I. Umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi urahagaritswe umutima n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rikibandnaya mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, mu nama igira iya 48 y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu. Uwaserukiye leta y’Uburundi yiyamirije ibiri muri ico cegeranyo cashikirijwe. Bimwe mu bihugu biri mw’ishirahamwe ONU vyasavye ko uwo mugwi utokongerwa ikindi kiringo ; mu gihe hari ibindi bihugu vyasavye ko uwo mugwi ugumaho kugira agateka ka zina muntu gashobore kwisununura.
II. Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu riracabandanya. Umugabo azwi kw’izina rya Fabien Ndikumugongo yaratowe ari ikiziga ku musi wa gatatu, ku mutumba Rutoke, ni muri zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga, nk’uko amakuru atangwa n’abajejwe intwaro kuri uwo mutumba avyemeza. Abantu babiri bakaba baciye bahagarikwa n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.
III. N’ishavu ku banywanyi ba CNL bo muri komine Muhuta intara ya Rumonge. Ingoro y’uwo mugambwe ku musozi Buyenzi muri iyo komine yarasambuwe mw’ijoro ryo ku wa kabiri uheze. N’ingoro igize 8 ya CNL isambuwe muri iyo komine mu kiringo c’amezi atandatu, nk’uko CNL ivyemeza. Abanywanyi b’uwo mugambwe bakiyamiriza ukwica amatwi kw’abajejwe intwaro n’igipolisi kuri ubwo bukozi bw’ikibi.
IV. Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom ariyamiriza ivyo umushikirizamanza mukuru wa Republika amwagiriza, aho avuga y’uko ari mu bakora ibikorwa vy’iterabwoba. Marguerite Barankitse avuga ko ivyo biri mu rukurikirane rw’ivyo bama bamwagiriza kuva mu mwaka wa 2007. Marguerite Barankitse avuga ko bitamuca intege kuko ata gaciro abiha.
V. Umugambwe MSD umenyesha ko ubabazwa no kubona aabarongoye umugambwe bagirizwa kuba bari inyuma y’ibitero vy’ama grenade, abao nabo akaba ari uwurongoye umugambwe Alexis Sinduhije n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe François Nyamoya. Mw’itangazo umugambwe MSD wasohoye kuri uyu wa kane inyuma y’ibitero vy’ama grenades yatewe i Bujumbura, umugambwe MSD urahoza imiryango y’abahitanywe n’ivyo bitero n’ababikomerekeyemwo. Umugambwe MSD wibutsa ko wamye uburabuzwa kuva ugishingwa kugira unigire mu menshi ico umugambwe wiyemeje mu guharanira ubwigenge n’ubutungane kuri bose. Umugambwe MSD usubira kwibutsa ko wiyemeje ingwano ya politike ataho ihuriye n’iterabwoba.
VI. Gusohora urutonde rw’abagirizwa ibitero mu Burundi, mu mwanya muto kandi ata vyemeza, n’irementanya rya leta ryo gushaka kubambika iceyi. Bishikirizwa na Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani CFOR-Arusha. Uwo munyepolitike agasaba leta gukurikirana abiyemereye ko bateye ikibuga c’indege, aho kurondera abo yagiriza ibindi.
VII. Ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama, ryoryo ririyamiriza ibitero vy’ama grenade biherutse kubera mu ntara ya Gitega no mu gisagara ca Bujumbura. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe, gusesa amaraso siwo muti w’ibibazo bihanze Uburundi, ngo ubu hari ubundi buryo bwinshi bwo gushikiriza ivyo bibazo, hanyuma bigashobora gutorerwa umuti urama, bigaca mu biganiro ata maraso arinze guseseka.
VIII. Ubumwe bwa Afrika buratera ivyatsi ibitero vy’ama grenade vyahitanye abanyagihugu batanu, abandi benshi barakomereka mu gisagara ca Bujumbura ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri. Mw’itangazo ryo kuri uwu wa gatatu, Moussa Faki Mahamat arongoye commission y’ubumwe bwa Afrika asaba ko abakoze ivyo bitero bahagarikwa bagashengezwa imbere y’ubutungane. Moussa Faki Mahamat arahoza imiryango yabuze ababo, leta, n’abarundi bose, akipfuriza gukira abakomeretse.