I. Imyidogo ni myinshi mu bapolisi bato bato inyuma yaho integuro y’itegeko yongera uturusho intwazangabo ku rwego rw’igipolisi zigiye mu karuhuko bita retraite, yigiwe mu nama nshingamateka irungitswe na leta. Abo bapolisi bavuga ko ari akarenganyo kubona badahabwa ikibanza co kimwe n’izo ntwanzangabo, kandi bakorera urwego rumwe rw’igipolisi c’igihugu.
II. Imiliyoni 150 z’ama dolari y’amanyamerika, n’ukuvuga imiliardi zababa 300 mu mafranga y’amarundi niyo mafranga igihugu c’Uburundi kigiye kuronswa na Banqui y’isi yose, mu ntumbero yo gufasha kugabanya ubukene no gufata mu mugongo imigwi y’abantu babangamiwe gusumba abandi. Ayo mafranga yemewe kw’igenekerezo rya 14 muri uku kwezi kwa kigarama turimwo. Ku bwa Jean Christophe Carret ajejwe ibijanye no gutanga amafranga ku bihugu vy’ Uburundi, Repubulika iharanira demokarasi ya Congo, Angola na Sao Tomé et Principe, yongerako ko ayo mafranga azofasha abakenyezi n’abakiri bato kwiyungunganya mu bikorwa vy’iterambere n’ubutunzi.
III. Uwahora ari umunyabigega wa komine Ndava, mu ntara ya Mwaro, amaze indwi apfunzwe. Yagirizwa kunyuruza amafranga ava mu makori ya komine abicishije ku batozakori. Uwo munyabigega wa komine yaciye asubirizwa uwari yakuwe n’itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati. Abanyagihugu bakaba bafise amakenga ko komine ataho iriko irava ija, ahubwo ko hoba hariko hategurwa ubundi busuma bw’ikigega ca komine.
IV. Ibitaro vy’igisirikare vyo mu Kamenge birarajwe ishinga n’irwirirana ry’umugera wa corona mu bakozi bakorera ivyo bitaro. Bamwe mu bakozi bakaba bariko baravurirwa muhira. Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa kane, umuyobozi w’ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge Général Marc Nimburanira yahisemwo kugira indinganizo nshasha, kugira abitura ivyo bitaro bakirwe neza. Akaba yashizeho imigwi ibiri izoza irakora ihanahana, haba mu minsi y’akazi canke iy’akaruhuko. Ubwo butumwa buje bwiyongera ku kamo katanzwe kuri uyu wa kane n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, aho yamenyeshako umugera wa Covid-19 wabaye mwinshi mu gisagara ca Bujumbura cane cane. Kuri iyo mvo, ibindi bibanza bitandatu bishasha vyo kwipimishamwo vyaciye vyugururwa kuri uyu wa kane nyene, anasaba abanyagisagara kwirinda ingendo zidakenewe.
V. Ni vyiza ko leta y’Uburundi yahavuye yikubita agashi ikabona ko ikiza ca Covid-19 kiriko kirimonogoza , iyo leta ikaba iriko irafata izindi ngingo zo kucirinda. Ivyo bivugwa na Karori Nditije arongoye umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi bw’i Gitega. Asaba iyo leta gufata ingingo zikomeye zijanye no kwirinda ico kiza, na cane cane guhimiriza abanyagihugu kuja kwicandagisha kandi abategetsi bagatanga akarorero.
VI. Umuntu naho yoba aserukira leta agakora icaha canditswe mu gitabo mpanavyaha c’Uburundi, arakurikiranwa n’amategeko. Bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, inyuma yaho umunywanyi w’umugambwe CNL Matata Augustin yitavye Imana, bivuye ku kuborezwa igufa vyakozwe n’abakozi bo mu biro bikuru vy’iperereza. Kubwa Janvier Bigirimana, leta nayo nyene irashobora gukurikiranwa kugira itange indishi kuri uwo muntu yakorewe ikibi, canke ku basigwa biwe. Inyuma y’imisi 2 uyo munywanyi wa CNL yitavye Imana, ntaco ibiro vy’iperereza birashikiriza ku bijanye n’urwo rupfu no ku bijanye n’ivyo urwo rwego rwa leta rwagirizwa.
VII. Ihohoterwa n’itotezwa ririko rikorerwa abanyeshure biga kuri kaminuza y’i Buhumuza mu ntara ya Cankuzo n’urwaruka rw’imbonerakure rwiga kuri iyo kaminuza rirateye isoni na gahinda. Ivyo bivugwa na Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, aho avuga ko kubona urwaruka rw’imbonerakure rwarihaye ububasha bwo guhana, mbere no kwica abajejwe kurongora igihugu babona. Uyo munyepolitike asaba nyabuna ko urwo rwaruka rwosubizwa ku murongo. Uruganda rwa radiyo Inzamba rumaze kurondera uwurongoye igisata ca Kaminuza kiri muri ico kigo ca Buhumuza ubugira kabiri, ariko n’ubu ntiyashatse kugira ico avuze kuco bariko barakora kuri ico kibazo.