I. Umurundi umwe yaraye yishwe arashwe, uwundi arakomereka mu gitero c’abantu bitwaje inkoho batamenyekanye. Ivyo bikaba vyabereye i Lusaka ku murwa mukuru w’igihugu ca Zambiya mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igihe c’isaha zine z’ijoro. Uwo yishwe n’uwo yakomeretse bose bakaba barashwe basanzwe mu kazu badandarizamwo, abo bose bakaba bavuka muri komine Vugizo, intara ya Makamba.
II. Haratowe ikiziga c’umuntu w’umusore ku musi wa kabiri aho bita ku mushwabure ku mutumba Ruvuga hafi y’urubibe rw’Uburundi n’igihugu ca Tanzaniya muri komine Mabanda y’intara ya Makamba. Nk’uko bivugwa n’ababa ngaho ku mutumba Ruvuga wa zone Gitara, uwo muntu biboneka ko yari umusore, yapfuye anizwe nk’uko bivugwa n’ababonye ico kiziga aho cari kiri ngaho ku mushwabure, mu gitondo co kuri uyu wa kabiri. Abajejwe intwaro n’igipolisi bakaba baciye banyarukira gutora ico kiziga, bagishira mu buruhikiro bw’ivuriro rya Mabanda, imbere yo guhambishwa na komine Mabanda nyene, imbere y’umutaga wo kuri uyu wa gatatu.
III. Abantu babiri harimwo umwungere w’ishengero Pentecôte rya Nyaburumba ku murwa mukuru w’intara ya Makamba hamwe n’umwe mu basengera muri urwo rusengero, bafungiwe mu gasho ka commissariat y’igipolisi i Makamba kuva kuri uyu wa gatatu. Bariko bakorwako amatohoza inyuma yaho ahitwa Matonge hatowe akana k’akayoya kakivuka. Ako kayoya bivugwa ko koba ari ak’umwigeme yasengera kuri urwo rusengero.
IV. Abanyagihugu bo muri zone ya Gitaza iri muri komine ya Muhuta mu ntara ya Rumonge, baridogera abasirikare bamwe bamwe bakorera muri ako karere. Bavugako abo basirikare babakoresha ibikorwa bigoye, ku nguvu. Ngo babategeka kwikorera imizigo y’ibifungurwa bijanwa ku kirindiro kiri ku musozi Mubanga. Abo banyagihugu bagasabako ivyo bikorwa bategekwa gukora vyohagarara.
V. Ishirahamwe rukristu ACAT Burundi, rirwanya ihohoterwa rya kiremwamuntu, rirahagaritswe umutima n’ubukene bw’ibifungurwa bigenewe abanyororo mu mabohero atandukanye y’igihugu na cane cane ikiribwa c’ifu, aho haheze amezi atatu kitaboneka neza. Akarorero, ni mw’ibohero rya Ngozi, aho ku minsi 31 igize ukwezi guheze, abanyororo baronkejwe ifu iminsi 10 gusa. Kuri ubwo bukene bw’ibifungurwa mu bubiko, ACAT Burundi isaba abategetsi b’igihugu kudafata minenerwe ico kibazo, kuko gihonyanga amategeko y’igihugu, ay’akarere na mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi.
VI. Abantu bagera 578 ni bo bandura umugera wa corona ku munsi ku musi mu gihugu hagati kuva kw’igenekerezo rya 13 Kigarama mu mwaka uheze, aho habonetse abantu benshi bandura ku rugero runini cane. Nayo kuva kw’igenekerezo rya 2 na 3 nzero, habonetse abantu banduye umugera wa corona bangana 1475. Ivyo bikaba biri mu cegeranyo casohotse cerekana ingene umugera wa corona wifashe mu Burundi.
VII. Imyidogo ni myinshi ku borozi b’ibitungwa binini na bito mu ntara za Makamba na Rutana. Bagiriza abajejwe intwaro ku mitumba kubaka amafranga, bitwaje ingingo nshasha y’ubushikiranganji bw’uburimyi nubworozi yo gutungira ibitungwa mu ruhongore. Abajejwe intwaro ngo babasaba amafranga ntibabahe ibitansi, kandi abo borozi baba bariko baragira ibitungwa mu matongo yabo. Benshi muri abo borozi bahisemwo kugurisha ibitungwa vyabo vyose, abandi babihungishirije mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.
VIII. Mu gisata c’indero, umwaka uheze waranzwe no gusubira inyuma kw’inyigisho z’akanovera ku mice yose. Umwihwezo n’uw’umuhinga mu bijanye n’indero Libérat Ntibashirakandi. Imvo zitari zike harimwo ibijanye na politike, ubutunzi n’imibano bitaratsimbatara, ni zo zituma ico gisata kitava mu ngorane.
IX. Libérat Ntibashirakandi aratanga inyishu z’ico kibazo harimwo na cane cane ibijanye n’ubumenyi bwohabwa abarimu, hamwe n’ukubandanya hubakwa ibirasi mu gihugu. Aho umuntu ngo yoheza akagira icizere ko inyigisho z’akanovera zisubira gutangwa.
X. Ikibazo c’umuyagankuba kiriko kiritabwaho mu Burundi kugira abanyagihugu bashobore kuronka umuyagankuba bitagoranye. Vyashikirijwe na Uwizeye Ibrahim, umushikiranganji w’ubutare n’agataka, kuri uno wa kane, igihe yariko arashikirizwa ivyaranguwe. Yamenyesheje ko kugira babishikeko, hariko harubakwa ingomero hongera hanagurwa n’iyindi mihora yari ihasanzwe.