I. Abantu 2 ni bo bapfuye mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, abandi batatu nabo barakomereka. Ivyo vyabereye ahitwa Kumateka, muri komine Matongo y’intara ya Kayanza. Inzego z’umutekano zivuga ko zatanye mu mitwe n’umugwi w’abantu bane bafise grenade imwe. Amakuru ava i Matongo akamenyesha ko hari hamaze imisi ubwoba ko bashobora guterwa n’abitwaje ibirwanisho bavugwa ko boba bari mw’ishamba cimeza rya Kibira. Umuntu agira gatatu yahavuye yitaba Imana amaze gushikanwa kwa muganga.
II. Ibiziga 2 vyatowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, mu ntara za Makamba na Rutana. Ikiziga kimwe kikaba ari ic’umwana w’uruyoya yishwe ahejeje kuvuka, aho ni mu ntara ya Makamba, nayo mu Rutana, ni umukenyezi yakerewe izosi.
III. Umugabo yaraye yishwe akubiswe mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri rishira ku wa gatatu ku mutumba wa Cumva muri komine n’intara ya Kirundo. Nk’ukwo bimenyeshwa n’umukuru w’umutumba wa Cumva. Ngo hari nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro aho umugabo yishwe azwi kw’izina rya Rugerinyange aturuka ku mutumba wa Kanyinya, yakubitwa n’abanyagihugu bo kuri uyo mutumba, kugeza aho acikana. Hari inyuma yaho bumvise umubanyi akoma induru ko atewe n’umusuma. Viateur Habimana musitanteri wa komine Kirundo, ahamagarira abanya Kirundo kutihanira, ahubwo iyo bafashe umusuma bamushikirize inzego zijejwe umutekano n’ubutungane, kugira ahanwe.
IV. Ishirahamwe rya Buraya ryatanze imiriyoni zine z’amafaranga y’abanyaburaya agenewe gushigikira abarundi batahuka bava iyo bahungiye. Imigambi yagenewe ayo mafaranga izotangura kuja mu ngiro mu kwezi kwa 12 kw’uno mwaka, ikazomara ikiringo c’imyaka ibiri. Ayo mafaranga rero azoshigikira abatahuka mu kubaronsa vya nkenerwa vyihuta, uburaro kuri ba ntaho nikora, kubafasha kwiteza imbere mu bijanye n’ubutunzi, kubaronsa ivyo bafungura kuri abo batahuka bo mu ntara za Makamba na Kirundo.
V. Abanyororo baserukira abandi bazwi kw’izina ry’aba capita hamwe n’abanyororo basanzwe bajejwe umutekano mu mabohero, ngo nibo babandanya bakorera amabi abafungwa mu kubarihisha amafaranga y’uburaro no mu kubaboreza igufa atacamira. Ivyo bishikirizwa na Jean-Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohotera rya kiremwa muntu. Agasaba ubushikiranganji bw’ubutungane kugenzura amabohero n’uguhana abakora ayo mabi.
VI. Abavyeyi barereye kw’ishure rya Michel-Archange ry’i Ngozi bariyamiriza ingingo y’abarongoye iryo shure, yo gutangisha amafaranga 10.000 bise agashirukabute k’abigisha, kugira bafashe abana inyuma y’umutaga mu gusubiramwo ivyo bize. Abavyeyi bakavuga ko ako ari agatotezo kuko no mu nama y’abavyeyi, abavyeyi nka bose baranse ko ayo mafaranga atangwa basigurako n’ubushikiranganji bw’indero bwahagaritse itangwa ry’ayo mafaranga mu gihugu cose.