Turi kuwa mbere n’igenekerezo rya 17 Ntwarante umwaka 2025 ncuti namwe bagenzi mwashimye gukurikira Radiyo Inzamba Agateka kawe ndabahaye mwiriwe canke mwaramutse bivanye naho muherereye .Iri ni rya sango rya makuru mukirundi nayo akaba agizwe n’izi ngingo nkuru nkuru zikurikira.
- Umunyagihugu atashoboye kumenyekana umwidondoro yaraye asandavye bivuye kumahiri yakubiswe n’abapolisi kuruno w’imana kugasho ka zone Wingoma muri komine Butihinda.Ngo yahowe ko yashaka gutoroka.
- Ingingo iherutse gufatwa na Leta yo gusubiramwo imishahara y ‘abaganga ngo iri mwo akarenganyo kuko iha akarusho abaganga bakora mubitaro gusa igakumira abakora mubindi bisata.Basaba ko iyo ngingo yosubirwamwo.
- Abakozi bo mw ‘ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana microfinance Ineza Iwacu ishavu ni ryinshi biturutse yuko badashobora gutora amafaranga Ivyo bikaba vyavuye kungingo yafashwe n’ibanki nkuru BRB yugaye iryo shirahamwe kuva mukwezi kw ‘ ambere.Basaba umukuru w ‘igihugu kubafasha ngo barenganurwe.Aya n’ayandi nimukanya.
Ndasubiye kubaramutsa ndanabaha n’ikaze.
Hari umunyagihugu umwidondoro wiwe utaramenyekana, yaraye yitavye Imana inyuma y’amahiri yakubiswe n’aba polisi bakorera ku gasho ka zone Wingoma muri commune Butihinda intara ya Muyinga. Akaba yakubiswe ahorwa kuba yashatse gutoroka igihe yarasohowe kwota akazuba kuri uyu w’Imana. Abanyagihugu babibonye basaba ubutungane gukora akazi kabwo kugira abamugandaguwe bahanwe. Inkuru ya Pacifique Nkeshimana.
Ingingo iheruka gufatwa yo gusubiramwo ibijanye n’umushahara w’abaganga ngo ishobora gucanishamwo abo baganga kuko iterekeye bose. Ivyo bivugwa n’abaganga bamwe bamwe aho banegura ingene iyo ngingo yerekeye abaganga bavura mu bitaro bonyene , ikibagira abandi baganga bakora mu bindi bisata. Abo baganga babibonamwo amacakubiri , bagasaba leta ko yosubiramwo iyo ngingo abaganga bose bagatunganiririzwa . Ni inkuru ya Jean Georges Kibogora.
Abanywanyi ba microfinance Ineza iwacu bari mumubaro ntangere kubera ko badafise ububasha bwo gutora amahera yabo babikije muriyo microfinance. Abo banywanyi bavuga ko kuva italiki 4 zukwezi kwa mbere uyu mwaka ata muntu numwe afise uburenganzira bwo gutora amahera kuko iyo microfinance yahagaritswe n’ibanki nkuru. Basaba umukuru w’igihugu kubafasha kugira baronke amahera yabo. Ido n’ido na Parfait Mudasigana
Haracakenewe utwigoro twinshi kugira ubutunzi bw’igihugu bushobore kw’isununura.Ivyo n’ibishikirizwa n’ishirahamwe PQRCEM inyuma y’icegeranyo c’amezi atatu casohowe n’ibanki nkuru y’igihugu BRB yerekana ingene ubutunzi bw’ifashe . Faustin Ndikumana arongoye PARCEM avuga ko kukibazo kijanye n’amaranga y’agaciro hagikenewe utwigoro twinshi.Kurikira.
Faustin Ndikumana avuga kandi ko ikibabaje muri ayo madeni Leta ifata ayashirwa mugisata co kurwiza umwimbu ari make cane. Abona ko ico kintu gikwiye gukosorwa .Nubu nyene tumukurikire.
Imbere yo gusozera ano makuru tubanze tubashikirize amakuru y ‘inkino wabaye mundwi iheze.
Muri Basket-ball, urukino rwariko ruhuza Dynamo n’Urunani rwari rwitabwe n’abantu benshi ku munsi wa gatandatu ntirwarangiye kubera imvura kandi rwari ruryoshe. Abakunzi ba basket bagasaba ko ikibuga kimwe ca département des sports cosakarwa. turarabira hamwe n’ingene ihiganwa mu mashure yisumbuye ryaraye rirangiye. Inkuru ya Alexandre Niyungeko.
Ni no ngaha duciye dusowera ano makuru nkaba
nshimiye mwebwe mwese mwaduteze yompi ngashimira na bagenz’anje umwe wese kugiti ciwe banfashije kuyabatororokaniriza mugire aho muba mwubahwe mubanyu no muvyanyu. N’agahwane.