I. Augustin Matata, umunywanyi w’umugambwe CNL yaraye acikanye inyuma yo kuborezwa igufa bikomeye n’abakozi b’iperereza ry’Uburundi. Augustin Matata akaba yari yanyurujwe kw’igenekerezo rya 16 ukwezi kwa Munyonyo uyu mwaka 2021, i Buringa muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza. Abanywanyi ba CNL bavuga ko inyuruzwa ryiwe riri mu ruhigi rumaze imisi rukorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL mu Burundi.
II. N’umubabaro mwinshi mu muryango w’aba CNL bagendanye na Matata Augustin, yaraye ahitanywe n’ukuborezwa igufa vyakorewe mu biro vy’iperereza ry’Uburundi. Iyo ndongozi y’umugambwe CNL muri komine Isale mu ntara ya Bujumbura yagiye gucikanira mu bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uno wa gatatu, bamwe mu ncuti ziwe ntibari bemerewe kumuraba aho yari ikiruruma. Uno munywanyi wa CNL avuga ko ari intuntu n’agahinda.
III. Abantu bangana 345 ni bo bapfuye, abarenga ijana baracavugwa kwa muganga bivuye ku muriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega kuwa 26 Munyonyo uno mwaka. Bishikirizwa n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka. Anschaire Nikoyagize arongoye uwo muhari, asaba leta gushira ahabona bidatevye, urutonde rw’ukuri rw’abahitanywe n’uwo muriro, hakorwe kandi amatohoza yigenga ku vyerekeye aho uwo muriro wazananye.
IV. Amakenga ni menshi ku kungene Leta y’Uburundi iriko irakora amatohoza ku catumye haduka umuriro mw’ibohero rya Gitega. Mw’itangazo ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohoterwa rikorerwa kiremwa muntu ACAT-Burundi, babona ko amatohoza atazogenda neza kuko aho bari guhera mu kumenya ukuri atari ho bahereye. Me Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi avuga ko banegura inyifato ya leta kuko baciye bihutira kubashingura mu kivunga, ata n’agateka bashinguranywe. Basaba leta gushiraho umusi wo kwibuka abanyororo bahitanywe n’umuriro.
V. Ikiza ca Covid-19 kibandanya ciyongera mu gihugu c’Uburundi cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Nzeyimana Sylvie, kuri uno wa kane, aho amenyesha ko ibibanza vyo kwipimisha vyongerejwe kugira borohereze abashaka kumenya uko amagara yabo yifashe. Yasavye abarundi kugabanya ingendo zidakenewe.
VI. Abashingamateka barenga mirongo ine (40) bararwaye ikiza ca corona. Ivyo na vyo vyatumye ibikorwa vy’inama nshingamateka bihagarara kuva kuri uno wa gatatu biturutse y’uko igitigiri c’ibice bibiri kuri bitatu (2/3) gisabwa kugira ngo ibikorwa bibandanye kitakwiye.
VII. Amakuru Radiyo Inzamba ifise, avuga ko na Pierre-Claver Ndayicariye, uwurongoye umugwi ujejwe ukumenyekanisha ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR, nawe yoba amaze indwi ari mu kibanza ca wenyene kubera agwaye ikiza ca Covid-19. Ayo makuru akemeza ko yayitowe avuye mu gihugu kibanyi ca Congo. Ni mu gihe kandi mu ntara ya Makamba kuri uyu wa kane, hatowe abarwayi bane mu bakozi bakorera ishirahamwe ryitaho impunzi HCR, nk’uko isoko ryacu ribitumenyesha.
VIII. Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi mu kigo ca Buhumuza mu ntara ya Cankuzo, baridoga ko bagenzi babo bo muri ya migwi y’imbonerakure babahohotera. Izo mbonerakure zikaba zarihaye uburenganzira bwo kurara zirakizura mu kigo, zitwaza ko ziriko ziracungera umutekano. Muri ico gihe, zirahohotera abandi banyeshure baba abigeme canke abahungu. 7 muri bo barahagaritswe mu ndwi iheze, ariko uwurongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Cankuzo yaciye abatangira ihadabu ryose basabwa baca bararekurwa.
IX. Abavuga butumwa 4 harimwo n’icegera c’uwurongoye ishengero EUSEBU i Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, barahagaritswe n’igipolisi c’i Nyanza-lac kuva ku munsi wa gatatu. Indyane zifatiye ku kutubahiriza ibiringo bitegekanijwe mu mategeko y’iryo shengero, ni zo zabaye intandaro y’iryo hagarikwa. Muri kino gihe bakaba bapfungiwe muri komisariya y’igipolisi mu ntara ya Makamba.