Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo kuwa 22 Ruhuhuma 2025

Publié le 22 février 2025 par Rédaction

Turi k’umusi wagatandatu igenekerezo rya 22 ruhuhuma umwaka wi 2025, mwiriwe n’ikaze ncuti bakunzi ba radio Inzamba agateka kawe muraya makuru twabateguriye. Nayo tuyahera ku ngingo nkuru nkuru zikurikira

  • Amwe mu mashirahamwe aharanira agateka kazina muntu mu Burundi ariyamiriza amajambo abiba urwanko amaze imisi ashikirizwa n’abatetegetsi b’Uburundi. Murayo mashirahamwe babona ko amajambo aturira ahanini amaze igihe ashikirizwa n’umukuru w’igihugu ubwiwe Varisto Ndayishimiye ashobora gukwega akarambaraye mu Burundi atagikozwe. Bagasaba abarundi kuhagabira. Muraza gukurikira insiguro zitangwa nayo mashirahamwe.
  • Imyidogo nayo niyose mubarimyi bo muntara ya Muyinga kubera bamaze imisi batonda k’ububiko bw’aho batora ifumbire bagasubira inyuma uko baje. Amakenga akaba ari menshi murabo barimyi kubera igihe co gutera kizohava gihera bataronse ifumbire yo m’ubwoko bwa Imbura bakenera cane muburimyi bwabo. Kaze mwese mw’ido n’’ido ni mukanya isase.

Ndasubiye kubaramutsa duhere kuriyi nkuru iciye kumasonga ivugwa mugisata c’umutekano muke

Hari umugabo wo ku mutumba Runda, zone Nyamugari na komine Marangara bivugwa ko yaraye yitavye Imana yishwe n’umugore wiwe. Inkuru ziva ngaho muri komine Marangara zikavuga ko intandaro y’urwo rupfu aruko uwo mugabo yatase n’umugore wiwe. Uwo mugore mu gutatira umugabo ngo yamuhoye ko akubise umwana wiwe, arinaho uwo mugore ngo yaca akubita intebe umugabo wiwe mu mutwe. Umugabo ngo yaciye ajanwa kw’ivuriro rya Nyamugari aho nyene muri komine Marangara ariko ngo yahavuye asandaba. Umugore amaze kwumva ko umugabo yamaze gupfa ngo yaciye yishikana mu gipolisi. Abajejwe intwaro aho muri komine Marangara bakamenyesha ko uwo muryango utari ubanye neza mbere ngo hakaba hari haciye indwi zibiri uwo mugabo n’umugore badacana uwaka. Muri kino gihe rero uwo mugore ngo akaba ariko akorwako amatohoza.

Tubandanye amakuru twabateguriye

Ishirahamwe ry’abakirisu ryiyemeje kurwanya isinzikazwa rya kiremwa muntu mu Burundi Acat-Burundi ririyamiriza amajambo abiba urwanko n’ubwicanyi amaze  iminsi ashikirizwa n’ abategetsi barongoye igihugu uhereye kumukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye. Mwitangazo ishirahamwe ACAT ryasohoye risaba rishimitse Leta guhagarika amajambo ben’ayo kuko ashobora gukwega akarambaraye mugihugu.Kurikira u,ushingwamanza  Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT.

M’Umuhari uharanira agateka kazina muntu Iteka nabo buvuga ko batewe umutima uhagaze n’amajambo y’amacakubiri amaze igihe ashikirizwa n’abategetsi b’uburundi. Anschaire Nikoyagize arongoye uyo muhari avuga ko ivyo bintu biteye amakenga menshi kandi bifise ingaruka mbi nyinshi ku gihugu. Agasaba ashimitse amakungu gukurikiraa hafi ibiriko biraba mu Burundi. Tumukurikire

 

Umuhari Inamahoro  w ‘abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi baherutse kwandikira umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye aho umumenyesha ko utewe impungenge n’ amajambo we nyene amaze iminsi ashikiriza ko intambara ishobora kwaduka hagati y’uburundi n’igihugu kibanyi c’urwanda. Marie Louise Baricako arongoye umuhari asaba ko imvugo nkizo zohagarara kuko abanyagihugu babayeho batazi ikibarindiriye. Umviriza

Ishirahamwe RCP rihamagarira abarundi kuba intungane, naryo rivuga ko ritewe umutima uhagaze n’imyimenyerezo ya gisirikare n’ibigwanisho biriko birahabwa urwaruka rw’imbonerakure hirya no hino mu gihugu na cane cane mu ntara ya Cibitoke. Gervais Nibigira icegera c’uwurongoye urwo runani ariyamiriza iyo ngendo y’abategetsi b’igihugu igamije gutera ubwoba n’ugukorera amabi imirwi imwe imwe y’abarundi. Asaba leta y’Uburundi guhagarika vuba ivyo bikorwa ireke abajejwe umutekano bo barekuriwe kubungabunga umutekano, ngo bakore akazi kabo. Tumukurikire

Radio inzamba turabandanya amakuru twabateguriye

Abarimyi bo mu ntara ya Muyinga baridoga ko bamaze imisi batonda k’ububiko bw’aho batora ifumbire bagasubira inyuma imbokoboko. Na nkeyi ibonetse ngo mukuyitanga hakajamwo ka mwana wa mama. Abo barimyi bamenyesha ko bafise amakenga ko igihe co gutera kizohava gihera bataronse ifumbire yo m’ubwoko bwa Imbura ari nayo bakenera cane mu gihe citera. Inkuru ya Pacifique Nkeshimana.

Aranekuye Pacifique Nkeshimana

Mugusozera aya amakuru tubabwire ayanditswe n’ibinyamakuru bitandukanye k’uburundi. Tuyashikirizwa na Audace Nimbona

Arakoze Audace Nimbona ni ngaha duciye dusosera amakuru twariko turabashikiriza, mwakoze mwebwe mwese mwayakurikiye. Mugire aho mwubwahwe. Nahubutaha.

 

 

 

Ibindi bisa n'ibi