I. Abantu babiri baritavye Imana, abandi batatu barakomereka ku mutumba Gihwanya muri komine n’intara ya Rumonge. Amakuru ava muri iyo komine akaba avuga ko bahitanywe n’inzu yabaguyeko, biturutse ku mvura yaguye kuri uwu w’Imana ku muhingamo. Iyo mvura ikaba yaranasituye amazu atari make, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.
II. Suzanne Bapfumukeko n’umwuzukuru wiwe barakomeretse cane mu gitero c’abagizi ba nabi bitwaje gerenade, kuri uyu wa Mungu muri zone Gatete, komine n’intara ya Rumonge. Abakoze ico gitero baciye bagenda bararasa amasasu menshi y’inkoho, abantu babiri bakaba barakomerekejwe n’ayo masase, nk’uko amakuru ava kuri uwo mutumba wa Gatete avyemeza. Abantu 11 bikekwa muri ico gitero harimwo imbonerakure bahagaritswe ku mvo z’amatohoza.
III. Umunywanyi w’umugambwe CNL yarahagaritswe n’igipolisi gifadikanije n’imbonerakure ku musi wa gatandatu, ku mutumba Butare wa komine Kayogoro mu ntara ya Makamba. Uwo munywanyi wa CNL azwi kw’izina rya Butoyi Ernest, ahejeje guhagarikwa ngo yaciye atwarwa ubwo nyene mu gasho k’igipolisi. Bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL bakaba batewe ubwoba n’iryo fatwa ku bwinshi bw’aba CNL rigize iminsi ryibonekeza, bigakorwa n’abajejwe intwaro.
IV. Imiryango y’abasirikare n’abapolisi 22 bafungiwe mu busho butandukanye, bagirizwa kuba baragize igitero kw’ikambi ya Mukoni mu 2017 irasaba ko umukuru w’igihugu afata mu minwe ama dosiye yabo. Ayo ma dosiye ubu akaba ageze mu biro vy’uwurongoye sentare ntahinyuzwa, haraheze hafi imyaka itanu. Bakaba bunguruje kubera batashimye urubanza bari baciriwe na sentare isubiramwo imanza ya Ngozi. Inyuma y’ico gihe cose nta gakuru ku bafunzwe, hamwe bababwira ko hari ibikibuze muri izo dosiye, ahandi bakababwira ko izo dosiye zatakaye, nk’uko abashingwamanza ba bamwe muri abo bavyishurwa iyo babajije.
V. Sentare Ntahinyuzwa yarikwiye kwikubita agashi igatunganiriza abo basirikare. Bivugwa n’uwize amategeko umushingwamanza Janvier Bigirimana. Arerekana ingene mu kudaheraheza iyo dosiye, iyo sentare iriko ihonyanga amategeko akingira abo banyororo.
VI. Abarimyi b’umuceri bo muri komine Gihanga mu ntara ya Bubanza bavuga ko hibonekeza ubusuma bw’umwimbu w’umuceri, bukorwa na bamwe mu barongoye ama koperative bita Ibibanda, bakingiwe ikibaba n’umuyobozi wa SRDI. Amatora y’abarongoye ama koperative yari ategekanijwe muri uku kwezi kwa Kigarama, yarahagaritswe inyuma y’urugendo suzuma rwakozwe n’intumwa zaje zivuye mu bushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati, umutekano n’iterambere rusangi. Bivugwa ko uwo mugwi wari waje kuraba ibijanye n’ubwo busuma.
VII. Abashingamateka barasabwa kutazokwemeza impinyanyuro y’itegeko rigenga igipolisi c’Uburundi kuko iyo nteguro y’itegeko iteye kubiri n’ibwirizwa nshingiro. Ivyo bisabwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima afatiye ku ngingo ivuga y’uko umupolisi wese w’intwazangabo, azotegerezwa kumara imyaka itatu akora, imbere y’uko ashinga urwiwe. Uwo mushingwamanza abivuze mu gihe kuri uyu wa mbere, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi, yararamutse aja gusigurira abashingamateka ibiri muri iyo nteguro.
VIII. Mu makuru y’inkino, abakinyi baserukiye Uburundi mw’ihiganwa ryo kwoga I Kampala mu gihugu c’Ubuganda baraye batahukanye imidari 6 n’igikombe. Muri basketball naho, umugwi wa New Star watashe udakinye urukino rwa nyuma mu mahiganwa yo kurondera ibihugu bizitabira inkino za nyuma za BAL. Uwo mugwi ukaba wamenyeshejwe n’abajejwe iryo higanwa ko watsinzwe impaga.