Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/12/2021

Publié le 28 décembre 2021 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahamagarira indongozi zitandukanye mu gihugu kutanyonora no gufata neza amatungo ya Leta. Evariste Ndayishimiye akaba yabivuze mu gikorane gisozera umwaka 2021. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ryiyemeje kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, avuga ko amajambo nk’ayo aryoshe umukuru w’igihugu Ndayishimiye ayavuga kuva mu kwezi kwa gatandatu 2020 agishika ku butegetsi, ariko ayo majambo ikibabaje ntajana n’ingiro.
II. Général de Brigade Silas Pacifique Nsaguye, ubu ni we aramutswa iperereza rya gisirikare nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu ryo kuwa 22 uku kwezi. Yasubiriye Colonel Ernest Musaba yari muri ico kibanza kuva muri nyakanga 2019. Kubwa Pacifique Nininahazwe, arongoye isekeza Ndondeza ku banyuruzwa n’inzego za leta bakaburwa irengero, uwo mutegetsi mushasha ngo aje gutwara igisata cabaye rurangiranwa mu kunyuruza abantu, bagaheza bamwe muri bo bakaburwa irengero. Aratanga bumwe mu burorero bw’abanyurujwe n’urwo rwego.
III. Ukwo gusubiriza abatwara iperereza rya gisirikare ryoba rije mu ntumbero yo gutuza ubwo bubisha? Pacifique Nininahazwe arongoye isekeza Ndondeza  nta mwizero abifiseko.
IV. Hari abapolisi batatu bakorera I Buganda  bamaze indwi zitatu bapfungiwe mu gasho k’iperereza mu ntara ya Cibitoke. Bahagaritswe n’uwutwara igipolisi mu ntara ya Cibitoke kuwa 11 Kigarama 2021, abagiriza kuba bararekuye umunyagihugu bafashe afise ibiyayuramutwe. Ariko rero abo bapolisi barahakana ivyo bagirizwa, n’aho uyo mu commissaire ariko abatera ubwoba ko azohemuka abakuje mu kazi nk’uko vyemezwa na bamwe mu miryango y’abapfunzwe. Imiryango yabo ikaba isaba ko ubutungane bwokumviriza ababo bakamenya neza ikibagira.
V. Imyaka 2 n’igice y’ugupfungwa n’ukuriha ihadabu ry’amafaranga 100.000 umwe umwe wese, ni co gihano umushikirizamanza wa Republika muri parake ikukira sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Ngozi yaraye iciriye kuri uwu wa mbere, abagabo bane bo mw’idini ry’aba adventiste bo ku musi w’indwi. Abo nabo bakaba ari abo muri zone Mparamirundi, komine Busiga n’intara ya Ngozi. Bagirizwa kuba barakubaguye kuwa 25 Kigarama uyu mwaka bongera bagakubita umwe mu ndongozi nshasha z’iryo shengero mu gihe c’amasengesho.
VI. Ibirasi vy’amashure bitari bike, zimwe mu nzu z’abanyagihugu hamwe n’imirima vyaraye vyononywe n’imvura ivanze n’igihuhusi yaguye muri iri joro ryo kuri uyu wa mbere, ku mitumba itandukanye yo zone Ruteme ya komine Bugarama, mu ntara ya Rumonge. Abanyagihugu bo muri zone Ruteme basaba ko leta n’abasanzwe bayifasha boja kubagarukirako. Imvura nk’iyo yaraguye kandi muri komine Rusaka, y’intara ya Mwaro.
VII. Ivyuma bifasha uruja n’uruza ku mabarabara mu gisagara ca Bujumbura ntibigikora, n’aho bikora bigakora mu kajagari mu bice bitandukanye vy’ico gisagara. Bamwe mu batwara imiduga bavuga ko ivyo bituma haba amasanganya hamwe no gukoresha umwanya munini ku biyunguruza. Basaba ababijejwe kunagura ivyo vyuma.

Ibindi bisa n'ibi