Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/11/2021

Publié le 26 novembre 2021 par Rédaction
I. Imiryango 12 y’abarundi yari yahungiye mw’ikambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya kuri uyu wa kane, ipfungiwe mu gipolisi ca Tanzaniya. Abo barundi bagizwe n’abana, abakenyezi, abatama, abatamakazi n’abagabo, baturuka mu ntara ya Rutana. Inkuru ziva ngaho i Nyarugusu, zivuga ko imbere yo gupfungwa, babanje gukubitwa barashaya.
II. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL azwi kw’izina rya Ndikumwenayo, amaze hafi iminsi mirongo ibiri afungiwe mu gasho ka komisariya ya komine Kayogoro intara ya Makamba. Uwo munywanyi yagirizwa n’umukuru w’iyo komine kuba yaraciye ikiraro, yongera anatyoza abantu bariko barakora ibikorwa rusangi ku musozi Kabizi wo muri iyo ntara nyene. Ibinegurwa na bamwe mu ndongozi z’umuhari CNL, haba mu rwego rwa komine canke rw’intara.
III. Umwaka uraheze Thierry Kubwimana agandaguriwe ku rugo iwe. Kuva ico gihe, ubutungane ntibwigeze bukora amatohoza ngo bwerekane ukuri kuri urwo rupfu. Bivugwa n’ishirahamwe FOCODE, aho ryerekana ko inzego z’iperereza aho gufasha mu kwerekana ukuri, zaciye ziguma zihuvya amatohoza kandi hari ibimenyetso biboneka ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’abantu basanzwe bakorana n’iperereza. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FODODE.
IV. Pacifique Nininahazwe avuga kandi ko bitumvikana ingene urwo rupfu rwahavuye rwagirizwa umupfasoni wa Thierry Kubwimana kandi adategeka abakozi b’iperereza.
V. Umushingwamanza Béatrice Nyamoya, yari yahagaritswe n’iperereza ku mvo z’amatohoza, ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yarekuwe kuri uno wa gatanu. Uwo aharanira agateka k’abakenyezi mu Burundi, yaramaze imisi itandatu afunzwe.
VI. Mw’ikambi ya Mahama, amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme aribonekeza, n’aho hari ibiriko birakorwa. Ababa muri iyo kambi baganiriye na Radiyo Inzamba bamenyesha ko ubukene buri mu bituma abakenyezi batari bake bahohoterwa.
VII. Itangwa  ku bwinshi ry’inyigisho zijanye n’ukurwanya ihohoterwa rishimikiye ku gitsina, ni kimwe mu bituma imiryango y’abubakanye yo mw’ikambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda, ibanye neza muri rusangi. Ivyo bishikirizwa na Kwibishatse Jean Bosco aserukira impunzi z’i Mahama. Akamenyesha ko abakenyezi n’abigeme biteza imbere mu gukora udukorwa tutari duke, dutuma bikenura mu bintu vya nkenerwa vyo mu rugo. Ni mu gihe haciye umunsi hatangujwe isekeza ry’iminsi cumi n’itandatu ry’uguhimiriza n’ugukinga amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme.
VIII. Abatoza amatagisi mu gisagara ca Bujumbura bagirizwa kuba banyuruje amafranga arenga imiliyoni 50, ntibategerezwa kuyasubiza gusa, nk’uko bisabwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi, Gervais Ndirakobuca. Amategeko y’igihugu yategerezwa guca akora. Bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta. Ku bwiwe, leta itegerezwa gukora yishimikije amategeko, abagirizwa ubwo bunyonyezi bagashengezwa imbere y’ubutungane.
IX. Imyidogo ni yose mu bakozi bakora ivyigwa bitandukanye mu kigo ISTEEBU, kijejwe kwegeranya ibiharuro bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu. Abo bakozi bakavuga ko hariho ubudasa burengeje ku dushirukabute baronswa, mu gihe baba bariko bakora bene ivyo vyigwa. Basaba ko ako karenganyo kohagarara.
X. Amasomero 4 yo kuri ECOFO Murango muri komine Matana, intara ya Bururi, yaragurutse ibisakazo, ibitabo bitari bike birononekara. Ni mu mvura nyinshi ivanze n’umuyaga yaguye muri ico gice kuri uyu wa kane, nk’uko amakuru ava mu ntwaro muri iyo komine abivuga. Ivyo bigiye gutuma bigora guheraheza iki gice c’umwaka w’ishure, abarongoye iryo shure bagasaba ubufasha bwihuta. Bishitse mu nyuma y’urubura rwaheruka kwonona imirima ku mitumba imwe imwe y’iyo komine, co kimwe n’imvura yasenyuye uruhome rushigikira inyubakwa kw’ivuriro ry’i Bihanga. Dieudonné Nkunzimana, musitanteri w’iyo komine, akamenyesha ko hari umugwi wa komine uriko uriga ivyo gusanura urwo ruhome. Nayo uwurongoye ivuriro we, aratabaza ko hamwe hatagize igikorwa vuba, n’izindi nyubakwa zishobora kuhasigara.
XI. Mugenzi wacu Prosper Nzisabira batazira Osso yaraye aryamiye ukuboko kw’abagabo ku muhingamo wo kuri uyu wa kane. Osso Prosper Nzisabira  yari umwe mu bamenyeshamakuru b’abarundi bakorera mu buhungiro. Uwurongoye radiyo Inzamba Alexandre Niyungeko, arahoza umuryango w’amaraso w’umuhisi n’abamenyeshamakuru babuze mugenzi wabo, akabasaba kwigumya muri ibi bihe bitoroshe.

Ibindi bisa n'ibi