I. Abanyororo benshi mu bahitanywe n’umuriro waturiye igice kinini c’ibohero rya Gitega mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kabiri, baraye bahambwe mu mpisho, mw’itongo ry’abapfuye riri ahitwa i Kavumu mu Rutoke muri zone Mungwa, ya komine n’intara ya Gitega. Amakuru ava i Gitega avuga ko ukwo gushingurwa ijoro vyoba bifise intumbero yo kunyegeza ibitigiri nyavyo vy’abanyororo bahitanywe n’uwo muriro.
II. Iryo Ibara ryaguye mw’ibohero rikuru rya Gitega kuri uno wa kabiri nta wundi ryobazwa, atari umuyobozi waryo asanzwe akurikirana ku munsi ku munsi ingene iryo bohero ritunganijwe. Ivyo bivugwa na Tatien Sibomana, umushingwamanza akaba yarabaye n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Gitega, asanzwe azi n’ingene iryo bohero ryifashe. Tatien Sibomana akavuga kandi ko ivyashikirijwe n’icegera c’umukuru w’igihugu kwabaye ukwigovyora.
III. Uyo asanzwe ari n’umukozi mu bijanye no gutegekaniriza impanuka avuga kandi ko Leta yari ikwiye gutegekaniriza amazu y’amabohero ku biza bishobora kuyashikira n’abayarimwo. Tatien Sibomana.
IV. N’urunani rw’abanyepolitike batavuga rumwe na leta y’Uburundi CFOR-Arusha ruranegura ingendo y’abapolisi bari kw’ibohero rya Gitega, yo kudatabara abariko baraturirwa n’umuriro. Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani arahoza imiryango y’ababuze ababo, yongera yipfuriza gukira abarokotse bakomeretse.
V. Mu runani CFOR-Arusha bariyamiriza kandi ingendo igayitse y’imiriro yabaye ndanse mu Burundi, aho basaba ko hoshirwaho umugwi wigenga w’amatohoza, kugira hamenyekane koko ico uwo muriro wavuyeko, abagirwa n’icaha bahanwe vy’akarorero. Frédéric Bamvuginyumvira.
VI. N’umugambwe MSD mw’itangazo washize ahabona kuri uyu wa gatatu umenyesha ko warengewe n’ivyaraye bibaye mw’ibohero ry’i Gitega. Muri iryo tangazo, uwo mugambwe wibutsako kuva umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi, abapfungwa mu mabohero bacitse nk’ingwati kubera politike mbi yatumye amabohero yuzura abanyororo, ata ntumbero n’imwe bifise. Kubw’uyo mugambwe MSD, amabohero ntiyuzuye kuko mu Burundi hari abakozi b’ikibi benshi kw’isi ariko ngo n’uko hari abanyororo benshi batari bakwiye kuba bakiri muri ayo mabohero. Ikindi gitangaza umugambwe MSD, abapfungiwe ivya politike bahejeje iminyororo yabo haraheze imyaka itari mike, n’ubu baracapfunzwe kugushaka kw’umugambwe CNDD-FDD. Ibara ryaraye riguye mw’ibohero rya Gitega, ngo ryari rikwiye gukebura abafasha Uburundi bashaka gusubira gufasha igihugu bitwazako ko hariko harahinduka ibitari bike mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu.
VII. Naho Uburundi bwaronse umukuru w’igihugu mushasha kuva mu mwaka wa 2020, hamwe n’imvugo zimwe zimwe nziza z’abari muri leta, ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryarabandanije kandi rirenze urugero. Uwo n’umwihwezo n’urunani rw’abarundi bakorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Mw’ijambo yashikirije imbere y’abaserukira ama leta akorana na CPI kuri uyu wa kabiri, inyuma y’imyaka ine iheze Uburundi busokoye mu masezerano y’i Roma ashiraho iyo sentare, umushingwamanza Lambert Nigarura arongoye CB-CPI, ahamagarira ama leta akorana na CPI guha uburyo bukwiye uwurongoye CPI n’ibiro vyiwe ngo hasozerwe amatohoza kugira abakorewe amabi kuva mu mwaka wa 2015, baronke ubutungane.
VIII. Lambert Nduwimana, musitanteri wa komine Muhanga mu ntara ya Kayanza yarahagaritswe kuri uno wa kabiri. Yagirizwa kuba yarafashe ku nguvu umukobwa yamukorera mu rugo iwe muri karitiye Mukoro mu gisagara ca Kayanza.
IX. Kuri uyu wa gatatu niho patiri Emery Kwizera yarungikwa mw’ibohero rikuru rya Ngozi. Akaba yarasanzwe arangurira ibikorwa vyiwe kuri paruwasi Mubuga iri muri komine ya Muruta, intara ya Kayanza. Yagirizwa na parquet nkuru ya Ngozi kuba yashatse kugandagura umwigeme kubera yanse iciyumviro ciwe co gukorora imbanyi y’uwo mupatiri. Mu kurindira amatohoza, parquet ikaba yari yabaye iramutegeka kuja kuba kuri paruwasi Ruganza ku murwa mukuru w’intara ya Kayanza, aho yaracunzwe n’igipolisi. Mw’ibohero rya Ngozi akaba ahambije musitanteri wa komine Muhanga, Lambert Nduwimana.
X. Abandandaza bamwe bamwe b’ibinyobwa vya Brarudi hamwe n’isukari bikika mu kiza ntibubahirize amategeko y’ibiciro, batanguye gucibwa ihadabu muri komine ya Muyinga. Ivyo biri mw’isekeza ryatangujwe na musitanteri wa komine Muyinga Amédée Misago, ryo kuza araca ihadabu abo badandaza. Ivyashimishije abanyagihugu bo muri iyo komine, ariko abo badandaza bo banegura ayo mahadabu bacibwa bavuga ko ayo mafaranga bayatangishwa hadakurikijwe amategeko.