I. Umukenyezi n’umwana wiwe w’umwigeme akiri muto baraye bagandaguwe bari mu nzu bacumiswe imbugita n’abagizi ba nabi bataramenyekana, mw’ijoro ryo ku wa gatanu rishira uwa gatandatu, ku mutumba wa Muzingi, zone Gisanze muri komine Gashoho, ni mu ntara ya Muyinga. Abantu 5 harimwo 2 babana hafi n’uwo muryango, bakaba barahagaritswe n’igipolisi ku mvo z’amatohoza. Uwo mukenyezi yaraye agandaguwe azwi kw’izina rya Jeanine Kabagabirwa akaba yabana mu nzu n’utwana twiwe 2, muri site y’abateshejwe izabo aho ku Muzingi. Muri iyo ntara ya Muyinga hari haciye indwi 2, umukenyezi Joselyne Niyonkuru agandaguwe n’umugabo wiwe ku mutumba Bihogo, komine Gasorwe amukubise amahiri.
II. Hari ikiziga c’umunywanyi w’umugambwe CNL ku mutumba Kivumu muri komine Matongo, intara ya Kayanza, kiri mu buruhukiro ahataramenyekana kugeza ubu. Innocent Barutwanayo haheze indwi zibiri yitabiye Imana mu biro bikuru vy’iperereza mu gisagara ca Bujumbura aho yariko aborezwa igufa. Yajanyweyo ari indembe akuwe mu bitaro bikuru vyo mu Kayanza aho bamutwaye naho nyene yarasinzikarijwe ubuzima n’abatwara iperereza muri iyo ntara. Abiwe babandanya kubaza abajejejwe intwaro aho ikiziga kiri kugira ashobore guhambanwa iteka, ntibaronke inyishu.
III. Inyuma ya Augustin Matata yapfiriye kwa muganga inyuma y’ihohoterwa yakorewe mw’iperereza, Aimé Magera avugira CNL ku mugabane wa buraya, amenyesha ko hari n’abandi indwi bazimanganye muri ubwo buryo. Asaba abarundi gufatana mu nda bakiyamiriza ayo mabi akorwa na leta idakunda abo irongoye. Magera asaba amakungu nayo kutigira sindabibazwa mu bibera I Burundi.
IV. Bamwe mu bakozi b’iperereza bagirizwa kwica abantu babanje kubaboreza igufa batanguye gufatwa. Amakuru uruganda rwa Radiyo Inzamba rufise n’uko uwitwa Gérard Ndayisenga yahora arongoye iperereza mu ntara ya Mwaro yaraye yinjijwe ibohero rikuru rya Mpimba. yagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’abanywanyi b’umugambwe CNL Augustin Matata, na Innocent Barutwanayo. Bivugwa ko hari n’abandi bakozi b’iperereza bashobora gufatwa. Gérard Ndayisenga akaba asanzwe azwi cane mu mabi yo kuboreza igufa ababa bari mu minwe y’iperereza atigeze akurikiranwako nko mu ntara ya Muyinga na Mwaro aho yararongoye iperereza.
V. Abanywanyi b’umugambwe CNL bari mu mugwi ujejwe ivy’ubutunzi mu nama mpanuzwajambo ya komine Giharo iri mu ntara ya Rutana, baranse gukurikira kuri uyu wa gatanu inama y’uwo mugwi ujejwe ivy’ubutunzi. Intandaro ya vyose akaba ari uko iyo nama yabereye mu ngoro y’umugambwe CNDD-FDD kandi yahora ibera ku biro vya komine. Abanywanyi b’umugambwe CNL bakavuga ko bakumiriwe muri iyo nama.
VI. Ukwiyongera kw’abandura ikiza c’umugera wa corona birabangamiye Uburundi, co kimwe nk’ibindi bihugu vyaba ivy’akarere eka no kw’isi yose. Leta ikaba isa n’iyiriko irahindura inyifato, mu kwemera ko ico kiza kiriko kirarwirirana ari na co catumye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufata ingingo zimwe zimwe, harimwo ukurwiza ibibanza bapimiramwo mu gisagara ca Bujumbura. Mu bihugu bibanyi, ukwiyongera kw’ico kiza kiriko gituma ama leta afata ingingo zikomeye.
VII. Isekeza ryo gutanga Vitamine A ku bana bafise musi y’imyaka itanu kuri uyu wa gatanu ni ho ryatanguye mw’ikambi y’impunzi ya Nduta muri Tanzaniya. Uko amezi atandatu aheze ico gikorwa kiratunganywa, ariko amakuru avayo yemeza ko ubu kitariko kiritabwa neza n’abavyeyi. Basigurako ari kubera umuryango utabara imbabare Croix Rouge utategekanije no kugutanga ibinini vy’inzoka ku bana nkuko vyahora.
VIII. Abarongoye ama komine, nibo bagiye kuba abakoresha b’abakozi ba leta bayakoreramwo. Umukozi wa leta wese azoza arasuzumwa na musitanteri. Iyo ngingo yafashwe n’umushikiranganji w’abakozi ba leta. Mu kiganiro kw’isôko c’uno munsi, tugaruka kuri iyo ngingo iteye amakenga abatari bake.