Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/11/2021

Publié le 8 novembre 2021 par Rédaction
I. Umuntu yahoze mu gipolisi c’Uburundi yanyurujwe kuri uyu musi wa mbere muri Zone rohero mu gisagara ca Bujumbura. Amakuru atangwa n’ababibonye avuga ko uwo muntu yanyurujwe n’abantu bambaye umwambaro w’igipolisi bari mu modoka.
II. Abantu barenga 60 barabuzwe irengero inyuma y’aho banyurujwe n’inzego zitandukanye z’igihugu kuva Evariste Ndayishimiye ashitse ku butegetsi. Ivyo bivugwa na Pacifique Nininahazwe arongoye isekeza Ndondeza. Arerekana ingene iperereza rya gisirikare rifise uruhara muri ubwo bukozi bw’ikibi. Benshi mu banyurujwe bakaburwa irengero, yemeza ko ari abo mu migambwe CNL na MSD.
III. N’abanywanyi ba CNDD-FDD bari mu bamaze imisi banyuruzwa bakaburwa irengero nk’uko Pacifique Nininahazwe avyemeza.
IV. Abanywanyi b’umugambwe CNL bo muri komine Vugizo mu ntara ya Makamba, baraye babujijwe gukora inama ku ngoro yawo iri ku mugwa mukuru w’iyo komine. Nk’uko amakuru dukura ngaho i Vugizo abivuga, abanywanyi 40 b’umugambwe CNL bagize inzego zitandukanye z’uwo mugambwe muri komine Vugizo bankiwe gukorana na Musitanteri wa Vugizo Gérard Hakizimana. Uwo arongoye I komine yamenyesheje ko badashobora gukorana barenga igitigiri c’abantu 20 mu ngoro yabo, naho boba basavye uruhusha. Aho ngo akaba yaciye ategeka igipolisi guhagarika iyo nama. Iyo ngingo ya Musitanteri Gérard Hakizimana ikaba yiyamirizwa n’abarongoye umugambwe CNL ku rwego rw’igihugu babicishije mw’itangazo basohoye ku rubuga rwabo rwa Twitter.
V. Haravugwa imyimenyerezo ya gisirikare ikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD mu ma komine ya Burambi na Rumonge mu ntara ya Rumonge. Iyo myimenyerezo irateye amakenga abanyagihugu, aho mbere bamwe bagira ubwoba cane kuko bica bibibutsa imyaka bamaze mu ntambara. Basaba abategetsi mu gipolisi na gisirikare guhagarika ivyo bikorwa vy’imbonerakure.
VI. Ivyo gutorana kw’abakenyezi mu Burundi biracari kure nk’ukwezi. Leta n’ubu ibandanya ibitera ivyatsi. Uwurongoye inama nshingamateka, igihe yariko igirana inama n’abarongoye amadini mu ntara ya Muramvya mu mpera z’indwi iheze, yavuze ko ata tegeko ryo gutorana barota bashiraho.
VII. Amajambo y’uwurongoye inama nshingamateka ateye kubiri n’ibwirizwa shingiro be n’intambwe igihugu kimaze kugerako mu bijanye n’ukunganisha abagabo n’abagore, imbere y’amategeko. Ivyo bivugwa na Marie-Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ku bwa Marie-Louise Baricako, ngo ubu leta nta kindi yokora atari ukwiga neza ingene ako gateka k’abakenyezi kokwubahirizwa.
VIII. Amafaranga agera ku miliyoni 76 y’ama dorari y’amanyamerika niyo ngurane ikigega FMI cahaye Uburundi mu ntumbero yo gushigikira imigambi ya leta. Ivyo vyashikirijwe na Domitien Ndihokubwayo umushikiranganji w’ikigega ca Leta, kuri uyu wa mbere, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Kubw’uwo mushikiranganji, iyo ngurane igiye gusahiriza ibanki nkuru y’igihugu kugira ngo amafaranga y’agaciro aboneke.
IX. Imigwi ya Sisters na SOS niyo yaraye itahukanye ibikombe vy’inkino zitangura ihiganwa rya handball mu gisagara ca Bujumbura. Mu mupira w’amaguru Bumamuru ni yo iri mu kibanza ca mbere mu nkino z’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, inyuma y’umusi wa 11.

Ibindi bisa n'ibi