Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/11/2021

Publié le 24 novembre 2021 par Rédaction
I. Ifatwa n’ipfungwa ry’umupfasoni Béatrice Nyamoya ryarahonyanze amategeko y’igihugu, uhereye kw’ibwirizwa nshingiro n’amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu. Ivyo biri mu mwihwezo w’umwe mu baharanira agateka kazina muntu. Umushingwamanza Gustave Niyonzima amenyesha ko n’insiguro zitangwa n’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu zidafashe, agasaba uwurongoye uwo mugwi kwigenga mu guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi.
II. Ibikorwa vyo kwiga ikurwaho canke igumizwaho ry’ibihano ubumwe bwa buraya vyafatiye Uburundi vyari bitegekanijwe kuba imbere y’impera z’uku kwezi kwa Munyonyo, vyungururijwe mu mwaka uza. Kuri iyo mvo, abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi babandanya basaba ko ivyo bihano vyogumaho, kuko icabishizeho kikiriho mu gihugu. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, akavuga nk’ibijanye n’ukutubahiriza agateka ka zina muntu n’ukudahana.
III. Ingingo leta zunze ubumwe za Amerika iherutse gufata yo gukura ibihano ku bategetsi bamwe bamwe b’Uburundi bagirizwa amabi, ije ishigikira ingendo yo kudahana ku bakora amabi mu Burundi. Bisigurwa na Carina Tertsakian, umushakashatsi ku Burundi mw’ishirahamwe IDHB, rihanarirana agateka ka zina muntu. Uyo mushakashatsi atangazwa n’iyo ngingo, mu gihe mu Burundi abitwa ko bajejwe gukingira abarundi ari bo baguma bavugwa mu bikorwa vyo kwica no kunyuruza abantu vyabaye ndanse mu Burundi. Carina Tertsakian akabona ko ahubwo abo bategetsi bagirizwa amabi mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015, bari bakwiye gushengezwa imbere y’ubutungane, aho gukurwako ibihano.
IV. Umushikiranganji w’ibikorwa vya leta yahagaritse ku mugaragaro ibikorwa vy’inyubako y’inzu y’uwitwa Aimé Emmanuel Nibigira. Ivyo bikorwa vyakorerwa muri karitiye ya Gasekebuye, muri zone ya Musaga. Déogratias Nsanganiyumwami akaba yamwagiriza kuba yarubatse hadakurikijwe amategeko mu mwonga, ivyatumye amazu atari make ashobora gusenyuka umwanya uwari wo wose. Umushikiranganji akaba yibukije ko ata muntu n’umwe afise uburenganzira bwo kwubaka mu mwonga.
V. Umugambi wo kubomorera amazu yubatswe bidakurikije amategeko uzotangura kuja mu ngiro kuri uno wa kane igenekerezo rya 25, muri komine ya Kirundo. Vyamenyeshejwe na musitanteri wa Kirundo Habimana Viateur, aho abwira abo arongoye ko azoshira mu ngiro ingigo y’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu. Uwo mugambi abanya Kirundo bakaba bawunegura.

Ibindi bisa n'ibi