Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 14/12/2021

Publié le 14 décembre 2021 par Rédaction
I. Abakozi ba leta bakorera muri komine Shombo y’intara ya Karusi bavuga ko batozwa amafaranga ku nguvu yo guterera kwubaka ikibuga c’umupira ku rwego rw’intara, hamwe n’ayandi bivugwa ko ari ayo gufasha ba ntaho nikora. Ayo mafaranga atozwa n’abarongoye abandi mu buzi hamwe n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD ku rwego rwa komine. Uwutayatanze asabwa kwitaba ku ngoro y’umugambwe mu masaha y’ubucagucagu kugira asigure igituma adatanga iyo ntererano.
II. Hari amatati y’itongo rihuza umutama w’imyaka mirongo icenda batazira Burega, avuga ko ariko ahohoterwa n’umuryango w’icariho c’umushikirizamanza mukuru mu ntara ya Gitega Nimpagaritse Sylvestre. Ivyo babivuga bafatiye ku kuntu aho yabujije ishirwa mu ngiro ry’urubanza rw’itongo uyo mutama yatsindiye haraciye imyaka. Ivyo bikaba vyabereye ku mutumba Kirambi, komine Rusaka mu ntara ya Mwaro.
III. Baratewe umutima uhagaze n’ibitigiri vy’abantu banduye ikiza Corona casubiye kuba kinini mu gihugu. Abo ni bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba. Bakamenyesha ko ubwo bwinshi bw’ivyo bitigiri biva ku kungene abantu batagikurikiza amabwiriza yo kwirinda uwo mugera. Abo banyagihugu bagasaba ko boronswa umuco ku bijanye n’uguhabwa incanco za Covid-19 zashitse mu gihugu, haraheze iminsi itari mike. Bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba.
IV. Iyo hadutse ikiza leta ni yo ifata iya mbere ntiheza ngo ibihenurire ku banyagihugu nk’uko biri mu Burundi. Bishikirizwa na Come Konakuze, umushakashatsi mu ndwara zandukira musi y’ubugararwa bwa Sahara. Uwo mushakashatsi amenyesha ko abategetsi b’Uburundi ata twigoro tugarara bakora, kugira bahangane n’ico kiza. Ahanura leta guhimiriza abantu bakicandagisha ku bwinshi.
V. Ibitero biriko biragirwa ku banyagihugu bitekaniye, birerekana ko ibirwanisho biri mu banyagihugu kandi ababitunze bazwi. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’iguhugu akaba anarongoye urunani CFOR-Arusha, asigura ko urwaruka rw’imbonerakure ruri mu bafatwa bagirizwa guhungabanya umutekano, leta itagishobora kuruhemba no kurugenzura. Atera akamo abanyagihugu kwivuna izo mbonerakure mu gihe leta itagishoboye kubakingira. Abivuze mu gihe mw’ijoro ryo ku wa Mungu rishira uwa mbere, habaye igitero ca grenade ku rugo muri zone Gatete y’intara ya Rumonge, abafashwe akaba ari urwaruka rw’imbonerakure bashika 11.
VI. Ukwibutsa ibihugu vyakiriye impunzi z’abarundi kwubahiriza  amasezerano mpuzamakungu ajanye n’ukuzikingira, biri mu vyo urunani CBDH-VICAR rw’abaharanira agateka ka muntu mu makambi y’impunzi rusaba abari mu biganiro vyo kurabira hamwe ingene impunzi zibayeho muri aka karere. Inama iriko ibera muri Kenya kuva kuri uyu wa 14. Inama ya mbere nk’iyo yaheruka kuba ku mataliki ya 6 na 7 uku kwezi.  Kuri iyi nama igira kabiri, CBDH-VICAR yaboneyeho akaryo ko gusohora urwandiko rurimwo ivyo ibona vyoshirwa mu ngiro, kugira impunzi zireke kubaho mu buzima bubi. Léopold Sharangabo icegera c’umukuru wa CBDH-VICAR agasaba abatunganije ivyo biganiro kubiha agaciro.

Ibindi bisa n'ibi