I. Gufatana mu nda no gusenyera ku mugozi umwe, ni vyo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye asaba abarundi, kugira babungabunge amahoro n’umutekano biri mu gihugu cose. Amenyesha ko bitangeze uko, abansi bashobora kubaca mu ryahumye. Hari mw’ijambo risozera umwaka yashikirije abarundi kuri uno wa gatanu.
II. Amahoro aracari kure nk’ukwezi mu Burundi. Ivyo ni ibivugwa na Yohani Minani arongoye urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na leta. Asigura ko mu gihe ubutungane buzoguma bujogajoga, hakaguma havugwa abantu bicwa, banyuruzwa bagatotezwa, abandi bakangazwa, ntawuzovugako hari amahoro adashaka kubesha amakungu. Asaba leta y’Uburundi kwikubita agashi igakora ibishoboka vyose, kugirango ayo mahoro n’umutekano bisasagare mu Burundi. Ni mu gihe kuri uno wa mbere nzero, isi yose ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro.
III. Mu gisata c’ubutungane, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko gisigaye ari igisata cifashe neza ubu, kuko leta yagiye ihindura vyinshi. Ama dosiye menshi ajanye n’amatati y’amatongo, amatati y’imiryango navyo ngo bigiye gutorerwa umuti n’intahe yo ku mugina, igizwe n’abagiye gutorwa ku mitumba.
IV. Urunani RCP ruhamagarira abarundi kuba intungane, ruratangazwa n’ingene umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ashira imbere imanza zifatiye ku matati y’amatongo n’imiryango, kandi mu vyo yoshize imbere harimwo n’imanza zijanye n’ubwicanyi n’ayandi mabi, imanza zijanye n’ivya politike cane cane kuva mu mwaka wa 2015. Gervais Nibigira, ni icegera c’uwurongoye urunani RCP.
V. Muri uyu mwaka mushasha wa 2022, abarundi baba mu buhungiro inyuma y’igihugu bose bahuriza ku kwifuriza Uburundi kuronka amahoro. Kugira ngo bushike kuri ayo mahoro, abo barundi nyene bipfuzako hoba iyubahirizwa ry’agateka ka muntu n’ukurandurana n’imizi ukudahana abakorera amabi atandukanye, agirirwa abanyagihugu.
VI. Intwazangabo mu nyamiramabi Bertin Gahungu yaraye agenywe kuja gukorera mu buserukizi bw’Uburundi i New York muri leta zunze ubumwe za Amerika, mu gisata c’umutekano. Bertin Gahungu avugwa mu mabi yo guhohotera agateka ka zina muntu, na cane cane mu gihe c’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza. Ico gihe akaba yari arongoye igisata c’iperereza mu gihugu hagati.
VII. Abakenyezi b’abatwa 9 ni bo bapfungiwe mw’ibohero y’intara ya Bururi mu gihe sentare nkuru y’iyo ntara yamaze kubacira urubanza rwo kubarekura ivy’imfatakibanza. Amakuru dukura aho I Bururi avuga ko ingingo yo kubagumiza mu munyororo yazananye ku mushikirizamanza muri iyo ntara. Agricole Ndayitwayeko ni we yatanze itegeko ko abo bakenyezi batorekurwa atahishikiye, nawe akaba yaramaze indwi atabarizwa muri iyo ntara, nk’ukwo ayo makuru abandanya abivuga. Abo bakenyezi b’abatwa bakaba bagirizwa ubuhumbu, prostitution mu gifaransa, abaharanira agateka ka muntu bakabona ko uyo mushikirizamanza wo mu ntara ya Bururi ashira imbere uguhohotera abakenyezi. Yaheruka gucibwa urubanza na sentare isubiramwo imanza ya Makamba, kubera uguhohotera umwana w’umukobwa w’umunyeshure afise imyaka 17.
VIII. Abana bata ishure batera barwira mu mashure y’intango atandukanye yo mu ntara ya Bubanza. Abana, abavyeyi be n’abigisha baremeza ko habaye guheba amashure muri kino gice ca mbere ku rugero rutari rumenyerewe. Imvo nyamukuru ni ubwinshi bw’abana mu mashure babandanya gukurikirana ivyigwa bicaye hasi, leta nayo ntiheze ngo iborohereze kwiga mu gateka kabo.
IX. Mu kiganiro Kw’Isôko c’uno munsi wa gatandatu wa mbere w’umwaka wa 2022, tugaruka ku bukene bwugarije hafi ica kabiri c’abarundi, nk’ukwo biri mu vyigwa vy’ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro vy’ubuzima bw’igihugu ISTEEBU.