Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 02/12/2021

Publié le 2 décembre 2021 par Rédaction
I. Willy Nyamitwe yahora ajejwe gutumatumanako amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, yatowe kuri uyu wa kane kugira arongore urwego CNC, rujejwe kugenzura ibinyamakuru mu Burundi. Yamenyesheje ko ataje gusambura, ikimuzanye n’ukurushirizaho guteza imbere ubwigenge bw’ukumenyesha amakuru mu Burundi, hisunzwe amategeko. Ngo aje kubandaniriza aho abandi bari bageze.
II. Nta ciza  umuntu yokwitega kw’igenwa rya Willy Nyamitwe agiye kurongora urwego rujejwe gucungera ingene ibinyamakuru bikora CNC. Ivyo bivugwa na Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ, aho avuga ko n’ivyahuha bigiye guhuhuka, kuko Nyamitwe ari mu bantu ataco batakoze kugira ngo bacinyize ubwigenge bwo kumenyesha amakuru mu Burundi.
III. Akajagari niko karangwa mw’ihayanishwa ryatanguye kuva kuwa 1 Gitugutu uno mwaka ririko ribera i Dubai, mu kibanza cagenewe igihugu c’Uburundi. Abanyakaranga barungitse ibihayanishwa vyari kuba vyashitseyo ku wa mbere Gitugutu, n’uno munsi bararindiriye amaso ahera mu nzira. Amakuru dukura mu bari muri ayo mahayanishwa, yemeza ko bamwe batanguye kwihebura ko uruhombo bazohagirira batazoruva imbere.
IV. Abanyamyuga b’i Burundi baranegura amayeri bavuga ko yakoreshejwe mu gutora abaja mw’ihayanishwa ririko ribera mu gihugu ca Tanzaniya kw’izina ry’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko EAC. Bavuga ko ibibanza vyari bibagenewe vyagiyemwo abadandaza. Bagiriza abategetsi bo mu bushikiranganji bw’ubudandaji kuba aribo bari inyuma y’ayo mayeri.
V. Hari umuryango usaba ko uwabo yorekurwa, yafashwe kuri uyu wa mbere n’uwurongoye iperereza ryo mu ntara ya Bujumbura Emile Cimpaye. Salvator Gasogo yafatiwe muri quartier ya Carama mu gisagara ca Bujumbura ata mutahe n’umwe berekanye wo kumufata. Abaryango biwe basaba ko uwabo yorekurwa kuko ataco ariko arazira.
VI. Umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi urashimishwa n’irekurwa rya Christa Kaneza yaramaze amezi cumi apfunzwe, yagirizwa kuba yoba yaragize uruhara mw’igandagurwa ry’umugabo wiwe bwite. Kubwa Marie Louise Baricako arongoye umuhari Inamahoro, ngo irekurwa ryiwe ngo n’icemezo ca kiremwa muntu co gutunganirizwa mu gateka kiwe, agasaba ubutungane kurekura kandi abandi banyororo baheze mu munyororo, no kubandanya amatohoza kugira bamenye vy’ukuri uwishe Thierry Kubwimana, umugabo wa Christa.
VII. Intambamyi ziracari nyinshi kugira ngo itegeko rihana amabi afatiye ku gitsina rishirwe mu ngiro. Bishikirizwa na Me Gustave Niyonzima arongoye urunani rw’abashingwamanza baburanira abakozweko n’ivyaha vy’ihohoterwa bihanwa n’amategeko mpuzamakungu CAVIB mu mpfunyapfunyo. Zimwe muri izo ntambamyi, ni ubutungane butigenga, hamwe n’abakora ivyaha batigera bakomwakomwa. Me Gustave Niyonzima abishikiriza mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ari mw’isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi yo guhohotera umukenyezi kw’isi.

Ibindi bisa n'ibi