Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/11/2021

Publié le 20 novembre 2021 par Rédaction
I. Ikiziga c’umukobwa caraye gitowe kuri uyu wa gatanu ku musozi Gitsira mu ntara ya Bubanza. Uyo mwigeme yari yabuzwe irengero kuva kuwa 16 Munyonyo uyu mwaka. Ikiziga kikaba cari kimaze kwononekara. Uyo mwigeme yoba yishwe yongera arahambwa n’umugabo azwi kw’izina rya Ndayisenga Marc wo muri zone Muramba.
II. Umuntu umwe yaraye yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho, muri iri joro ryo ku munsi wa gatanu, umukenyezi wiwe nawe, afatwa ku nguvu. Ivyo vyabereye mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Lusenda, mu gihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo. Amakuru ava aho I Lusenda, amenyesha kandi ko abo bagizi ba nabi bagiye batwaye n’inka zitari nke. Izo mpunzi zigasaba ababijejwe kwitaho ikibazo c’umutekano wabo.
III. Ugukora mu nkovu abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwo mu 1996 muri komine ya Bugendana ni yo nsiguro itangwa n’ishirahamwe AC Génocide ry’abarundi baba mu gihugu ca Canada, mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yifadikanije n’umugambwe akomokamwo mu kuninahaza ico bita ubutwari bw’abagwanyi ba CNDD-FDD. Mw’itangazo ry’iryo shirahamwe, bibutsa ko abo bita abagwanyi ari bo bagandaguye aho i Bugendana abantu bagera ku 648 bagizwe aha nini n’abari mu bwoko bw’abatutsi.
IV. Impinga iracari ndende mu gikorwa co kwubahiriza agateka k’abana mu Burundi. Ivyo bivugwa n’umwe mu bakurikiranira hafi ico kibazo mu gihugu. Ni mu gihe kuri rino genekerezo rya 20 munyonyo, isi yose yama  ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe ako gateka k’abana. Akaryo ku ma leta ko gukubitiza  agatima mpembero kugira barabe intambwe bagezeko muri ico gikorwa.
V. Ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu riracibonekeza ku musi ku musi mu Burundi kandi rigakorwa n’abari bajejewe gukingira abana. Uko niko umupfasoni Christine Ntahe arongoye ishirahamwe Bon Geste ryitaho agateka k’abana abibona. Aho ni mu gihe kuri uno musi  mpuzamakungu wahariwe amasezerano akingira agateka k’abana, umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH washikirije agashimwe ku bantu batatu bitanga mu bikorwa vyo guharanira ineza n’agateka k’abana mu Burundi. Umupfasoni Christine Ntahe ari muri abo baronkejwe agashimwe  kitiriwe « Abagenzi b’abana » amenyesha ko ako gashimwe kamuhaye inguvu kugira arushirizeho igikorwa yishinze co guharanira agateka k’abana. Mwomenya ko abandi bantu babiri bahawe agashimwe n’umwugwi CNIDH ari umuririmvyi Boniface Girukwishaka batazira B face, hamwe n’umukenyezi ari mu rwego rw’igipolisi BPC 2 Cécile Ntakiyiruta.
VI. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu baba muri karitiye ya gatatu mw’i Jabe muri komine Mukaza zone Bwiza, aho biyamiriza abashaka kunyuruza ikibanza cagenewe aho abana bakinira gisanzwe kiri muri iyo zone. Nk’uko abaganiriye na radiyo Inzamba babivuga ngo hamye hari umuntu yamye ashaka kuhihitirira kuva mu mwaka w’ibihumbi bibiri na gatatu (2003), ariko umushikiranganji w’ico gihe yaranditse ikete yemeza ko ari ikibanza ca leta Espace vert nk’uko babivuga mu gifaransa, abanyagihugu bagasaba abajejwe intwaro gutanga umuco kuri ico kibazo, kuko hari abatanguye kuhubaka.
VII. Ngo nta mvo igaragara y’ukubomora inyubakwa abanyagihugu babiriye akuya ngo n’uko ziri  impande y’ibarabara. N’ubukozi bw’ikibi nk’ubundi, bishikirizwa n’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique FORSC. Kubwa Ernest Nkurunziza, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani, birababaje kubona leta yokingiye amatungo y’abanyagihugu ari yo iriko iyasambura, ata mugambi w’iterambere ry’igihugu ugaragara.
VIII. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ry’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya zibaza igihe hazobera uguhimirizwa ryo kwicandagisha ikiza Covid-19. Igikorwa co gucandaga muri iyo kambi catanguye ejo ku wa gatanu. Abacandanzwe bagasaba abariko bakora ico gikorwa guhimiriza impunzi zose kucitaba. Ivyo bakabona ko vyofasha kurwanya ico kiza muri iyo kambi.
IX. Ivyavuye mu nama yari yatunganijwe na leta y’Uburundi ngo birahumuriza abayitavye. Bagafatira nko kw’ishirwaho ry’urwego ruzoshira mu ngiro ivyapfunditswe muri iyo nama, hamwe n’itunganywa ry’ayandi ma nama nk’ayo. Ivyo n’ivyashikirijwe na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi yari yitavye iyo nama yasozerewe kuri uyu wa gatanu. Ikaba yari yuguruwe n’umukuru w’igihugu mu gitondo co ku wa kane. Iyo nama ikaba yari yatumiwemwo abahinga batandukanye, bo mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.
X. Mu kiganiro Kw’Isôko co kuri uno wa gatandatu, tugaruka ku bihano vy’ihadabu yashizweho n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, ku bantu bose badashira amatara ku ngo zabo, amatara agenewe kubonesha ku mabarabara.

Ibindi bisa n'ibi