I. Abategetsi b’Uburundi barabandanya guhakana ivy’abanyuruzwa n’inzego z’igihugu bagaheza bakaburwa irengero. Inyuma y’aho umukuru w’igihugu, n’umushikirizamanza kizigenza wa republika bahakaniye muri Mukakaro guheze ko bitabaho mu Burundi, amajambo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano biza bishimangira ivyo bavuze. Pierre Nkurikiye yagiriza bamwe mu bajejwe agateka ka muntu kubesha ko abantu banyurujwe bakaburwa irengero, mu ntumbero yo gucafuza igihugu. Yabivuze kuri uyu wa gatandatu ariko yerekana umugabo avuga ko yabeshe umuryango ko bamunyuruje.
II. Ibivugwa na Pierre Nkurikiye vyatangaje Pacifique Nininahazwe aserukira isekeza Ndondeza, ku babuzwe irengero banyurujwe n’inzego z’igihugu. Avuga ko Pierre Nkurikiye akoresha ububeshi no gusamaza abantu, ngo bibagire inyuruzwa ry’abantu n’abajejwe umutekano ritera ryiyongera.
III. Kubwa Pacifique Nininahazwe kandi, bitebe bitebuke abakora ayo mabi bazoteba bakabibazwa imbere y’ubutungane.
IV. Abarimyi bo mu ntara ya Kirundo barafise ubwoba bwinshi kubera imirima yabo yaturiwe n’uruzuba rwinshi rumaze imisi rwaka. Naho imvura yaguye kuva ku musi wa gatanu uheze, nta kinini yaje gufasha kuko vyari vyamaze kuyangara, nk’uko bivugwa n’abanyagihugu b’aho mu Kirundo. Basaba leta kubagarukirako kuko babona ko umwimbu w’uyu mwaka ataco bazohanoba.
V. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, akaba avuka no mu buraruko bw’igihugu, leta yoraba ingene igwiza ubuhinga bwo kuvomera imirima n’amazi avuye mu biyaga biri mu ntara za Kirundo na Muyinga. Leta yari ikwiye kandi gufata ico kibazo mu minwe, mu kuronderera abanyagihugu icobatunga kugira ntibicwe n’inzara.
VI. Imyidogo ni myishi mu banyagihugu bo muri komine Kayogoro y’intara ya Makamba. Bavuga ko barishe amafranga yo kugura ifumbire y’ikizungu ya FOMI, ariko ko barindiriye kuronswa uwo mwavu, amaso agahera mu nzira. Bavuga ko uruhombo ari runini cane. Bagatangazwa no kubona bariko basabwa kuriha amafranga y’ifumbire yo kurimira impeshi, kandi n’iy’agatasi batayironse.
VII. Ubukene bw’isukari bwasubiye kwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Ku mazu y’idandarizo, bamwe mu badandaza bavuga ko atayo bafise, abandi na bo bakaba bayigurisha igiciro c’umurengera. Nk’uko bamwe mu baganiriye na radiyo Inzamba Agateka Kawe babivuga, ingaruka ziribonekeza. Bagasaba ko ico kibazo cotorerwa umuti.
VIII. Ibitsindo 14 ni vyo vyinjiye mw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, ku musi ugira uwa 14 w’ihiganwa, mu nkino umunani zabaye. Muri iryo higanwa, umugwi wa Bumamuru uri mu kibanza ca mbere. Muri basketball naho, igikombe c’ihiganwa ryafashwe mu mugongo n’ikinyobwa VIVA caraye gitahukanywe n’Urunani, rutsinze Dynamo ku manota 86 kuri 82.