Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/12/2021

Publié le 11 décembre 2021 par Rédaction
I. Ibiziga vy’abantu babiri ni vyo vyatowe ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu, kw’ibarabara rya kabiri ku mutumba Ruhagarika muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke. Abo bantu bakaba batamenyekanye co kimwe n’icabishe; batowe n’abarimyi bo muri iyo micungararo aho bari bamanitse ku giti. Ibiziga vyabo bikaba vyari bifise ibikomere. Abajejwe intwaro bakaba baciye batanga itegeko ryo guhamba ivyo biziga ubutarariye, ariko bakemeza ko batanguje amatohoza.
II. Imyaka itandantu irarumanye abantu isinzi ataco bagira bo mu ma karitiye yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza bagandaguwe hari ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama umwaka wa 2015, bishwe n’abajejwe umutekano w’igihugu. Igisirikare c’Uburundi camenyeshejwe ko abishwe ari abaroberi bateye Uburundi, ivyiyamirizwa n’ababa muri ayo ma karitiye.
III. Amashirahamwe yigenga adaharanira inyungu za politike arenga cumi, aranegura ko ubutungane bw’Uburundi n’ubu ataco burakora kugira ngo bwerekane neza ivyabaye hanyuma buhane ababikoze. Mw’itangazo ayo mashirahamwe yasohoye inyuma y’iyo myaka itandatu iryo bara riguye, yasavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kubandanya amatohoza kuvyabaye. Bitebe bitebuke ukuri kuzotinda kuja ahabona, nk’uko bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize ari mu runani rw’abashingwamanza CAVIB, akaba avuga ku giti c’ayo mashirahamwe yateyeko umukono kuri iryo tangazo.
IV. Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE, amenyeshako ababajwe n’inyifato y’abategetsi b’Uburundi ku bijanye n’umuriro wahitanye bamwe mu bafungiwe mw’ibohero rya Gitega italiki indwi uku kwezi. Abo bategetsi bavuze ko hapfuye 38, abandi 69 barakomereka muri uwo muriro, ariko ayandi makuru yemeza ko ibitigiri atarivyo. Uwo arongoye ishirahamwe FOCODE, abona ko abatanze ivyo bitigiri bari kuvuga n’amazina y’abo bahitanwe n’umuriro, bakongera bakavuga n’igitigiri c’abaharokokeye kugira impari ku bahasize ubuzima zihere.
V. Pacifique Nininahazwe aravuga kandi n’amazina y’abanywanyi ba Agathon Rwasa bahitanwe n’uyo muriro kandi batari bwacirirwe urubanza burundu. Ni Jérémie Irampaye yari umuyobozi wa Lycée communal Nyamazi, Donatien Nibitanga, umunyamabanga kuri ECOFO Nkondo muri komine Nyarusange, intara ya Gitega na Georges Nteturuye.  Bose bafashwe hagati y’umwaka wa 2017 na 2018.
VI. Abakozi b’igisata ISTEEBU kijejwe gutororokanya ibiharuro bifasha kugira hatunganywe imigambi y’igihugu; baradomako urutoke umuyobozi mukuru w’ico gisata ko ariko arabatera ubwoba yirukana abakozi, abandikira amakete atisunze amategeko ngo bisigure ku vyo bamaze imisi bashikiriza ku maradiyo kuvyerekeye amanyanga akora. Abo bakozi bamenyesha ko ibikorwa vyose biriko bibera mu gihugu usanga ku ntonde zose uyo muyobozi ariko, akabironkera amafranga ku musi ku musi kandi atari yo ari. Abari muri ivyo bikorwa na bo bagahabwa amafranga atangana.
VII. Mu gihe haraye hahimbajwe umusi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu, agateka k’abanyororo karacabangamiwe mu Burundi. Mu kiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi, tubabwira ibijanye n’igitigiri kirenze urugero c’abanyororo bari mu mabohero.

Ibindi bisa n'ibi