Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 04/11/2021

Publié le 4 novembre 2021 par Rédaction
I. Amakenga n’ubwoba ni vyose mu muryango w’abantu bane bo ku mutumba Muhuzu wa zone Minago, komine n’intara ya Rumonge, inyuma y’imisi irenga 20 banyurujwe, ubu akaba atawuzi aho boba bapfungiwe. Abantu babiri bari bafashwe bikekwa ko boba aribo babadodobereje bari bafashwe, ariko baherutse kurekurwa. Abegereye imiryango y’abo bantu bane basaba kumenyeshwa aho ababo bari, mu gihe boba bafise ico bagirizwa bashikirizwe ubutungane, atagihari naho barekurwe basubire mu miryango yabo.
II. Iburwa irengero, kuborezwa igufa, no guhagarika abantu hadakurikijwe amategeko bibandanya mu gihugu, birahagaritse umutima ishirahamwe ryitaho iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB. Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa kane, Carina Tertsakian, umushakashatsi muri IDHB, amenyeshako inyuma y’ibitero vyabaye mu kwezi kwa kane umwaka wa 2021 mu mihingo itandukanye y’igihugu, abatavuga rumwe na leta  babandanije bahagarikwa, bagapfungwa hadakurikijwe amategeko, abandi bakaborezwa igufa. Bamwe mu bapfungirwa mw’iperereza nabo barabuzwe irengero. Carina Tertsakian asaba amakungu kugumiza ijisho kubibera mu Burundi.
III. Inyifato y’igihugu ca Tanzaniya yo gutoteza no guhohotera impunzi z’abarundi bahungiye muri ico gihugu, iragayitse. Bishikirizwa n’urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n’impunzi ziri mu makambi CBDH-VICAR. Ribishikirije inyuma y’aho ubutegetsi bw’igihugu ca Tanzaniya butegekeye gufunga impunzi z’abarundi batungiye ibitungwa mw’ikambi ya Nduta, eka n’amatungo yabo akibwa. Iryo shirahamwe risaba amakungu gufata ingingo zose zishoboka bakagondoza ico gihugu, kikubahiriza amategeko agenga impunzi. Léopold Sharangabo ni icegera c’uwurongoye CBDH-VICAR.
IV. Kuva kw’igenekerewo rya mbere za kuno kwezi, ibiciro ku bivuza mu bitaro vy’abigenga vyaraduze ibice 30%. Muganga Astère Ndayizeye arongoye ishirahamwe rihurikiyemwo ibitaro vy’abigenga mu Burundi, amenyesha ko babikoze kubera ibiciro vyaduze aho bakura ibikoresho. Amenyesha kandi ko n’amafaranga y’agaciro yabuze mu Burundi. Asaba ababitura kubatahura kuko vyose babikoze mu ntumbero yo kubandanya batunganiriza neza ababitura.
V. Igiciro c’isukari kigeze ku mafaranga ari hagati ya 2800 na 3000 ku kiro mu ntara ya Kayanza. Biri uko mu gihe igiciro kizwi  na leta ari 2500 ku kiro. Abadandaza bakavuga ko barangura umufuko w’ibiro 50 ku mafaranga ari hagati ya 120.000 na 130.000 ku mupfuko. Bakavuga rero ko baduza ibiciro mu mabutike kugira ntibakore bahomba.
VI. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta ririyamiriza ryivuye inyuma ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu Ibrahim Uwizeye, imbere y’inama nshingamateka, igenekerezo rya 28 z’ukwezi guheze, ko ata gitoro kikiri mu bubiko, ivyo bita stocks stratégiques. Grabiel Rufyiri arongoye OLUCOME arerekana ko ikigo c’I Gitega gishingurirwamwo ibitoro cagabiwe ishirahamwe Interpetrol, leta ntiheze ngo yamize ijisho ku bikorwa vy’iryo shirahamwe ku neza y’abanyagihugu, ahubwo bamwe bo muri iyo leta nyene bakaronderera inda zabo gusa.

Ibindi bisa n'ibi