I. Si amakungu ahubwo n’Uburundi bwo nyene bubwirizwa gutunganya ivyerekeye ihonyabwoko, ico caha kiri mu gitabo mpanavyaha c’Uburundi. Ivyo n’ivyavuzwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye kuri uno wa gatatu mu kiganiro yahaye abanyagihugu. Ni mu gihe yariko arishura ikibazo c’abibazako umugwi CVR ujejwe kunywanisha abarundi, ata burenganzira ufise bwo kwemeza ko ubwicanyi bwabaye mu 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu. Evariste Ndayishimiye akavuga ko ico ari igikorwa ca leta y’Uburundi.
II. Uburundi n’inzego zabwo nta bubasha na bumwe bufise bwo kwemeza ko mu Burundi habaye ihonyabwoko ry’abahutu mu mwaka 1972-1973, nk’uko vyaraye bimenyeshejwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Bisigurwa n’umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse, yigeze kuba umukenguzamateka. Amenyesha ko vyose bishingwa hisunzwe ibwirizwa kandi amabwirizwa yama agenga ibihe biri imbere, kandi bigaragarira mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi mu ngingo 39 na 41. Abonako umugwi CVR mu kuvuga ko habaye ihonyabwoko mu Burundi wisunze izindi nyungu ikoreshejwe n’umugambwe uri kubutegetsi.
III. Eka na Frédéric Bamvuginyumvira asigura ko kwumva umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko bashobora kwihanira ivyaha vy’agahomeramunwa harimwo n’ihonyabwoko, ngo ni inzira yo kwanka burundu amasezerano ya Arusha. Uyo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ku bwiwe ivyo bibazo vyose Arusha yari yabitoreye inyishu.
IV. Ikindi Frédéric Bamvuginyumvira avuga, ngo n’uko mu gihe umugwi CVR utoba ugifise intumbero ya Arusha, ivyovamwo vyose bica bifatwa n’iyo Leta ikigirira ivyo ishaka.
V. Muri ico kiganiro nyene co kuri uyu wa gatatu, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yarifatiye mu gahanga, umwe mu bamenyeshamakuru yamubajije ikibazo kijanye n’abanyororo bahitanywe n’umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega ko boba batarahambwa. Umukuru w’igihugu akaba yamwishuye amuryagagura ko bamaze guhambwa. Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ akaba anegura iyo nyifato yishuyemwo uyo mumenyeshamakuru, akabona ko biza bisubiza inyuma umwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi.
VI. Innocent Barutwanayo, umunywanyi w’umugambwe CNL, yaba ku mutumba Kavumu wa komine Matongo mu ntara ya Kayanza, yishwe yabanje kuborezwa igufa mu gasho k’iperereza mu Kayanza n’ubu ntarashingurwa. Ikiziga ciwe kiracari mu buruhukiro bw’ibitaro Prince Louis Rwagasore. Abegereye umuryango wiwe basaba kumenya ukuri kw’igandagurwa ry’uwabo, kandi ko abamwishe bakurikiranwa.