’ikibiriraho rudacirigwa abantu bakoze amakosa yo kutubahiriza amategeko y’abajejwe intwaro , ahubwo urubanza nkugwo,  ngo rucirigwa abagirizwa ivyaha bikomeye bindi  . Umushingwamanza Janvier Bigirimana

 

Ni ngaha rero duciye dusozerera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Jean Batispte Bireha nayabashikitije ndabipfurije kuroranigwa muvyanyu no mubanyu. Naho ubutaha.

Ibindi bisa n'ibi