I. Ikiziga c’umugabo yitwa Alexandre Nzokirantevye w’imyaka 64, caratowe ejo mu gatondo ku musozi wa Ntobwe, komine Buhinyuza y’intara ya Muyinga, nkuko amakuru ava aho kuri uwo mutumba wa Ntobwe avyemeza. Ikiziga ca Nyakwigendera kikaba cari cambitse umugozi mw’izosi, kirereta ku giti kiri hafi y’aho yari asanzwe aba. Imvo z’urupfu rw’uwo mutama zikaba zitaramenyekana. Igipolisi ngo kikaba kiriko kigira amatohoza kugira abakoze ako kabi baje ahabona bashikirizwe ubutungane.
II. Hari umusore yitavye Imana kuri uyu wa kabiri muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba. Bivugwa ko uwo musore yadendukiye mu Burundi, kubera amahiri yakubitiwe mu gihugu ca Tanzania, mu gihe yariko aratahuka ava muri ico gihugu, aho yari yagiye kwivuza.
III. Bamwe mu mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mtendeli mu gihugu ca Tanzaniya zirarahira zikarengwa ko zitariko zirasubira mu Burundi, mu gihe abantu bakinyuruzwa, abandi bagitorwa ibiziga. N’inyuma y’aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Tanzaniya George SIMBA CHAWENE, ari kumwe na zimwe mu ntumwa za leta y’Uburundi bagize imisi bararika impunzi z’abarundi ziri mu makambi aho muri Tanzaniya gusubira mu gihugu, kuko ngo amahoro n’mutekano bihari.
IV. Imisi ine niyo uwitwa Richard Hakizimana n’umukenyezi wiwe bamaze bapfungiwe mu biro vy’iperereza mu gisagara ca Bujumbura. Bafatiwe muri komine ya Nyabiraba, mu ntara ya Bujumbura, bagirizwa kurondera aboja mu migwi igwana, ivyiyamirizwa n’ishirahamwe ACAT, riharanira agateka ka muntu. Me Jean Claude Ntiburumusi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi, avuga ko uyo mugabo yari mu bashigikiye Hussein Radjab yahoze arongoye umugambwe CNDD-FDD, ifatwa ryiwe ngo ryerekana ko ubutegetsi buriho ubu bubandanya gutoteza kiremwa muntu.
V. Ikiza COVID 19 hagati mu gihugu ngo kiriko kiratuzwa ngo kandi ibiharuro vy’abandura bibandanya kugabanuka. Ibi vyashikirijwe ku munsi w’ejo wa kabiri n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana. Hari mu nama arikumwe n’umurwi ujejwe kurwanya ico kiza mu gihugu. Afatira ku bipimo 2500 aho hatowe 3 gusa banduye ico kiza, hagati mu gihugu. Ariko ngo ivyo biharuro bishobora kwiyongera kubera abava mu bihugu vyohanze, abo nabo ngobakaba bazoza barapimwa uko binjiye mu gihugu n’aho bazoba bafise impapuro zerekana ko batanduye. Ku rwego rw’igihugu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwerekana ko abarenga 20,000 aribo bamaze gupimwa, 416 akaba aribo bamaze gutorwa umugera wa COVID19, abashika 319 nabo n’abakize, 76 akaba aribo ubu bagwaye, nayo umwe akaba ariwe amaze guhitanwa n’ico kiza.
VI. Hari imyidogo muri bamwe mu bigisha bo mu mashure mato mato n’ayisumbuye ya leta. Bavuga ko bahawe akazi kuva mu kwezi kwa mbere ariko n’ubu batararonswa imishahara yabo, kubera ata na nimero ndangamukozi barahabwa. Basaba gutunganirizwa.
VII. Ishirahamwe OLUCOME rijejwe kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, rihanura abadandaza baheraniwe n’intara ya Makamba, amafranga yababa imiliyoni 100 mu mafaranga y’amarundi, kubw’ibikoresho batanze kw’ideni mu kwubaka igorofa rizokoreramwo ibiro vya Bulamatari w’intara, kwitura Bulamatari mushasha ngo abatunganirize. Kubwa Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, ngo mu gihe aho hose badatunganirijwe, nta yindi nzira izoba isigaye atari ukwitura ubutungane.
VIII. Kubona abadandaza bo mu ntara ya Makamba batanze ibikoresho vyo kwubaka ingoro y’intara batararonswa amafranga yabo, haraheze imyaka itatu, vyerekana ko Leta idashaka kugiriranira imigenderanire myiza n’abanyagihugu bayo. Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira yabaye icegera c’umukuru w’igihugu. Uwo munyapolitike asaba bene kurenganywa kwitura ubutungane, canke urwego rw’umuhuza.
IX. Guhera igenekerezo rya 14 ukwezi kuza kwa Nyakanga, umumenyeshamakuru weze akorera mu Burundi azoza arasabwa ikarata imuranga, carte de presse mu gifaransa, igihe azoba ariko ararangura imirimo yiwe. Vyamenyeshejwe na Nestor Bankumukunzi arongoye urwego rugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru. Yanamenyesheje ko abamaze kuronka iyo karata bashika ku bice 62 kwijana.