Turi kw’igenekerezo rya 20 mu kwezi kw’10 umwaka w’2024, ni ikaze kuri mwese mur’ano makuru makuru makuru yaranze ino ndwi Audace Nimbona ni jewe ngira ndayabashikirize, nkaba ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye n’aho muherereye, mu kanya isase ni ido n’ido
Ndasubiye kubaramutsa. Kur’uno wa mbere uheze ni ho haba ibirori vyo kwibuka imyaka 63 iheze umuganwa Ludoviko Rwagasore yaharaniye intahe yo kwikukira agandaguwe n’abansi. Ivyo birori bikaba vyatangujwe n’inkuka y’imisa aho padiri Felix Fupi yahamagariye Abarundi gufatira akarorero kuri Rwagasore mu kwama baharanira iterambere ry’igihugu. Tumutegamatwi.
Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, rivuga ko ribabazwa n’uko iragi ry’umuganwa Ludoviko Rwagasore ritigeze ryubahirizwa kuva Uburundi bwikukira gushika uno musi, na cane cane kuvyerekeye uburongozi bwiza. Iryo shirahamwe rikabona ko icama kiraza ishinga abarongozi, ari ukwuzuza inda zabo, hagukorera igihugu. Risaba ko hoba ishuri ryigisha ibijanye n’uburongozi bwiza n’intwaro ibereye. Dutegamatwi Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM.
Tukiri mu bijanye na politike, Umugwi CENI ujejwe gutegura amatora, warashize ahabona ku musi wa kabiri w’iyi ndwi turiko turasozera, ikirangamisi c’amatora yo mu 2025. Kw’igenekerezo rya 5 ukwezi kwa gatandatu hazoba amatora y’abashingamateka n’ayabagize inama mpanuzwajambo y’amakomine. Amatora y’abakenguzamateka azoba kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kw’indwi, ay’abakuru b’imitumba nayo abe kw’igenekerezo 25 ukwezi kw’umunani. Abarundi bakwije ivyangobwa basabwa kuja kwiyandikisha kugirango bazoshobore gutora kandi bitoze. Ikiringo co kwiyandikisha n’uku kwezi turi mwo kw’icumi kuva kw’igenekerezo rya 22 gushika 31 z’uku kwezi. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Prosper Ntahorwamiye arongoye umugwi CENI asaba abantu gusidukana n’iyonka baze kwiyandikisha . Agatera akamo abarongoye imigambwe guhimiriza abanywanyi babo kur’ivyo bihe vyimirije. Tumukurikire.
Ikirangaminsi giherutse gushirwa ahabona n’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora yo 2024 kiri mwo utunenge. Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe kur’uno wa kane n’imigambwe Sahwanya Frodebu n’umugambwe Codebu aho bavuga ko ibwirizwa shingiro riha uburenganzira imigambwe canke abo bose bashaka kwitoza kugira inani. Kefa Nibizi arongoye umugambwe COdebu akavuga ko mukiringo cashizwe ahabona n’umurwi CENI bidashoboka ko habaho inani kuko umwanya ari muto cane . Iyo migambwe isaba ko umurwi CENI wotanga umwanya ukwiye kugirango imigambwe y’ifuza kugira inani ironke umwanya, co kimwe n’abarondera vyangombwa bifuza kw’itoza .Kurikira .
Tuve muri politike tuje mu vy’agateka ka zina muntu. Ibihugu bigize umuryango w’akarere ka Africa y’ubuseruko bikwiye kubahiriza amategeko y’ishirahamwe mpuzamakungu mu guha ubuhingiro Abarundi bavyitura kuko Uburundi bukiri mu ngorane z’umutekano muke. Ako ni akamo katerwa n’urunani CBDH VICAR rw’amashirahamwe aharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi. Mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa kabiri n’urwo runani bamenyesha ko ibihugu vy’akarere bimaze igihe vyima ubuhungiro impunzi z’Abarundi mu kuvuga ko amahoro yagarutse mu Burundi. Léopold Sharangabo aserukira urwo runani agasaba ishirahamwe HCR gufasha kugira Abarundi baronke ubuhungiro mu karere canke baronderegwe ibindi bihugu bishobora kubaha ubuhungiro. Tumukurikire
Tukiri mu vy’agateka ka muntu imbere yo gusozera amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, hari uwahoze mu gisirikare ca kera ariko arasinzikarira mw’ibohero rikuru rya mpimba mu gisagara ca Bujumbura kubera gukikwa n’amagara. Gorodiyano Nkurunziza agwaye ingwara y’uruhago bita prostate isaba ko abagwa ariko amaze amezi arenga 3 ari mwo ibikoresho bimufasha gusohora umwanda muto bita sondes. Akaba yasohowe ibitaro Roi khaled n’ubuyobozi bujejwe amabohero atavuwe. Ab’i wabo basaba ko aronswa uburenganzira bwo kuvurwa. Ido n’ido na Joséphine Jones Nkunzimana
Urakoze Joséphine Jones Nkunzimana, ni kur’ako kamo kawe tugarukirije amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, Audace Nimbona nayabashikirije nkaba ndabifurije kuroranirwa aho muri hose, naho ubutaha kuri radiyo Inzamba Agateka Kawe