I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aremanga ko hariho abantu banyuruzwa mu Burundi, ariko akavuga ko abo bantu banyuruzwa n’imigwi y’iterabwoba ikabikora kugira ngo vyitirirwe ubutegetsi. Ivyo yabivugiye mu kiganiro co kuri uyu wa gatatu yahaye abamenyeshamakuru n’abanyagihugu. Pacifique Nininahazwe arongoye isekeza Ndondeza mw’ishirahamwe FOCODE, avuga ko umukuru w’igihugu yateye intambwe ko asigaye yemera ko hariho abantu banyuruzwa, kuko haraciye iminsi yavuga ko ata bantu banyuruzwa mu gihugu.
II. Abanyororo na bo baheruka guhitanwa n’umuriro mw’ibohero rya Gitega, umukuru w’igihugu aremeza ko bahambanywe iteka Evariste Ndayishimiye yabishikirije muri ico kiganiro nyene mugisagara ca Bujumbura. Mw’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi bakurikiranira hafi ubuzima bw’abanyororo mu mabohero, baratangazwa no kwumva umukuru w’igihugu yita iteka guhambwa ijoro ata miryango y’ababuze ihari.
III. Umugabo n’umugore wiwe bo mu gisagara ca Minago muri komine n’intara ya Rumonge, barapfunzwe kuva ku w’Imana uheze. Umukenyezi apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi ya Rumonge, umugabo wiwe nawe bari bafatiwe rimwe, yajanywe n’uwurongoye iperereza mu Rumonge mu kibanza kitaramenyekana. Ababanyi b’uwo muryango bafise impungenge ku mutekano w’abafashwe.
IV. Abanyeshure 5 mu bariko bakora ikibazo co kwinjira mu gipolisi mu rwego rw’abapolisi bato bato, bahagaritswe mu gihe bariko barakora ikibazo mu ntara ya Makamba. Nk’uko bivugwa na bamwe mu bariko bakora ico kibazo, abo bahagaritswe ngo bamwe bafashwe bariko barakoreranira ikibazo, abandi ngo bakaba hari n’abakorera abandi kandi bataje. Muri abo 5, 3 ngo bavuka muri komine Kibago, 2 muri komine Kayogoro, uwugira 6 na we ava muri komine Kibago akaba yaciye ayanyaga arahunga mu gihe yabonako abandi batanguye guhagarikwa. Abo bahagaritswe bose bakaba baciye bakurwa aho bariko barakorera kw’ishure ry’akarorero rya Makamba, bajanwa mu gasho k’igipolisi ngaho muri komine Makamba, nk’uko bivugwa na bamwe mu miryango y’abo bahagaritswe. Abari biyandikishije mu rwego rw’abapolisi batobato bakaba bose hamwe mu ntara ya Makamba ari 110, nk’uko amakuru dukura ngaho abivuga.
V. Ugupfungwa amezi umunani n’ukuriha ihadabu ry’amafaranga 100.000, ni co gihano sentare nkuru y’igihugu ya Ngozi yaraye iciriye kuri uwu wa kabiri, uwitwa Déo Kagabo avuka muri zone Mparamirundi, komine Busiga n’intara ya Ngozi. Ni inyuma y’aho yagiwe n’icaha c’ukuba yaragararije itegeko ry’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu kurwanya indongozi z’ishengero ry’aba adventistes b’umusi w’indwi aho i Mparamirundi, kandi ari zo zemewe n’amategeko. Yarongeye yagirwa n’icaha c’ukuba yarakubise pasitori Nsengiyumva, umwe mu ndongozi z’iryo shengero, Déo Kagabo na we nyene asanzwe asengamwo. Abandi bagenzibe ari bo : Moïse Simbandumwe, François Bigirimana na Onesphore Sinamenye, iyo sentare yabahanishije ugupfungwa amezi atanu, n’ukuriha umwe umwe wese ihadabu ry’amafaranga 100.000 nyene kuko bagiwe n’icaha co kugumuka. Ivyo vyaha bakaba babikoze kw’igenekerezo rya 25 Kigarama uno mwaka, mu gihe bari mu rushengero mu masengesho.
VI. Imyidogo ni myinshi mu bagwayi basanganwa umugera wa Corona mu ntara ya Kayanza. Bavuga ko badahabwa imiti ikwiye yo kuvura ibimenyetso vya Covid-19, bagategekwa kuba barafata iyibonetse mu kurindira ko iyindi iboneka. Ibitorohera abo baba bagwaye, bakaba bafise impungenge z’uko amagara yabo ashobora gusinzikara. Abo bagwayi basaba leta kuronsa amavuriro yose y’iyo ntara imiti yose ikenewe kuri abo bagwayi.
VII. Imvura y’igihuhusi yaguye ku muhingamo wo ku musi wa mbere no kuri uwu wa kabiri muri komine Gahombo, mu ntara ya Kayanza, yarononye imirima y’ibiterwa itari mike yo ku musozi wa Nzewe n’iyindi vyegeranye. Nk’uko Ntunzwenayo Sylvestre, musitanteri w’iyo komine abimenyesha, iyo mvura yononye ama hegitari 50 y’imirima aha nini y’ibigori, ibiharage n’ibiraya n’amahegitari 5 y’imirima y’ibitoke. Iruhande y’ivyo, ibirasi bitatu n’ubwiherero vyo kw’ishure shingiro vya Nzewe, amabati yari abisakaye yaragurutse. Eka n’igice ca succursale ya paroisse ya Rukago na co nyene cataguruwe n’umuyaga. Abanyagihugu bahuye n’ivyo vyago ubu ngo bakaba batagira ayo bacira n’ayo bamira. Bagasaba abagiraneza kubagarukirako. Imvukira na zo zo muri iyo komine zigaterwa akamo n’iyo ndongozi kugira ico ziterereye, mu gusanura ibirasi vyagurutse muri kino gihe abanyeshure buca basubira kw’ishure.
VIII. Ibikorwa bikorerwa kw’ibarara ryitiriwe uwa 28 Munyonyo mu gisagara ca Bujumbura birahungabana, kuva hatangujwe igikorane na leta y’i Bujumbura ku kibuga ca ETS Kamenge. Nk’uko bivugwa n’abahakorera hamwe n’abaca kuri iryo barabara, abapolisi n’abasirikare bacungera abategetsi baja canke bava muri ico gikorane barabatera ubwoba bakanabaturubika.