I. Inyuma y’amezi 10 afunzwe, ubutungane bwikubise agashi burarekura Christa Kaneza. Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE akaba ashimira abantu bose baharaniye irekurwa ry’uwo mupfasoni. Asaba ko ubutungane bwoshira ahabona abishe umugabo wiwe.
II. Ihagarikwa n’ipfungwa ry’agasakisaki k’ab’anywanyi b’umugambwe CNL bibandanya vyibonekeza muri komine Mutambu, mu ntara ya Bujumbura. Inyuma y’ihagarikwa ry’uwurongoye uwo mugambwe muri komine Mutambu ubu apfungiwe mu Mpimba, abanywanyi b’uwo mugambwe ntibagira ayo bacira n’ayo bamira. Kuri uno wa kabiri, uwurongoye umugambwe CNL ku mutumba Masenga muri iyo komine yarafashwe n’imbonerakure, ubu akaba apfungiwe mu gasho ka komine. Abanywanyi b’uwo mugambwe bagasaba ko iryo totezwa ryohagarara.
III. Amabi akorerwa abakenyezi mu Burundi n’ubu arabandanya gukorwa, n’aho ubushikiranganji bwo gufatana mu nda, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira bavuga ko bashizeho inani zituma ayo mabi aranduranwa n’imizi. Vyaraye bishikirijwe na Donatienne Girukwigomba, umuyobozi mukuru muri ubwo bushikiranganji. Abanyagihugu bakavuga ko hari abantu iyo bagirijwe mwene ayo mabi, bakingirwa ikibaba.
IV. Ikindi kiringo c’umwaka ni co congerejwe ku bihano umuryango w’ibihugu vya buraya wafatiye leta y’Uburundi, gushika muri Gitugutu 2022. Ibiganiro vyatangujwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire Albert Nshingiro be n’uwuserukira umuryango wa Buraya, ntaco vyahavuye bishikako. Mw’ishirahamwe FORSC ridaharanira ibibanza vya politike barashima iyo ngingo, babona ko yafashwe kugira hubahirizwe agateka ka zina muntu mu Burundi.
V. Abarwayi bituye ibitaro bikuru vyo mu ntara ya Rumonge ku munsi wa mbere, baratinya ko boba baranduye umugera wa coronavirus. Bikaba vyatewe n’umuganga yabandanije yakira abarwayi umunsi wose, kandi yari yatowe umugera wa Covid-19 mu gatondo k’uwo munsi. Akaba yabikoze abitegetswe n’uwurongoye ivyo bitaro, bivuye ku bukene bw’abaganga.
VI. Inyuma y’ibogozwa ry’umushikiranganji yarajejwe ubudandaji n’amahinguriro Capitoline Nizigiyimana, n’uwari intumwa idasanzwe mu biro vy’umukuru w’igihugu Irène Kabura Murihano, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye abakurikije ambassadeur Jérémie Banirwaninzigo yahora ari umuyobozi ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’ubudandaji. Intandaro ya vyose nk’uko amakuru Radiyo Inzamba agateka kawe ifise avyemeza, n’ishavu rya Evariste Ndayishimiye ry’uko atajanye i Dubai n’abatimbo bo mu Gishora, nk’uko yari yavyipfuje.
VII. Muri ano makuru, twashimye kugaruka ku ma nama yakozwe ategura urwo rubanza gushika intonde zigirwe, abo batimbo batarimwo.
VIII. Hadutse imishamirano kuri uyu wa gatatu, hagati y’abatwara abantu ku ma pikipiki n’abapolisi mu ntara ya Ngozi. Abo bunguruza abantu ku mapikipiki mu gisagara ca Ngozi bidogera abapolisi biyambika impuzu za gi civil bakabafata bakabaka amafaranga y’igiturire. Iyo abo bagendesha amapikipiki batayaronse, abo bapolisi baca bahamagara bagenzi babo baba bari mu micungararo, ariko bo bambaye umwambaro ubaranga, bagaca baca ihadabu uwafashwe n’ubwo yoba akwije ibisabwa. Basaba ababijejwe ko ata mupolisi yosubira kubahagarika atambaye umwambaro w’akazi ku gutinya ko hari n’abasuma bokwikika mu kiza.