I. Abasirikare ba mbere bo muri bataillon ya 57 ya AMISOM bari bamaze umwaka mu gihugu ca Somaliya, bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu gitondo co kuri uyu wa kane. Abo basirikare batahutse bavuga ko bashikiye mu bukene budasanzwe, kuko baheraniwe agahembo k’amezi indwi arenga.
II. Imyidogo ni yose ku banyagihugu baba mu ma zone ya Ngagara, Cibitoke na Mutakura babomorewe amazu kuva kuri uno wa gatatu, bagirizwa ko batubahirije ingingo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, aho hasabwa gusiga imetero zitandatu uvuye kw’ibarabara. Abo banyagihugu cane cane bo muri zone Cibitoke bavuga ko ico gikorwa kiriko kigenda nabi cane.
III. Ibintu vyose vya nkenerwa bishobora gutuma iterambere riboneka mu Burundi birahari. Hasigayeko inguvu zishirwa hamwe kugira ngo iryo terambere ryibonekeze neza. Ivyo vyavuzwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kuri uno wa kane, mu gihe yariko yugurura icese inama idasanzwe yo kurabira hamwe icokorwa kugirango iterambere ryisununure. Mu vyo yasavye, n’uko abategetsi bokwirinda gusesagura amatungo ya leta. Mwomenya ko icivugo c’iyo nama kijanye n’uko Uburundi bwoba bwashitse mw’iterambere mu mwaka wa 2040.
IV. Iyo nama yahuje abahinga n’abandi berwa n’ivy’ubutunzi ngo ikwiye gusuzuma imvo zituma ingingo zifatwa n’umukuru w’igihugu ubwiwe mu vy’ubutunzi n’intwaro ibereye zitaja mu ngiro. Bisigurwa n‘uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Gabriel Rufyiri avuga ko iyo nama ishobora guhindura ibintu mu gihe leta yoshiraho umugwi wigenga, atari abo yita abasavyi, woza gushira mu ngiro ivyo izoba yashitseko. Gabriel Rufyiri
V. Umugore yitwa Joselyne Nyandwi wo ku mutumba Kaburantwa, zone Gasenyi, komine Buganda, yaracumise Claver Mbonimpa, umugabo wiwe, muri rino joro ryakeye, imbugita zitatu mu rubavu. Ababanyi bumvise induru baciye bashwabaduka basanga yataye ubwenge, baca bamunyarukana kwa muganga. Amakuru atangwa n’uwurongoye komine Buganda amenyesha ko uwo mugabo yarabanye nabi n’umugore wiwe. Abo mu muryango w’uwo mugabo bakaba bahatswe kwihanira, iyo abajejwe umutekano bataba bahashitse. Uwo mukenyezi ubu ari mu minwe y’inyamiramabi. Amakuru ava muri parike Cibitoke akavuga ko urwo rubanza ruca ruja mu manza z’ikibiriraho.
VI. Abanyeshure 15 bo kw’ishure shingiro rya Muramba ya gatatu, komine Buhinyuza n’intara ya Muyinga ni bo bakomerekejwe mu gatondo ko kuri uwu wa kane, na grenade bivugwa ko yatewe n’umwana yiga mu mwaka wa mbere. Abantu batatu bagizwe n’uwo mwana, nyina wiwe n’uwundi mwana bigana, bakaba bafashwe ku mvo z’amatohoza.
VII. Ibiherutse gushikirizwa n’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi aho berekanye umuntu yitwa Aristide Irangabiye bavuga ko ari mu muhari Red Tabara waheruka gukora ibitero ngo n’ibinyoma. Patrick Nahimana avugira uwo muhari, asigura ko uyo Aristide Irangabiye batamuzi na hamwe mu muhari Red Tabara. Akavuga ko iyo ari irementanya ry’umuvugizi w’igipolisi, kugira asigure ubwicanyi bukorerwa abarundi n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.
VIII. Umunyororo w’imyaka 15, indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi, be n’ihadabu y’amafaranga ibihumbi amajana abiri, ni co gihano umushikirizamanza wa Repuburika mu ntara ya Kirundo yasabiye Ndihokubwayo Etienne, yahoze arongoye zone ya Murore iri muri komine Busoni mu ntara ya Kirundo. Aho hari mu rubanza rw’ikibiriraho kuri uyu wa kane, aho yagirizwa icaha co gufata ku nguvu umwigeme w’imyaka 16. Uwo Etienne Ndihokubwayo arabihakana, ngo kuko uyo mwigeme bamufatanye bari bavyiyumvikaniye kandi uwo mwigeme ngo akaba akwiza imyaka 18, afatiye ku myaka y’amavuko isanzwe yanditswe kuri karangamuntu yiwe, aho avugako handitswe ko yavutse mu mwaka 2003. Uwo mwigeme nawe yavuze imbere ya sentare ko abikora kugira arondere amafaranga, kandi atari ubwa mbere yari abikoze. Uwoyagirizwa icaha nawe yiyemereye icaha co kurenga ibigo gusa. Urwo rubanza rukaba rwagiye mu mwiherero, rukazosomwa na sentare mu misi umunani.