I. Ubwoba bwazindutse ari bwinshi kubafata ibarabara rya Bujumbura-Kayanza. Nk’uko amakuru dukura muri ako karere abimenyesha, ngo abasirikare be n’abapolisi bazindutse bakizura mu gace ka zone Bugarama na Banga gushika muri komine Matongo mu ntara ya Kayanza. Abajejwe umutekano bari bitwaje ibigwanisho bikomeye, baherekejwe n’urwaruka rw’imbonerakure zitwaje amahiri. Abaca muri iryo barabara rihanamiye ikibira, bavuga ko hoba hari imigwi y’abitwaje ibirwanisho.
II. Umuntu umwe yarishwe, abandi umunani baranyuruzwa inyuma yo kuba baherutse kurekurwa bava mw’ibohero ; benshi muri abo bari barekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Abo akaba ari abo uruganda rwa radiyo Inzamba rwashoboye kumenya. Abandi barekuwe babayeho mu bwoba budasanzwe, aho hari n’abinyegeje kugutinya gusubira gufatwa canke kunyuruzwa.
III. Kuri ivyo bikorwa vyo kunyuruza abantu ngo bituma abakiri mu mabohero bagira ubwoba bwo gusohoka ibohero, ahubwo bakumva ko umenga bafise umutekano bari mu mvuto. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, akaba ari nawe yatanguje isekeza Ndondeza, asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abamufasha, guhagarika ivyo bintu vyo kunyuruza abantu bongere bahe ituze abarundi bose.
IV. Barasaba ko ibihano vy’ubutunzi vyafatiwe leta y’Uburundi bigumizwaho. Abo n’abakuru b’imigambwe PPD-GIRIJAMBO na MSD. Mw’ikete abarongoye iyo migambwe itavuga rumwe na leta y’Uburundi yandikiye uwujejwe imigenderanire no gufashanya hamwe n’umutekano mw’ishirahamwe rya Bulaya, bamenyesha ko bafise amakenga ko hamwe ibihano bikuweho, imfashanyo igenewe abanyagihugu izokoreshwa mu guhemba abakorera amabi abarundi.
V. Ishirahamwe ACAT-Burundi ryaronkejwe agashimwe mu guharanira agateka ka zina muntu bita Engel-du Tertre 2020 gatangwa na fondation ACAT. Agashimwe ku bw’umushingwamanza Armel Niyongere, kaje guha agaciro n’uguha inguvu ibikorwa vyakozwe na ACAT mu Burundi. Kubw’uyo arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi, n’ubutumwa buhawe abaharanira agateka ka zina muntu bose mu Burundi, ku bikorwa ngirakamaro bakorera abarundi.
VI. Ugukoresha umwavu mwinshi w’ishirahamwe FOMI mu mirima y’umuceri, ibigori n’ibiraya bishobora gutuma haba itituka ry’isi. Uko gukoresha umwavu mwinshi bikava kukutumvikana kuri hagati y’umuyobozi mukuru w’ikigo c’ubushakashatsi ISABU n’abarongoye ishirahamwe FOMI. Ariko rero hakaba hari icegeranyo cerekana ingene uwo mwavu ukwiye gukoreshwa, ariko ico cegeranyo kikaba kitarashirwa ahabona, kugira abarimyi bisunge urugero rw’abahinga bakoze ivyigwa kw’ikoreshwa ry’uwo mwavu. Hari abibaza igituma ico cegeranyo kitaja ahabona kugira gifashe abarimyi.
VII. Abaguzi bo mu ntara za Bubanza na Rumonge bavuga ko barengewe « bashegeshwe » n’iduzwa ry’ibiciro mu maguriro. Mu Rumonge, ibidandazwa vya nkenerwa nka vyose vyaradugijwe ibiciro muri iyi misi. Abadandaza bagasigura ko ari imwe mu ngaruka y’ikena ry’igitoro. I Bubanza na ho, n’ibinyobwa bisanzwe bikorerwa mu Burundi bisigaye bizimvye. Abaguzi bavuga ko bakorwako cane n’iryo duzwa ry’ibiciro.
VIII. Imyidogo ni myinshi mu bakozi ba leta bo mu ntara ya Karuzi. Bavugako bariko barakorerwa iterabwoba n’ababarongoye, kugira ngo batange izindi ntererano kugira hubakwe ikibuga « Stade » ngaho muri iyo ntara. Aba bakozi bafise ubwoba ko bashobora kwangazwa canke bagakurwa mu kazi.
IX. Ihuriro ry’abarundi baba mu bihugu vya buraya baratera akamo abarundi bose ku kamaro ko gukurikiza amabwirizwa yo kwirinda no kwicandagisha umugera wa corona. Claudia Curinyana-Anderson, n’icegera c’uwurongoye ihuriro FODIB.
X. Izuba rimaze imisi ryarononye imirima iri mw’ikambi y’impunzi ya Kakuma irimwo n’impunzi z’abarundi mu gihugu ca Kenya. Iyo mirima yononekaye yahora isahiriza mu gufungura kw’impunzi, mu gihe imfashanyo ya HCR iba yatevye. Amakuru ava muri iyo kambi avuga ko imboga n’ibindi biterwa mbumbarugo ari vyo bibangamiwe gusumba, mu gihe vyahora bibafasha kugira babeho. Basaba abagiraneza na HCR kubaba hafi kuko bitagiye kuborohera.
XI. Umusi ugira uwa 12 mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi waraye urangiye, Bumamuru ihaye iyindi ntambwe imigwi bariko barahiganwa. Umugwi nserukira gihugu nawo w’umupira w’amaguru waratsinze Birmanie ibitsindo bibiri kuri kimwe, mu rukino rwa kivandimwe rwabereye muri Turukiya (Turquie).