I. Ibiziga 21 bigizwe n’abasirikare b’Uburundi na bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure baguye mu ntambara zimaze imisi zivugwa mu karere ka Uvira mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, vyaratahukanywe mu Burundi mw’ijoro ry’uwa mbere ushira uwa kabiri. Bamwe bacanywe ku cambu ca Rusizi kiri muri komine Buganda y’intara ya Cibitoke, abandi bajabuka baciye muri komine Rugombo ahitwa Karurama.
II. Umunyagihugu Isaac Bamporubusa batazira Tango yanyurujwe kuva ku wa 30 Kigarama umwaka uheze, inyuma y’indwi zibiri gusa atahutse mu gihugu c’amavukiro. Amakuru Radiyo Inzamba ikura mu basirikare bo muri bataillon police militaire, yemeza ko ariho apfungiwe. Ayo makuru nyene akavuga ko hejuru yo kuborezwa igufa bidasanzwe, n’ubu amagara yiwe yoba atifashe neza aho apfungiwe. Kuva anyuruzwa, haraheze ukwezi n’imisi, nta muntu n’umwe mu biwe arasubira kumukubita ijisho.
III. Abantu mirongo ibiri na batatu (23) baragandaguwe, bane (4) baranyuruzwa, cumi na bane (14) barahagarikwa hadakurikijwe amategeko hamwe n’abantu batanu (5) basinzikarijwe ubuzima. Ivyo bishikirizwa na Augustin Nimubona ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe ACAT Burundi. Ivyo bitigiri biri mu cegeranyo cakozwe n’iryo shirahamwe ku bijanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu co mu kwezi kwa mbere uno mwaka. Iryo shirahamwe risaba leta kugira amatohoza yimbitse ku bantu baburwa irengero n’abicwa bagirizwa uburozi canke bapfa amatongo.
IV. Ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence na mazout bubandanya kwibonekeza mu ma station atandatu agize intara ya Kayanza. Station imwe ku munsi ni yo ishobora gutanga igitoro mu gihe izindi ziba zugaye. Ubwo bukene butuma akazi k’abakoresha ama modoka yo kunguruza abantu gahagarara, izikoze nazo zikidugiriza igiciro co kwiyunguruza.
V. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko iduzwa ry’ibiciro vyo kwiyunguruza co kimwe n’igitoro, bije bisongera isibe ku buzima buzimvye abo banyagihugu bari basanzwe barimwo. Bamwe mu bamwe mu bavuganye na Radiyo Inzamba bagasaba ko leta yoraba uko itorera umuti ico kibazo ciduzwa ry’ibitoro.
VI. Abarimyi b’umuceri bari mu mashirahamwe mu ntara ya Rutana komine ya Giharo baratabaza abarongoye igihugu, kuko bariko baribwa n’abarongoye umugambwe CNDD-FDD kuva ku rwego rw’intara gushika kuri zone. Babagiriza kubatorera ababarongora kugira baronke ingene bagurisha utwabo, bafashijwe n’abo bishiriraho. Akarorero batanga n’igurishwa ry’imachine 2 zisekura umuceri, zifise agaciro k’imiriyoni hafi 20, ariko uwurongoye umugambwe muri zone ya Giharo akazigura imilioni 3 gusa abicishije kuwo baherutse kugena ngo arongore urunani rw’ayo mashirahamwe.
VII. Umuyobozi w’ishure nshingiro rya Rukinga ya Kane, muri komine n’intara ya Rumonge bivugwa ko yahunze inyuma yo gutera inda umwigeme wo kuri iryo shure akanamufasha kuyikorora. Mu muryango w’uwo mwigeme bakaba banegura iyo ngendo, bagasaba ko abagize uruhara mw’ihunga ry’uwo muyobozi bohanwa.